31/08/2026
Komine Bubanza: Zangendo zigamije gusangira ikiyago n'abenegihugu bo muma zone ayigize zari zatunganijwe na Musitanteri wayo Sabbas Niyokindi zasozererewe muri zone kuri uyu wa 31 Myandagaro....................................................................................
💁Mw'Ijambo ry'ikaze rya rongoye zone amenyesha ko amahoro n'umutekano bisasagaye mumitumba yose igize iyo zone. Eka mbere ngo n'abenegihugu bayo bari kukivi. Mugusozera ijambo ryiwe, yasabiye umutumba wa kuronswa abahuza kuko ngo uwomutumba ntabo ugira kubera ari mushasha.
🎙️Mw'Ijambo ahanini rigizwe n'impanuro rya Musitanteri wa komine Bubanza yasavye abenegihugu b'iyo zone kubandanya babumbatira amahoro n'mutekano aho ni mugihe iyo zone ifatanye n'ikibira. Mugihe hari abenegihugu bakijuragirika baja mw'ikomine kuronderayo utu na turiya, yabahamagariye kuza baritura intwaro ku mutumba vyanse biture zone maze muri komine hashikeyo ivyagoranye. Mugihe ikibazo c'ubukene bw'ifumbire y'ihinguriro , uwo arongoye komine Bubanza yagabishije abajejwe gutanga iyo fumbire bikika mukiza mugutanga iyo fumbire kubadandaza ko uwuzofatwa azohanwa. Mumpanuro ziwe kandi, Uwo arongoye komine Bubanza yasavye abenegihugu kwitwararika gukora ibikorwa vy'iterambere rusangi. Ku kibazo c'abana baheba amashure ku bwinshi, Musitanteri yahamagariye abavyeyi guhimiriza abana babo gukunda ishure yanahamagariye kandi abaraho kwijukira kwandikisha abana babo mubitabo ndangamuntu no gufutisha ababo mugihe bitavye Imana no guhagarika ingeso mbi yo guharika. Mugusozera, yibukije abaraho ko igihugu gifise ihangiro ryo kuzoba cifashe muri 2040 kandi giteyimbere muri 2060 aca agirako abasaba gutera n'imiburi buri ibiti 10 vy'amavoka kuri buri rugo hamwe n'ikawa.
💌Nayo mw'ijambo ryiwe, umushingamateka yatowe muntara ya Bujumbura bakaba n'imvukira ya zone yahamagariye abenegihugu kuza baritura abajejwe kubatunganiriza yaba sentare yo kumugina, abajejwe intwaro ku mutumba eka mbere no muri zone imbere yo kujuragiza abantu babajana mubiro vy'umushikirizamanza wa repuburika kandi ibibazo bafise vyategerezwa gutorerwa umuti na sentare yo kumugina. Yasavye kandi abaraho kubandanya babumbatira amahoro n'mutekano, gucungera neza ikibira kugira ngo ntihagire abaguma bajayo ngo bagiture no kwirinda ingeso mbi yo guharika kuko ngo iri mubituma haduka amatati mu miryango. Mugihe Uburundi bwimirije amatora mumwaka wa 2027, yasavye abobenegihugu kuguma kukivi bagakora ivyotuma bitezimbere kugira ngo baterere mu rugendo rw'imbonakazoza igihugu gifise.
Muri ico kiyago, abenegihugu baronse akanya ko gushikiriza akababakiye aho bashikirije ibibazo bitari bike ahanini bigizwe n'ibura ry'ifumbire, ubukene bw'abigisha bwibonekeza mu mashure ari kumitumba babako n'ibindi.
🎤Kubwabo, umuhanuzi wa Musitanteri muvyo ajejwe harimwo amategeko, icariho c'umushikirizamanza wa repuburika i Bubanza n'uwurongoye igiporisi muri komine Bubanza, inyuma yo kubasomera zimwe mu ngingo ziri mugitabo mpanavyaha c'Uburundi, basavye abenegihugu bari bitavye ico kiyago kugira urunani rw'intamenwa mukugwanya kuko ngo irakorwa kubwinshi muri iyo komine. Bahamagariye kandi abadandaza b'ibinyobwa vy'ihinguriro kwubahiriza ibiciro.