08/10/2025
🛑 Genève : Tanzaniya igabisha ko igiye kwaka Abarundi uburenganzira bwo kuba impunzi
I Genève mu gihugu c’Ubuswisi, Tanzaniya yerekanye ko ibabazwa n’ingene Abarundi bahunguka ari bake cane, ica imenyesha ko igiye kubaka uburenganziza bwo kuba impunzi muri ico gihugu. Reta ya Tanzaniya ifata ko mu Burundi hari amahoro ni ituze. (Le Mandat)
Kuri uwu wa kabiri, mu nama igira 76 ya komite nshingwabikorwa y’igisata HCR kijejwe impunzi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, uwaserukiye Reta ya Tanzaniya yavuze ko bagiye guhagarika ibijanye n’ubuhungiro ku Barundi hamwe uguhimiriza gusubira mu Burundi bitotanga umusaruro uboneka. “Tuzoca twaka Abarundi uburenganzira bwo kwitwa impunzi muri Tanzaniya ni twabona ibijanye no gutahuka i wabo ataco bitanze.” Uwaserukiye Tanzaniya aca amenyesha ko mu mezi 8 aheze, Abarundi 1640 gusa ari bo gusa bamaze gutahuka ku bushake mu gihugu cabo.
Muri kino gihe, igihugu ca Tanzaniya kirimwo Abarundi b’impunzi barenga ibihumbi 150, benshi muri bo bakaba bagiye gusabayo ubuhungiro bivuye ku ntureka zatanguye mu Burundi mu 2015. Abategetsi ba Tanzaniya bategekanya gusigura neza ingingo bazoba bafashe mu nama izobahuza na Reta y’Uburundi hamwe na HCR mu kwezi kuza kwa Munyonyo.
Ku ruhande rwiwe, komiseri mukuru wa HCR yasavye Reta ya Tanzaniya gushira imbere ibiganiro ibicishije muri izo nama nyene z’inyabutatu. Fillipo Grandi aca asaba Reta y’Uburundi nayo gushiraho ibikenewe vyose kugira ngo yumvishe Abarundi bahunze ko bashobora gutahuka.
La 76ᵉ session du Comité exécutif du Haut-Commissariat des Nations unies pour les réfugiés (HCR) a démarré à Genève (Suisse) lundi 6 octobre 2025.