26/06/2026
🎬 INZIRA YA KEZA — EPISODE 30 😭❤️🔥
🚑 Imodoka y'indembe yariko yiruka n'umuvuduko mwinshi.
Keza yari yicaye iruhande rwa Eric, afashe ukuboko kwiwe.
Amarira ntiyari agihagarara. 😭
Ati buhoro:
👉 "Eric... wambwiye ko utazonsiga. Ndakwinginze, sh*tsa isezerano ryawe." 💔❤️
Eric aca yugurura amaso gatoyi.
Aca afata ukuboko kwa Keza n'inguvu nke.
Ati:
👉 "Naho isi yose yohinduka... sinzoreka umuntu n'umwe agukorako." ❤️
Keza aca amwenyura mu marira.
Ariko umutima wiwe wari wuzuye ubwoba.
---
Ku rundi ruhande...
Sandrine yari kumwe na mama wiwe bari bamaze imyaka myinshi batabonana.
Sandrine aca amuhobera cane.
Ati:
👉 "Kubera iki wansize nkiri muto?" 😭
Mama wiwe nawe ararira.
Ati:
👉 "Sinagusize ku bushake. Hari abantu bashaka kunyica, kandi iyo tugumana twese, nawe bari kukwica." 💔
Sandrine aca arushiriza kumufata.
Yari amaze imyaka myinshi yibaza ico kibazo.
---
Wa mukecuru aca afungura ya sandugu ya zahabu akoresheje rwa rufunguzo. 🔑✨
Bose baca bahagarara.
Imbere muri yo...
Hari dosiye nini, amafoto ya kera n'urundi rwandiko rwari rwanditseko:
👉 "Ukuri ku rupfu rwa se wa Keza." 😳🔥
Wa mukecuru ntiyashoboye kurusoma.
Kuko amarira yari yamuzuye.
Mama wa Sandrine aca arutora.
Arusomye...
Aca ahindura isura.
Ati n'ijwi ryo hasi:
👉 "Oya... twaribeshye imyaka yose..." 😨
Bose baca bamutangarira.
Sandrine ati:
"Ni ibiki ubonye?"
Mama wiwe aca afunga urwo rupapuro ningoga.
Ati:
👉 "Ntimukwiye kubimenya ubu." ⚠️
---
Muri uwo mwanya nyene...
🚨 Umuganga arasohoka aho Eric ariko avurirwa.
Keza aca yiruka amusanganira.
Ati:
"Muganga... Eric ameze gute?" 😭
Umuganga aca aceceka akanya gato.
Amanura umutwe.
Ati:
👉 "Hari inkuru nziza... ariko hari n'inkuru mbi." 😳💥
Keza aca yumva umutima ugiye guhagarara.
---
😱 NONE:
👉 Ni iyihe nkuru nziza muganga afise?
👉 Ni iyihe nkuru mbi ashaka kubabwira?
👉 Ni ukuhe kuri kuri muri dosiye ya se wa Keza?
👉 Kuki mama wa Sandrine yavuze ati: "Twaribeshye imyaka yose?"
🔥 EPISODE 31 izoba irimwo amarira menshi, urukundo rukomeye n'ukuri kuzohindura ubuzima bwa bose.
👉 Andika "31" muri comments niba ushaka episode ikurikira. 😳👇
❤️ Like | 💬 Comment | 🔁 Share
👉 Follow: Mr Dudu official 📖🔥