Keep Hope

Keep Hope Keep Hope est une chaîne chrétienne a pour but de partager l'Évangile [Mathieu 28:19:"Aller faire de toutes les nations des disciples."]

Shalom. Kur'uyu munsi w'igenekerezo rya 14/09/2025 niho himikwa abungere b'Ishengero rya Pentekote ry'i Kiremba, (ryarim...
15/09/2025

Shalom.

Kur'uyu munsi w'igenekerezo rya 14/09/2025 niho himikwa abungere b'Ishengero rya Pentekote ry'i Kiremba, (ryarimwo abakristo barenga 10.000) inyuma y'irangiza rya Nyakwigendera Mwungere Ndikunkiko Elie.

Umwungere wa mbere yabaye uwari mwungere wa kabiri, NIRIKANA Eliachim. Uwa kabiri, aba Col. NDAYISHIMIYE Chadrack.

Umwungere wo ku Mugara nk'imfura ya Kiremba, yabifurije impwemu y'Imana mur'ivyo bikorwa. Abifuriza impwemu yari muri Nyakwigendera Ndikunkiko. Abifuriza kuzorongora neza intama za Yesu Kristo ziri mur'iryo Shengero. Avuga ko n'impwemu mbi zaburabuje igikorwa c'Imana, zohambwa i kuzimu mw'izina ry'Umwami Yesu Kristo.

Umwungere wo mu Gashikanwa arabifuriza kuzoba abungere, bitangira intama.

Umu pasitori yavuye Canada, Mitchel Fred, yavuze ko uko Imana yabanye na Mose, ariko yabanye na Yosuwa.

Kandi ko mu gihe ca Yosuwa, war'umwanya mushasha (Nouvelle Saison), nk'uko n'ubu biri, n'ikindi gihe gishasha kirimwo bishasha, umuvyuro, intambara ariko habaye kwiyegereza Imana no kuyikurikira, intsinzi izoboneka. Imana itange ubutunzi buhishijwe, ije imbere abakozi, ice inzira no mu duhogoro, mu makorosi. Imana yari yabiteguye n'itanguriro ry'isi ritarabaho nk'uko Bibiliya ibivuga mu Banyefeso1:4-5.

Uwaserukiye Musenyeri wa Diocèse Bururi yifurije abungere ko boba abungere beza no mu mbeho, no mu kurokora intama zashaye kugira azozishikane kwa Data.

Uwaserukiye Musenyeri wa Anglicane Matana yakeje abungere, abifuriza kuzogaragaza ubudasa mu burongozi buhambaye, bizigiweko n'Imana, ashima ingene iryo shengero ryabaye iry'akarorero keza.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu yatumwe na We, yavuze ko Umukuru w'igihugu abakeje, kandi ko boragira neza umukuku bahawe, bibuka ko ar'uw'Uhoraho, kandi ko Ishengero rya Kiremba nk'uko ryamye, ryosubira gushika kure, rirongowe n'abungere babonetse, barere iryo shengero mu kunagura imitima no kuja imbere mu bikorwa vy'iterambere mu bakristo no mu gihugu cose. Atanga n'agakemanyi yatumanywe ko gukeza kuko bakiriye abantu benshi cane.

Mwungere wa 1 Nirikana Eliachim, nawe yashimye Imana ivy'ikora n'ishengero ingene ryifashe neza.

Avuga amateka y'abarongoye Ishengero batashe. Umwungere Madengo ingene yabaye umuhizi. Akorera Imana, yitanze, yubakisha amashengero menshi, n'amashure menshi, iterambere, kandi hakijijwe abanyeshure benshi na Kaminuza y'i Kiremba iraboneka.

Yar'afise impwemu irobanura izindi, ntahendwe, akagira uburongozi budasanzwe, yanamusengeye ubu pasitori akiri umusore. Bamuhamagaye, asanga yavuze ngo bibagiye ko nd'umusore. Aza yumva ijwi rimubgira, ati none waritoje? Ari jewe ngutoye, emera. Aremera, arafukama, bamurambikako ibiganza hamwe n'abandi mu bupasitori ico gihe.

Aravuga no ku Mwungere Ndikunkiko, ingene yasenga, akitanga mw'ivugabutumwa, akazana iciyumviro gishasha c'ingoro y'Imana yubatswe.

Haba umuzungu yakoreye imyaka 12, atamuhemba, inyuma y'ico gihe, agabira umuduga mwiza w'igiciro nyakwigendera, Mwungere Ndikunkiko. Uwo muduga yaciye awudandaza, aca atanga ayo mahera, mu gutangura kwubaka ingoro y'Imana n'ibindi vy'urukundo, bitadondowe. Aravuga ko bar'abantu badasanzwe, abarongoye ishengero rya Kiremba.

Twari twaragiriwe Ubuntu. Nk'uko bavuga ngo uwambaye ikirezi, ntabona ko cera. Twari twararonse ibirezi bidasanzwe.

Asaba kuzosengerwa n'Ishengero. Ivy'Imana imuhamagayemwo s'ivyoroshe ariko Iyiduhamagara n'iyo ituremesha, ikadushoboza.

Muri vyose, tubishimiye Imana kandi twiteze ibirushiriza kuba vyiza kuko Nyen'Ishengero Yesu Kristo aribereye maso kand'ashoboza abo ahamagaye. Amen. Muhezagirwe.
Ibihe vyiza.

12/09/2025

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Keep Hope posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Keep Hope:

Share