
28/07/2022
🔴Burundi: "Hari abareka kwikingiza canke gukingiza ivyabo ngo vyose Imana irabibona ariko....ntibamenye ko impanuka idasezerana"
Ivyo vyashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere w'umukuru w'igihugu c'uburundi, Alain Guillaume Bunyoni ahanura abarundi kwijukira kujana ivyabo mu mazu y'ubwishingizi(maison d'assurance), igihe yariko arugura ibikorwa vy'indwi yahariwe ubwishingizi mu gisagara ca Bujumbura, kuri uyu wa 28 Mukakaro 2022.
Uyo mushikiranganji akaba yasavye abafise ayo mashirahamwe kwijukira kunyarutsa gutunganiriza ababituye bagize ibibazo.