Afrigift TV

Afrigift TV Afrigift TV
(1)

Mumasengesho y'uwakane urangiza ukwezi kumwe na Nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu cacu ciza c'Uburundi General Major Evari...
29/05/2026

Mumasengesho y'uwakane urangiza ukwezi kumwe na Nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu cacu ciza c'Uburundi General Major Evariste Ndayishimiye,Amasengesho ategurwa n'umugambwe CNDD-FDD

Imana-Igihugu-Umwami

29/05/2026

Aya niyo masanamu tuba dukeneye.

Ariko haraba Cameramen wogirango bari gu camera Ninde iyo bafashe camera batamenyico kuzikoresha.

VISIT BURUNDI
Home of Thousand and one hills
Home of Beautiful Daughters 🇧🇼🇧🇼🇧🇼

Aba Nibo ba Presidents mfanaUmwe ni : President of Burundi Undi: President of Burkina Faso Wewe ufana NDE?????
28/05/2026

Aba Nibo ba Presidents mfana

Umwe ni : President of Burundi

Undi: President of Burkina Faso

Wewe ufana NDE?????

Inama Nshingamateka ya Congo ikaba irahejeje gutora " EGO" mukwemeza ihinduka ry'itegeko nshinga rya Reta (constitution)...
28/05/2026

Inama Nshingamateka ya Congo ikaba irahejeje gutora " EGO" mukwemeza ihinduka ry'itegeko nshinga rya Reta (constitution)

Congo igiye kuba Congo yuzuye apana Congo yayindi yagira kuri Constitution yubatswe na Kagame hamwe nakarwi kaba imperialists.

BAHO Congo

28/05/2026

CNDD-FDD

PROVENSI BUHUMUZAKomine MuyingaUmutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline NDAYISHIMIYE Yagendeye Province Buhumuza  Munt...
27/05/2026

PROVENSI BUHUMUZA
Komine Muyinga

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline NDAYISHIMIYE Yagendeye Province Buhumuza Muntumbero kw'ifandikanya n'abenegihugu ba komine butihinda mu kwinonora imitsi Imbere yokuja kw'inonora imitsi Kuri uyu wa kabiri Ingenekerezo rya 26 Rusama Umwaka 2026.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu yabanje kugendera Ishirahamwe SOTB ricukura ubutare muri komine Muyinga zone Higiro Umutumba wa Nyungu kugira yirabira ukuntu bacukura no guhingura ubutare.
Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Yaciye abandaniriza urugendo rwiwe muri komine Butihinda.

Mw'ijambo ry'ikaze ryashikirijwe na ͟ NDARUHEKERE Buramatari w'intara ya Buhumuza yashimiye cane Umupfasoni w'umukuru w'igihugu mugikorwa ciza yatanguje co kw'inonora imitsi. Buramatari w'intara ya Buhumuza akaba yamenyesheje ko nabo bafatiyeho akorero ko kuza barakora imyimenyerezo ngororamubiri . Aho yamenyesheje ko imisi yose ya gatunu mumazone yose agize pronvesi ya Buhumuza bazoza barakora Ico gikorwa co kw'inonora imitsi.

Mw'ijambo ryashikirijwe n'Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu Angeline NDAYISHIMIYE yabwiye abenegihu bo mu Ntara ya Buhumuza ko yaje kubashimira ukuntu bari bitabiriye igikorwa c'ubuheruka Aho yagize ATI" Uyu n'umuti ku magara yacu.Uwushaka kugira amagara meza agira sport" Aho yasavye abaraho ko boza barakora igikorwa cokw'inonora imitsi inyuma y'akazi hamwe no mumisi ya karuhuko.
Yahamagariye abaserukura amadini, amashengero atandukanye hamwe n'imigambwe itadukanye kw'ijukira igikorwa co kw'inonora imitsi.
Intumbero arukigira amagara meza no kudasaza vuba ati "Narababwiye ko intumbero yanje nishakira Kuba umujama w'umujama waba jeune."

Akaba yamenyesheje ko intumbero nyamukuru yatumye atanguza ico gikorwa yipfuza ko abenegihu bagira amagara meza kandi bagashobora gukora ibikorwa vyokwiteza Imbere.

Mwomenyako ico gikorwa co kw'inonora imitsi kibaye ubugira kabiri mu Ntara ya Buhumuza inyuma yicakorewe muri komine ya Muyinga.

-muyinga #
Buhumuza #
y' u Burundi #
͟

Umukuru w’Igihugu c’Burundi akaba n’Umukuru w’Umuryango wa African Union muri iki gihe, Nyenicubahiro Evariste Ndayishim...
26/05/2026

Umukuru w’Igihugu c’Burundi akaba n’Umukuru w’Umuryango wa African Union muri iki gihe, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, yifadikanije n’Abarundi kuri uyu wa mbere ku kibuga c’Stade Intwari mu birori vyo guhimbaza Umunsi wahariwe Africa Day.

Nk’uko Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yabivuze, uwo munsi w’Afurika ntusigura gusa kwibuka amateka, ahubwo ushimangira ukwibuka urugamba rwabaye rwo kurondera ubumwe bw’Abanyafrika hamwe n’icizere c’Afurika ikomeye, yisunze iteka n’iterambere.

Yashimangiye kandi ko Africa izokwubakwa biciye ku mico n’akaranga kayo. Yibukije ko umurage wacu, nk’Ingoma y’Uburundi, ari itunga rikomeye rishobora guteza imbere ubumwe, kumenyekanisha igihugu no guteza imbere ubutunzi.

Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yavuze kandi ati: « Ukwikukira kwa Afurika kuzova ku bushobozi bwayo mu vy’ubwenge, ubumenyi, ubuhinga n’ubutunzi. » Yahamagariye urwaruka guhaguruka rukaba imbaraga nyamukuru z’amahoro n’udushasha muri Afurika.

22/05/2026

đŸššđŸ‡šđŸ‡© : Umuvugizi wa Leta ya Congo, Patrick Muyaya Katembwe, yavuze ko gutanga inyishu ikora neza ku ndwara ya Ebola iri i Goma bitazoshoboka kiretse “ingabo z’u Rwanda n’ababafasha” bavuye ku butaka bwa Congo.

Mu kuvuga kuri iki kibazo c’ubuzima kiriko kirakura mu buseruko bwa RDC, Muyaya yavuze ko kurwanya Ebola bifitaniye isano n’umutekano muke uri mu bice biri munsi y’ubugenzuzi bwa AFC/M23, yongera avuga ko ukudatekana kuriko kurahungabanya ibikorwa vy’ihutirwa hamwe n’ugutunganya ibikorwa vy’ubuzima.

“U Rwanda ntirushobora kwugara umupaka uko vyogenda kwose,” niko Muyaya yavuze, mu gihe yashimangira ko gusubiza Goma mu maboko ya Leta ya Congo ari ngombwa kugira bahagarike ikwirakwira rya Ebola no gukingira abasivile.

đŸŸ€Umukuru w’igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye variste_Ndayishimiye, yagenye kuri uyu wa 19 Rusama 2026 umu Komiser...
19/05/2026

đŸŸ€Umukuru w’igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye variste_Ndayishimiye, yagenye kuri uyu wa 19 Rusama 2026 umu Komiseri mukuru w'ikigo kijejwe inyubako , uwo nawe akaba ari Msc Arch DieudonnĂ© Nkunzimana, akaba yasubiriye Dr Ir Lt Col LĂ©onidas Nibigira.

đŸ‘†đŸ»Ivyo bikaba bibaye inyuma y'aho yishikiye I kuraba aho ibikorwa vyo kubaka ikigo co kugwirizwamwo inkwavu bigeze maze agasanga bisa n'ibitariko biratera imbere kandi amafaranga amaze gukora ari menshi.



Tuguhaye Ikaze Ariko Uzozigame Icizere Umuvyeyi araye aguhaye utazomutetereza,Tugusabe ukore Ibizotuma Abarundi bavuza Impunda.

Urbanization Irakenewe cane muriki gihugu,Fata Ingurane ,Canke Vugana na Regideso Aryama milliards babitse kuri Compte mushake ahantu mwubake Igisagara c'amazu ageretse kenshi ,nimiburiburi niveau 8-15 hama ayomazu abayareta yogupangisha ,Bityo muze mwishure Regideso canke Umugambi muwugire uwa Regideso.

Dufashe murwize projects zituma Abenegihugu noshimira Intwaro.

Kora Kuburyo umusi utazobuhari Tuzovuga duti

Votre Passage reste Vivant

Haruhande Yuko Uyumugabo yigira incabwengeAriko bitewe n'urwanko yanka Cndd-Fdd Nasanze ariwe kirogorogo cambere dufise ...
18/05/2026

Haruhande Yuko Uyumugabo yigira incabwenge

Ariko bitewe n'urwanko yanka Cndd-Fdd Nasanze ariwe kirogorogo cambere dufise noneho agaca agira numwanda mubwonko bwiwe bwukuntu Ari umu

Extremist Hutu

Uyumugabo ngo ni Eric Nyandwi azovuga neza CNDD-FDD aruko ashaka Kuvuga nabi Inkotanyi nkuko Azovuga neza Inkotanyi aruko ashaka gutuka CNDD-FDD.

Abantu nkaba rero ntabwo bavuga ivyubwenge ,ahubwo bavuga kugirango binjize.

Abarundi rero benshi kuberako ubwonko bwabo bwiyumvira aruko bukomeretse,baca bajana narwo ngo babonye umu Patriote da....

Uyumugabo ni mayeri ,Twamubonye yigira umukunzi pfampfe wa Agathon rwanda,ariko ntabwo yarahari 2010 ahendwa naba Pacific ngoniyemezeko Amatora yibwe kugirango ibihugu vy'amahanga bironke ingene bijagaraza politic yicogihe.

Abanywanyi ba Agathon rwasa bari kuvamwo Aba Admicoms batashe bikoreye amaboko,Abari kuba aba Gouverneurs batashe nkabavuye kuragirira inarume,abari kuba Abashingamateka nabonyene nuko.Agatho ubwiwe yarikuba 2eme vice president canke 1ere Ministre ariko ahitamwo kwirira inoti aracomoka ngo Amatora yibwe .

Nguko uko FNL yagiye Irasambuka , Uyumusi kuba Agatho rwasa yaribagiranywe vyavuye kukubura abahanuzi beza,nokuba Nsumirinda.

Uyu Eric Nyandwi iyaba yakunda Agatho rwasa abayirirwa apostinga ivyo vyiza vya Rwasa ,ariko CNDD-FDD ayivuga incuro 24 k'umusi.None n'igiki cotuma tutayikunda.

Views zabaye views ubu umusaruro muke kukwezi aronka ni 20K dollars.Ahawe nokuvuga nabi CNDD-FDD,None Ninde yomubuza kwisumira kweli.

Ikibazo iyaba yatanga n'intererano mumugambwe mwiza w'abenegihugu CNDD-FDD...

Uyumusi yatwenze President Yoweli Kaguta Museveni ngo ashira muri Politic Abana biwe.

None mbega Kuki Wewe ashira Umugore wiwe muri Social Media????Mbega Aba President s'abantu ,Ntibagira amarangamutima nkayanyu...???

Ngwemama Abana ba President bari muri Business????

None bibe???
Basambane???

Mbega bobo s'Abarundi????

Ngo First Lady yambara ibizimvye???

Mbega kumugore wiwe yambara impuzu ya 3.500.000fbu Kandi arumugore wankendimbwa kuki yumvako First Lady atokwambara ivyagaciro???

Abantu bamwe bamwe mubwonko harazigiye
Murashaka kwipasa muremure
Murashaka gushira inzigo mubintu vyose
Murashaka kwigira beza
Murashaka kwumvako arimwe mushoboye

Hano Ntihabuze Ibigobogobo n'ibifobagane biza kumuvugirađŸ˜‚đŸ˜‚đŸ˜‚đŸ˜‚âœŒïž

Guys Gabanya amarira y'ingona

Twarabamenye

Address

Bujumbura, Mukaza
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Afrigift TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Afrigift TV:

Share

Category