19/09/2026
🎙️ Luis García Plaza (umutoza wa Sevilla):
Barcelona niyaza hano igatsinda Sevilla bitagoranye, bizoba ngombwa ko twibaza tukamenya ico iyi kipe iriko irakora gituma iruta izindi zose, kuko izoba ihanganye n’ikipe nka twebwe iri ku rugero rwo hejuru cane.
Kandi nimba tudashoboye guhangana na yo, bizoba ngombwa ko twibaza igituma ata n’umwe ashoboye guhangana na Barcelona muri iki gihe.
Turizera ko dushobora guhangana na bo.
Ariko nimba Barcelona iza hano igakina na Sevilla, kandi jewe nizera ko Sevilla iriko irerekana urwego rwiza cane, hanyuma ntidushobore no kubegera, nk’uko vyagenze ku yandi makipe yatsinzwe ibitego 7, 5 na 4, bizoba ngombwa ko twibaza ku rugero iyi kipe ya Barcelona iriho, kuko ari urwego rwo hejuru cane, rutangaje.