21/03/2024
๐๐ฟโโ๏ธ : hari umugabo yasheshe intanga ku mukenyezi mu bantu, bamubonye yiruka bamukurikiza amahiri batazi ibibaye...
๐ค Muti vyagenze gute? Umukenyezi yari yunamye ariko yigurira imicungwe, aza yumva ibintu bimushungurukako. Agize ngo araraba, asanga ni umwana w'umusore ahejeje kumusohorerako intanga. Ivyo ni ivyabaye mw'isoko rya mu gisagara ca , imbere y'umutaga wo kuri uyu wa 19 Ntwarante 2024, nk'igihe c'isaha 5 z'umurango
๐ฅ Nk'uko tuvyiganirwa n'abari bahari bashwabadutse co kimwe n'abahakorera, ngo vyatanguye hari umukenyezi yari yunamye ariko yigurira imicungwe, niho haza umusore ariko akuze akorera muri barya bitwa "abakarani", yameze nk'uwumwegera amaja inyuma araheza arikinisha gushika n'aho amusesako intanga.
๐ Abari ku ruhande babonye wa musore ava aho yari yegereye umukenyezi yiruka bugeregere, baca bibaza ko ari umusuma ahejeje kumwiba baramwirukako gushika bamufashe. Bakimufata ngo bamwe bari batanguye no kwihanira kuko bari bazi ko yivye, ariko wa mukenyezi aca ababwira ibihejeje kumubako mu kanya, abandi bavyumvise baca baramureka kuko nabo ubwabo baciye bibaza ko yoba agendana ingwara yo mu mutwe.
๐ฅ Bamwe mu bari ngaho rero, batigeze babona ivyariko biraba barajorewe barabura uko bobivuga, ariko hari n'abandi bavuga ko abo bakarani boba bihereza ibinyobwa bikaze, umwanya wose iyo bari mu kazi ko guterura imizigo, bigaca bituma mu mutwe baca bamera nk'abadapima ivyo bakora, ata muntu yokwubahuka ibintu nk'ivyo akomeye neza.
๐ค Hari n'abandi babona ko biterwa n'abagabo badashobora kwihangana babonye inyambaro zimwezimwe z'abakenyezi, bigasaba ko haba guhimiriza gusonera no kwakira ubwigenge bw'uko abakenyezi bambara.
๐ Musomyi muhire, ino nkuru ikwigisha iki?
#๐๏ธ muco w'I ๐ง๐ฎ