23/05/2026
Uruhara rw’ibinyamikerera(légumineuses) mu gusubiza akanovera isi
Oscar NDUWIMANA akora mw’ishirahamwe mpuzamakungu IFDC arigana ingene ibinyamikerera bifasha mu kubungabunga amagara y’isi.
Uwo ajejwe uburimyi no gukosora umururazi w’isi muri iryo shirahamwe IFDC asigura ko ibinyamikerera ari birya biterwa bifise imikerera canke imihanyu nk’ibiharage, isoya, ubushaza, inkore, ibiyoba, Kaliyandra, Mukuna… Muri iyo mihanyu usanga birimwo imbuto imbere. Ivyo binyamikerera Kandi birafasha kuko birimwo ndemamubiri umuntu akenera.
Arongera ati ivyo biterwa ni vyo vyonyene bishobora gukoresha icunyunyu azote bisanga mu kirere. Ku mizi yavyo hariko ibintu bimeze nk’amahere harimwo ikinyabuzima citwa bacterie nka risobium, canke azotobactere..., ivyo bica bituma bishobora guhingura ya Azote yari mu kirere bigashobora kuyishira mu kuzimu igiterwa kikayikoresha.
Utwo duhere nodules canke nodosités turatandukanye n’uduhere gales tuva ku ngwara kuko iyo utwo tunodules udukuyeko ku muzi two turashobora kuvako ariko ako gale kava ku ngwara ugakuye ku giterwa wa muzi uca ukomereka.
Iyo azote rero ni icunyunyu ngirak**aro ku giterwa ituma igiterwa kigira amababi asa n’urwatsi rutoto amababi agatera imbere igiterwa kikagira ya ndemamubiri umuntu akenera mu mubiri.
Iyo Azote ni icunyunyu ngirak**aro mw’isi kuko ikenerwa n’ibindi binyabuzima.
Mu kubirima, ivyo biterwa vy’ibinyamikerera bikenera isi idatsindagiye, ihema kandi itagira umururazi.