Burundian Famous

Burundian Famous You’re in the right place if you love Burundian Artists 🇧🇮
1⃣ the #1 account promoting our LOCAL STARS
➡✉️ [email protected]

25/09/2026

CNC YAHAGARITSE INDIRIMBO NIRUZE YA BIG FIZZO HAMWE NA SOKWE YA B FACE

25/09/2026

Uku niko Umukuru w’Igihugu Cu Burundi yakiriwe kugira ashikirize ijambo yateguye munama ya UN iriko irabera muri USA kuncuro yayo igira 81!
Ngibi bimwe mubintu nyamukuru yavuze ko :

1️⃣ Gukorana hagati y’ibihugu vya Afrika n’ibihugu vyo mu mahanga bikoresha urwaruka rwo muri Afrika
2️⃣ Uburundi ntibukeneye intumwa idasazwe ya Onu yihariye ku Burundi mu vy’agateka ka zina muntu
3️⃣ Afrika iserukirwe mu rwego rw’umutekano muri Onu
4️⃣ Umugambi w’Amazi meza muri Afrika
5️⃣ Akaryo ku rwaruka mu bibanza bifata ingingo

24/09/2026

Umuririmvyi Harmonize n’uwamutunganiriza amasanamu baraye bahuye nuruva gusenya kubera indirimbo aheruka gusohora yise Kudos

Umuririmvyi w’umunya-Tanzaniya Harmonize hamwe n’uwamutunganirije amasanamu, Kennedy David Sanga, bahawe ibihano n’ikigo kijejwe gucungera ibikorwa c’igihugu vy’ubuhinga n’itumatumanako (Baraza la Sanaa la Taifa) kubera amareresi y’indirimbo yabo “Kudos”, BASATA ivuga ko yarenze ku mategeko n’inyifato bigenga ibikorwa vy’ubuhinga muri Tanzaniya.

Harmonize yategetswe gufuta iyo videwo ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe, gutanga ihadabu ry’amashilingi ya Tanzaniya miliyoni 5 mu kiringo c’iminsi 14, hamwe no guhagarika ibikorwa vy’ubuhinga gushika yubahirije izo ngingo.

23/09/2026

Umurongozi w’umurwi utegura ihiganwa rya Miss Burundi yavuze kimwe mubintu abantu batatahuye neza mw’ihiganwa ryaherutse!

Mukiganiro kuri Siren Vibes,mugihe abatari bake bavuze ko umwanya wari wahawe umwigeme Mugisha Jeniffer wa Miss Photogenic wongewemwo kumusi wanyuma ihiganwa, Uyu arongoye uyu murwi yavuze ko bari barawuteguye kandi wagomba guhabwa uyu mwigeme kuko yarawukwiriye!

Ngo naho yari kwegukana ikamba rya Miss Burundi canke ikindi kibanza yari kugumana uyu mwanya nukuvugako yari guca ahabwa ibibanza bibiri!

Twobibutsako uyu mwigeme vyarangiye yikuye muri uyumwanya avugako agiye kwitaho kubandanya urugendo gwiwe bwite….

23/09/2026

Prophete Joshua yavuze ko akunda Big Fizzo!

Uyu muvugabutumwa umwe mubazwi cane muburundi, yavuze ko uyu muririmvyi ari umuntu wishaka ngo vyoba vyiza kurusha inguvu akoresha mumuziki akijijwe akazikoresha mukugukorera Imana kumugaragaro!

23/09/2026

Imwe munkuru zibabaje abakunzi b’umuziki ni iyubuzima bw’umwe mubaririmvyi bakunzwe cane muri iyi misi KIRIKOU AKILI!

Umuririmvyi Ruhimbaza Costa azwi mumuziki nka Dja Love yaraye amenyesheje abakunzi biwe ko agiye gushira hanze indirimbo...
22/09/2026

Umuririmvyi Ruhimbaza Costa azwi mumuziki nka Dja Love yaraye amenyesheje abakunzi biwe ko agiye gushira hanze indirimbo yiwe nshasha!

Uyu muririmvyi w’Umurundi asanzwe abarizwa muri Leta zunze Ubumwe za Amerika yatangarije abakunzi biwe abicishije kumbuga ziwe ko indirimbo yiwe MY OWN izosohoka igenekerezo 25 z’uku kwezi nyene!

🇧🇮🇧🇮

Ndayishimiye Youssouf na Girumugisha Jean Claude bash*tse muri Togo kwifatanya nabakinyi b’Intamba mu Rugamba Murukino r...
22/09/2026

Ndayishimiye Youssouf na Girumugisha Jean Claude bash*tse muri Togo kwifatanya nabakinyi b’Intamba mu Rugamba Murukino ruzobahuza Niki gihugu munkino zokurondera itike yokuzokina igikombe ca Afrika!

🚨LOLILO ntiyatumiwe mubukwe bw’umwana wiwe Rahma!Inyuma yaho agiriraniye amakimbirane n’uyu mwana hamwe na maman wiwe, A...
22/09/2026

🚨LOLILO ntiyatumiwe mubukwe bw’umwana wiwe Rahma!

Inyuma yaho agiriraniye amakimbirane n’uyu mwana hamwe na maman wiwe, Akanavuga ko amuciye mubana biwe, Lolilo ntiyatumiwe mubirori vy’ubukwe bw’uyu mwigeme ubonako yanabukoze haheze amezi make yibarutse!

22/09/2026

Indirimbo NIRUZE ya Big Fizzo Nimwe muzavugijwe mugihe Umuririmvyi wo muri Tanzaniya Juma Jux yararamutse yugurura iduka ryiwe African Boy inyuma yaho ryaherukira gusha!

Mugihe amasanamu yiyi ndirimbo (video) amaze kurabwa incuro zireranga ibihumbi 700 mumisi itanu gusa yanatumye abaraperi n’abaririmvyi batandukanye bishura Big Fizzo muri aba harimwo B Face, Mkombozi, Lilolo nabandi bamaze kumenyesha ko bazishurana hagati yaba barimwo T Max na 19Th.

🇧🇮🇧🇮 🇧🇮

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Burundian Famous posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share