07/12/2025
🔴 SOMA HANO 👇👇👇
RÉSEAUX SOCIAUX N’UMURYANGO: IKIBAZO GIKOMEYE N’UKUNTU DUSHOBORA KUGITSINDA
Muri iki gihe, imbuga ngurukanabumenyi zafashe ikibanza kinini mu buzima bwacu. Zirafasha, ziranezera, ziratuma dutahura amakuru menshi… Ariko ku miryango, zishobora kuba intandaro y’ibibazo bikomeye cane iyo tuzikoresheje nabi.
Ibibazo bituruka kuri réseaux sociaux mu miryango:
📍 Guta igihe mu kudasangira umwanya n’abana n’uwo mwubakanye
📍 Kubura ukwizigirana hagati y’abubakanye
📍 Gutangura ubucuti budasobanutse hanze y’urugo
📍 Amakimbirane aterwa n’amafoto canke ubutumwa bitabereye
📍 Uruhara rwo kwerekana ubuzima butari ukuri, bigateza umwumvikano muke
Ariko ibintu vyose bifise ibisubizo, kandi umuryango ushobora gukomera kurusha kera!
UKUNTU DUSHOBORA GUKIZA UMURYANGO WACU MU GIHE CA RÉSEAUX SOCIAUX
1️⃣ Gushiraho amategeko y’ukoresha téléphone mu rugo
- Nta téléphone mu gihe muriko murasangira(murafungura).
- Mu gihe muriko muganira n’uwo mwubakanye, téléphone iheze itegereze(uyishire kure yawe).
2️⃣ Kwubaka ukwizigirana
- Kudahishanya ibintu bikomeye.
- Kumenya kubwira uwo mwubakanye ico ukora ku mbuga no kubwizanya ukuri.
3️⃣ Kubaho mu kuri, ntibisimburwe n’ivyo tubona kuri internet
- Reseaux sociaux ntizerekana ukuri kose. Muri make ntiwozigirako reférence y'ubuzima bw'abazivugiraho
- Mwiyemeze kubaka urukundo rutava ku mafoto, ariko ruva ku bikorwa no ku biganiro vyubaka.
4️⃣ Gufata umwanya wo kuvugana imbonankubone
Uko mwumva mwabanye nabi, mufate umwanya w’iminota 20 ku musi mwicaye muganire mu mahoro. Ni umuti mworoshe ariko ukiza vyinshi cane.
5️⃣ Kwitoza gukoresha réseaux sociaux mu buryo bwubaka
- Gusangiza ubutumwa bwiza, inyigisho, ibintu vyumutima.
- Kutaguma ku bintu vy’abacafuza abandi canke bitera ubusambanyi.
Gusozera
Umuryango ni impano ikomeye Imana yatugabaye. Rézo sociaux ni ibikoresho, ntibisubira kuba ibishinge vy’ingo. Nidusubize umutima mu rugo, twubake urukundo rutagurishwa ku mbuga, kandi duhe abana bacu akarorero keza.
Umuryango ukomeye uruta ama “likes” yose yo ku mbuga.
Murakomeze, mube urumuri n’umunyu mu miryango yanyu! 💛
Please 🙏 follow me 👇👇👇👇
Buja Hit Connexion