Iriba ryiza

Iriba ryiza Live as you will die tomorrow. Pray as you are going to die, be holy as you see Jesus on sky.

Shalom. Incamake mu bishingantahe vyavuzwe mu kuganduka kuri Nyakwigendera Pasteur Mbonihankuye Elie. Mu vyamuranze, vya...
26/07/2025

Shalom.

Incamake mu bishingantahe vyavuzwe mu kuganduka kuri Nyakwigendera Pasteur Mbonihankuye Elie. Mu vyamuranze, vyamvuzweko, yaranguye mw'isi y'abakiriho:

1)Yar'afise urukundo rudasanzwe kandi ruhoze, rudatwarira hejuru kuko hari n'intahe zarwo ziriko zimenyekana ubu.

Akarorero: "Hariho umwana yari mw'irerero ry'impfuvyi, yararwaye anémie(yakama amaraso), hanyuma umugwi w'amaraso yar'afise, war'umwe n'uwa Nyakwigendera.

Naho yar'akuze mu myaka, yavuga ngo bamuvome amaraso, bayahe uwo mwana. Akamufasha, haciye igihe kanaka, bigasubira bikanka, bakamutelefona no mw'ijoro, bati wa mwana biranse. Nawe akarondera umuganga, agasubira kumufata amaraso, bakayashira muri wa mwana, arakura. None ubu ari muri Malawi, afise abana babiri. Akemeza ko naho ku biboneka,Nyakwigendera atakiriho, wewe ariho, amaraso yiwe akimukoreramwo. Yamubonyemwo urukundo rudasanzwe. Imana ibiheregwe Icubahiro n'ishimwe.

2)Ikindi yar'afise urukundo rw'igikorwa c'Imana. Akarorero: Umupasitori umwe ari mu mahanga yavuze ko Nyakwigendera ariwe yatanguje camp biblique mu Burundi. Kandi yatumye amenyana n'abakozi b'Imana bitahiye mw'Ijuru, Abungere Madengo na Ndikunkiko, mu nyuma amenyana na Bonnke na Billy Graham, aragukirwa mu gikorwa c'Imana kuko yamufashije vyinshi n'impanuro nyinshi. Uwo mu Pasitori yitwa Symeon ari mu mahanga yavuze ko ariko ategura igitabo, akigejeje kure, izina rya Nyakwigendera rizogaruka kenshi kubg'ikimazi yamumariye mu kumenyana nawe avuye kwiga theologie muri Amerika. Imana ibishimirwe. Amen.

3) Urukundo ku muryango wiwe.

Yabereye umugisha umuryango wiwe, bakuru biwe, abavyeyi biwe, haba mu biboneka canke mu buryo bg'impwemu kuko yabakurikirana. N'abuzukuru biwe, yarabitaho, akabaha n'ijambo. Yar'azi iminsi y'amavuko yabo, igeze, akabarungikira ingabanwa n'ibindi. Akabakurikirana baciga, akavyitangira, bakabitora. Abana bakabona ko umuvyeyi abakunda, abitaho, abaha agaciro mu kubaha umwanya n'ikiganiro, n'abuzukuru bagashikirwa, na bamwana biwe, uko, n'ivya Yesu Kristo akabivuga. Imana ibishimirwe.

4)Yar'umunyamwete muvyo yakora, akarangwa n'ubgenge. Yarizewe n'igihugu, aba inspecteur regional wa primaire mu ntara z'ubumanuko mu gihugu, amashure arwiriye, araba inspecteur cantonal, mu nyuma kubg'ama rapports yatanga meza kandi ku gihe, igihugu kirungika abantu 6 muri formation mu Bubiligi, na Nyakwigendera yarimwo. Na Ugl y'i Kiremba ari mu batumye ibaho, yararongoye n'amashure primaire na secondaire yo mw'ishengero rya Pentekote ry'i Kiremba, nk'uyakurikirana iy'ava akagera kandi yarinze arangiza ari umwe mu ba membres ba Conseil d'Administration ya Kaminuza y'ibiyaga binini y'i Kiremba.

5)Turangize tubamenyesha ko yar'intwari, yavuga make, avuze, akavuga amajambo arongoroye neza. Yaragenda n'amaguru agiye kuramutsa abatamakazi batakibasha, akabasengera, akabafasha mw'ibanga. N'ivugabutumwa yagize henshi mu Burundi, Amerika aserukiye ishengero muvy'abagideyoni batanga ama Bibiliya, n'ahandi. Mu nyuma ararwara, yitaba Imana, anarangiza neza Mpwemu Yera avyemeza nk'uko yabicishije muri Mwungere Bigirabagabo Joel w'i Ngozi n'abandi.

Imana ibishimirwe, yame idufasha kugeza kw'iherezo ryiza ryerejwe yo. Amen.

Ibihe vyiza.

26/07/2025

LE VERSET DU JOUR

Matthieu 8:16-17

Le soir, on amena auprès de Jésus plusieurs démoniaques. Il chassa les esprits par sa parole, et il guérit tous les malades,afin que s'accomplît ce qui avait été annoncé par Ésaïe, le prophète: Il a pris nos infirmités, et il s'est chargé de nos maladies.

IJAMBO RY'UMUSI

Matayo 8:16-17

Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n'abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abari barwaye bose,ngo ivyavuzwe n'uwavugishwa n'Imana Yesaya biboneke, ngo Ubwiwe ni we yatwara ubumuga bwacu, akikorera n'indwara zacu.

VERSE OF THE DAY

Matthew 8:16-17

Many healed in the evening when evening had come, they brought to Him many who were demon-possessed.And He cast out the spirits with a word, and healed all who were sick,that it might be fulfilled which was spoken by Isaiah the prophet, saying:“He Himself took our infirmities And bore our sicknesses.”



26/07/2025

Shalom.

Imigani21:

20)Mu rugo rw'umunyabgenge har' ubutunzi bg'igiciro kinini n'amavuta,
Arikw igipfu co, kirabirokagiza.

22)Umunyabgenge yurira inzitiro z'igisagara c'abahizi,
Agasangangura ibikomeye bari bizigiye.

Umunyabgenge Bibiliya itumenyesha ubuzima bgiwe bgose bgubatswe kuri Yesu Kristo, niwe amaseko.

Uyo rero, Mu rugo rw'umutima wiwe hategerezwa kubayo ubutunzi bg'igiciro kinini bg'Ubgami bg'Imana n'amavuta ya Mpwemu Yera arwiriye.

Ashobozwa n'Imana no gusangangura inzitiro z'ibisagara vy'ubgami bg'umwiza zigasambuka kuko bari kumwe n'Imana ibimukoresha. Amen.

Ariko uhushije ubgo Bgenge aba agowe, twisunze
Imigani21:16:
Umuntu ahusha inzira y'ubgenge
Itahiriro ryiwe ni mw'ikoraniro ry'abapfuye.

Ntiduhushe Ubgenge ariko twame mu nzira yabgo mw'izina ry'Umwami Yesu Kristo. Amen.

Ibihe vyiza.

Mwamenye nde?
25/07/2025

Mwamenye nde?

25/07/2025

Iriba ryiza mu gikorwa c'ivugabutumwa riciye kuri Internet

25/07/2025

Kanguka yo Kuwa gatanu 25/07/2025 by Chris NDIKUMANA

25/07/2025

LE VERSET DU JOUR

Apocalypse 20:6

Heureux et saints ceux qui ont part à la première résurrection! La seconde mort n'a point de pouvoir sur eux; mais ils seront sacrificateurs de Dieu et de Christ, et ils régneront avec lui pendant mille ans.

IJAMBO RY'UMUSI

Ivyahishuriwe Yohana 20:6

Uri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi ni uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b'Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi.

VERSE OF THE DAY

Revelation 20:6

Blessed and holy is he who has part in the first resurrection. Over such the second death has no power, but they shall be priests of God and of Christ, and shall reign with Him a thousand years.



24/07/2025

Choix Du Conjoint.UKO WOHITAMWO UWO MUZOBANA ,UBURYO BWIZA BWO KUZOGIRA URUGO RWIZA.

Chris Ndikumana Muri Studio ya EMCI asigura ibi ku rwaruka

24/07/2025

Kanguka yo Kuwa Kane 24/07/2025 by Chris NDIKUMANA

24/07/2025

LE VERSET DU JOUR

Actes 20:35

Je vous ai montré de toutes manières que c’est en travaillant ainsi qu’il faut soutenir les faibles, et se rappeler les paroles du Seigneur, qui a dit lui-même: Il y a plus de bonheur à donner qu’à recevoir.

IJAMBO RY'UMUSI

Ivyakozwe n'intumwa 20:35

Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk'ubwo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y'Umwami Yesu, ingene ubwiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabwa.

VERSE OF THE DAY

The Acts 20:35

I have shown you in every way, by laboring like this, that you must support the weak. And remember the words of the Lord Jesus, that He said, ‘It is more blessed to give than to receive.’



Nyuma y'igihe kurenga umwaka umwaka abuze umutambukanyi wiwe. Pasteur Marcello Tunasi amaze kugira ubukwe. Ni ubukwe bwa...
23/07/2025

Nyuma y'igihe kurenga umwaka umwaka abuze umutambukanyi wiwe. Pasteur Marcello Tunasi amaze kugira ubukwe. Ni ubukwe bwabereye mu bubiligi bwitabiwe n'abakozi b'Imana batandukanye.

Mudufashe kumwifuriza urugo rwiza

23/07/2025

Imana ihora yumva amarira y'abantu bayo no mu gihe batavuze by Dr Angeline

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Iriba ryiza posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category