12/06/2026
,
Lumitel irasubiye kubuzimbisha,
Inyuma yaho benshi bamariye kubona ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Lumitel rivugurujwe ibiciro vy'amahera akoreshwa kuri internet(mega) azimbiye kandi akaba yaciye agira umuvuduko uri hasi,abakoresha benshi ayo ma mega bari baciye bahindura mwene ubwo buryo bafata umugenzo wo kuja baragura aya 1500,iyo bidakunze ko bayamara baca bagura aya 600 kugira bongereze ikiringo cayo batari bwamare yagira ahere!
Ayo mafaranga yose hamwe uyafatiye ku kwezi umuntu yakoresha amamega yababa gato #18900.
Lumitel iti nababonye,bayi bayi 600 twakunze,sezere sezere ubu ugiye kugura aya #900 naho nyene amara umunsi umwe gusa?
Mwibaza ibi bintu vy'ihindagurwa ry'ibiciro vy'agasakisaki vya Lumitel biva kuki?