15/07/2025
🔴"Abazohiganwa muri Nanje Ndaririmba uyu mwaka, boza bifitiye icizere kandi bateguye neza...."
🎙️Bikaba bivugwa n'umuririmvyi Just Gordon umwe mu baririmvyi bamenyekanye biciye mw'ihiganwa Nanje Ndaririmba, aho yagize ati"
"Abazohiganwa uyu mwaka bokwigirira icizere bakikuramwo ubwoba bakagaragaza ingabire zabo kandi bazoze bateguye neza bagize ama répétition akwiye"
😎Just Gordon yatanguye kuboneka mw'ihiganwa Nanje Ndaririmba ku ncuro ya kabiri, atahukana ikibanza ca gatatu, bivuye ku ngabire, uburongozi bwa Isanamu Entertainment bwaramufashe mu mugongo, ubu ari mu baririmvyi bakicaruka bakomeye cane aho amaze gusohora indirimbo zakunzwe nka :Akajuju, Umusazi, Indoto, Tuzogumana, Tuje kure, izindi zikaba ziri mu nzira....
✍🏾 Tubibutse ko ihiganwa Nanje Ndaririmba rizotangura icese kur'iyi wagatanu italiki 18/07/2025 guhera idaha zibiri z'igitondo,...
🎯Mu masaha make turashira ahabona urutonde rw'umwanya abazohiganwa bazoririmbirako.