01/10/2025
💫Umuryango waw CIZA Rahma uratabariza uwabo apfungiwe mu Gihugu ça Arabia saoudite Kandi bakaba batazi amakuru yiwe nuko amerewe.
WORADE Amakuru yo ku wa 30//9/2025.
💫Ishirahamwe WORADE muvyo rijejwe harimwo guharanira agateka k'abakenyezi turarajwe ishinga n'iibiriko bishikira umupfasoni CIZA Rahma mur'ico gihugu.
*CIZA Rahma Ninde? Yagiye ryari?*
💫Rahma ni umurundilazi ,avuka ku mutumba wa mvugo, Commune Nyanza_Lac, intara ya Makamba mu ndindabiizo ya kera. ku makuru twakuye mumurango wiwe, Rahma yavuye mu Burundi yerekeza mugihugu ca *ARABIA SAUDITE* agiye kwisumamwo nk'abandi...
Yagiye mu kwezi igenekerezo rya 30/06/2023.. muca mwumva ko amazeyo Imyaka ibiri irenga gato.
💫Uwo mupfasoni w'imyaka 38 uko yagiye avyiteze mbere' n'umuryango uko wari uvyiteze ,siko vyagenze.. Amakuru Ishirahamwe WORADE ryaronse Ni uko Rahma yakoze amezi atatu gusa agaca akora Ikosa ryoba ryamushikanye kugupfungwa gushika iki gihe kandi umuryango ukaba utemerewe kumenya amakuru yiwe ..Ari nivyo biteye *Impungenge*!!
💫Rahma bivugwa ko yarungitswe nikigo gisanzwe gikora aKazi ko kurungika abakozi muri Saudia gikorera Imbere ya SAINT KIZITO, citwa Professional training and workforce placement Company kikaba kirongowe na MONA ALI ABDULLAH ALASMARI
💫 *WORADE* Kandi yaramenye ko umuryango wa Rahma wagerageje gutabaza uwuserukira Uburundi muri Saudia ariko gushika ubu ntakakambu arabaha ku wabo..
Nk'ishirahamwe rijejwe guharanira agateka n'ubutungane k'umukenyezi, turarajwe ishinga n'ibiriko bishikira uwo mupfasoni Rahma..Kandi dusaba ngo ababijejwe hamwe n'bigo birungila abo bakenyezi bikore ibishoboka Vyose uwo mupfasoni Rahma Ivyiwe bitorerwe inyishu.
Ku bwa WORADE: Women’s Organization for Rights, Advocacy and Development.