Worade

Worade Women's Organisation for Rights, Advocacy and Development | Organisation des femmes pour la défense de leurs droits, le plaidoyer et le développement.

 💫Umuryango waw CIZA Rahma uratabariza uwabo apfungiwe mu Gihugu ça Arabia saoudite Kandi bakaba batazi amakuru yiwe nuk...
01/10/2025



💫Umuryango waw CIZA Rahma uratabariza uwabo apfungiwe mu Gihugu ça Arabia saoudite Kandi bakaba batazi amakuru yiwe nuko amerewe.

WORADE Amakuru yo ku wa 30//9/2025.

💫Ishirahamwe WORADE muvyo rijejwe harimwo guharanira agateka k'abakenyezi turarajwe ishinga n'iibiriko bishikira umupfasoni CIZA Rahma mur'ico gihugu.

*CIZA Rahma Ninde? Yagiye ryari?*

💫Rahma ni umurundilazi ,avuka ku mutumba wa mvugo, Commune Nyanza_Lac, intara ya Makamba mu ndindabiizo ya kera. ku makuru twakuye mumurango wiwe, Rahma yavuye mu Burundi yerekeza mugihugu ca *ARABIA SAUDITE* agiye kwisumamwo nk'abandi...
Yagiye mu kwezi igenekerezo rya 30/06/2023.. muca mwumva ko amazeyo Imyaka ibiri irenga gato.

💫Uwo mupfasoni w'imyaka 38 uko yagiye avyiteze mbere' n'umuryango uko wari uvyiteze ,siko vyagenze.. Amakuru Ishirahamwe WORADE ryaronse Ni uko Rahma yakoze amezi atatu gusa agaca akora Ikosa ryoba ryamushikanye kugupfungwa gushika iki gihe kandi umuryango ukaba utemerewe kumenya amakuru yiwe ..Ari nivyo biteye *Impungenge*!!

💫Rahma bivugwa ko yarungitswe nikigo gisanzwe gikora aKazi ko kurungika abakozi muri Saudia gikorera Imbere ya SAINT KIZITO, citwa Professional training and workforce placement Company kikaba kirongowe na MONA ALI ABDULLAH ALASMARI

💫 *WORADE* Kandi yaramenye ko umuryango wa Rahma wagerageje gutabaza uwuserukira Uburundi muri Saudia ariko gushika ubu ntakakambu arabaha ku wabo..

Nk'ishirahamwe rijejwe guharanira agateka n'ubutungane k'umukenyezi, turarajwe ishinga n'ibiriko bishikira uwo mupfasoni Rahma..Kandi dusaba ngo ababijejwe hamwe n'bigo birungila abo bakenyezi bikore ibishoboka Vyose uwo mupfasoni Rahma Ivyiwe bitorerwe inyishu.

Ku bwa WORADE: Women’s Organization for Rights, Advocacy and Development.

01/10/2025

01/10/2025

  Ishirahamwe WORADE riratabariza umupfasoni ari mu gihugu ca Arabie Saudite. Asaba gutahanwa.Amazina yiwe yitwa KWIZERI...
26/09/2025



Ishirahamwe WORADE riratabariza umupfasoni ari mu gihugu ca Arabie Saudite. Asaba gutahanwa.

Amazina yiwe yitwa KWIZERIMANA Marie Rose, umurundikazi avuka mu ntara ya Bujumbura. Uwo asaba gutahanwa agaruke mu gihugu c'amavukiro kuko amagara yiwe ageze ahatemba.
Nkuko abivuga uwo murundikazi yarungitswe n'ishirahamwe (ikigo) El fayed. Amaze gushika aho muri Arabie Saudia ntiyorohewe kuko umukoresha wiwe yaramuhohotera cane, gushika naho agarageza kumusambanya ku nguvu, nawe aranka, nkuko binumvikana mu majwi yiwe yo gutabaza. Ivyo vyamuvyiriyemwo kubandanya ahohoterwa, umukoresha aramuboreza igufa.

WORADE amakuru yo ku wa 26/09/2025

KWIZERIMANA Marie- Rose gushika ubu ari mu gahinda n'umwiheburo, ubona ko yari yasize umuryango wiwe yizeye ko agiye kwisumamwo mur'ico gihugu kugira ngo ubuzima bubandanye, biteze Imbere, ariko uko yaravyitaze siko vyamugendeye, yahavuye agiranira ingorane n'uwo mukoresha wiwe, ari nayo mpamvu ubu ariko ataka atakamba kugira attahanwe mu gihugu c'amavukiro kugira yivuze neza akire.

Mw'ishirahamwe ryacu WORADE riharanira agateka k'abakenyezi turarajwe ishinga n'ico kibazo c'umupfasoni KWIZERIMANA Marie Rose, tugasaba dushimitse ko ishirahamwe El Fayed yaciyemwo(ryamurungitse) ryofata mu minwe ico kibazo kugira atahanwe mu Burundi avuzwe.

Kubw'ishirahamwe WORADE.

  L'organisation WORADE lance un appel urgent pour le rapatriement d’une citoyenne burundaise en détresse en Arabie Saou...
26/09/2025



L'organisation WORADE lance un appel urgent pour le rapatriement d’une citoyenne burundaise en détresse en Arabie Saoudite.

Mme KWIZERIMANA Marie Rose, originaire de la province de Bujumbura, se trouve actuellement en grande détresse en Arabie Saoudite et demande à être rapatriée d'urgence au Burundi.

Selon ses propres déclarations (confirmées par un enregistrement audio que nous avons pu consulter), elle a été envoyée en Arabie Saoudite par une agence nommée El Fayed. Une fois sur place, elle a été victime de graves abus de la part de son employeur, notamment des tentatives de viol, des violences physiques et psychologiques, qu'elle a courageusement refusées. Ces refus ont entraîné des représailles et un traitement encore plus dégradant.

Mme KWIZERIMANA Marie Rose, dont l’état de santé s’est fortement détérioré, vit aujourd’hui dans la peur et le désespoir. Elle avait quitté le Burundi avec l’espoir d’améliorer les conditions de vie de sa famille, mais se retrouve dans une situation alarmante, sans assistance ni recours.

En tant qu’organisation de défense des droits des femmes, WORADE exprime sa vive inquiétude face à ce cas de violence et demande instamment aux autorités compétentes, ainsi qu’à l’agence El Fayed, de prendre toutes les mesures nécessaires pour permettre son rapatriement immédiat afin qu’elle puisse recevoir les soins appropriés et retrouver sa dignité.

Fait à Bujumbura, le 26 septembre 2025
Organisation WORADE
(Pour la défense des droits des femmes, le plaidoyer et leur développement)

 Urudandazwa canke akazi gasanzwe? Kuber'iki abana b'abigeme n'abakenyezi b'uburundi bacitse ududandazwa mu bihugu vy'ab...
12/09/2025


Urudandazwa canke akazi gasanzwe?
Kuber'iki abana b'abigeme n'abakenyezi b'uburundi bacitse ududandazwa mu bihugu vy'abarabu.

Ishirahamwe riharanira agateka k'abakenyezi no kwiteza imbere mu Burundi, WORADE (Women’s Organization for Rights, Advocacy and Development) rirarajwe ishinga n'ibibazo vyinshi vyugarije abigeme n'abakenyezi b'abarundi barungikwa mu bihugu vy'abarabu, ariko bakabura gitabara. Benshi bari muri Arabie Saoudite, Qatar, Kuwait, Oman, Irak n'ahandi.

Mu ntango abo bigeme baja mur'ivyo bihugu nk'abagiye kurondera ubuzima, kugira biyungunganye, bifatanye n'ubukene bwugarije igihugu c'Uburundi. Bamwe muri bo baba barahejeje amashure, ariko bakabura ubuzi mu gihugu c'amavukiro. Ni vyiza ko umuntu aja kurondera akazi, ni navyo biteza imbere umuntu n'umuryango wiwe, ariko ikibabaje cane n'uko aho mu bihugu ry'abarabo bamwe mu mur'abo bakenyezi bahura n'ibibazo bitandukanye, bagatabaza batagira uwo bari butabaze mu gihe baba bafise amashirahamwe yabarungitse mur'ubwo buzi, ivyo bita Angence du travail.

Aha twashimye kugaruka kuri bimwe mu bibazo abo bigeme n'abakenyezi bahura navyo iyo bamaze gushika kur'ubwo buzi nkuko tudasiba kubishikiriza.

Abo bakenyezi bamaze gushika mur'ivyo b'igihugu vy'abarabu bamwe muri bo bahabwa abakoresha bataborohereza, bakoreshwa ubuzi bw'inguvu, bikabaviramwo indwara zitandukanye, ariko bakimwa uburenganzira bwo kwivuza. Hari abasaba ko bohindurirwa abakoresha babo kuko baba bafashwe nabi ariko bikagorana, tutibagiye abisabira gusubizwa mu gihugu c'amavukiro bikaba ikitoroshe kuri bo.

Ikibazo c'imishahara.

Hari bamwe mur'abo bigeme bahohoterwa bidasanzwe muguheranirwa agashahara kabo baba bakoreye. Bamwe baramara amezi n'amezi badahembwa. Ikibabaje cane bagize ngo barishuza abakoresha babo baca batangura kubatera ubwoba no kubahohotera. Hakaba n'abandi bimwa uburenganzira bwo kuvugana n'imiryango yabo baba basize mu Burundi ku matelephone.

None ni kuber'iki amashirahamwe yo mu Burundi atitaho abo bigeme n'abakenyezi ?

Hari amahirahamwe menshi mu gihugu c'Uburundi arungika abo bakenyezi n'abigeme mur'ivyo bihugu vy'abarabu, bisanzwe bifitaniye amasezerano, ariko ikibabaje cane n'uko ayo mashirahamwe adaheza ngo abakurikirane kur'ivyo bibazo baba bariko bahura navyo. Bamwe muri bo iyo batabaje ayo mashirahamwe bishurwa ko bokwimenya canke naho ntibumvirizwe, ibiheza bikababera intambamyi cane, bakabaho bihebuye cane mur'ivyo bihugu batavukiyemwo.

Mw'ishirahamwe dutera akamo leta guhagararira agateka k'abakenyezi b'abigeme barungikwa aho mur'ivyo bihugu, guhimiriza mashirahamwe arungika abo bana b'igihugu kubakurikirana mu bibazo vyose baba bahuye navyo, atar'uko naho ico gikorwa kizofatwa nko kwironderera inyungu zabo mu rudandazwa ry'abana b'igihugu, ibinyuranye n'amategeko mpuzamakungu agenga agateka ka zina muntu.

Kubw'ishirahamwe WORADE- Burundi riharanira agateka k'abakenyezi n'abigeme, kubavugira no kwiteza imbere.

Address


Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Worade posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Worade:

  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share