
23/10/2024
UMWAKA WA 14 W'AKAMARAMAZA KURI SENTARE YA GISIRIKARE (AUDITORAT MILITAIRE.
22/10/2010-22/10/2024
Imyaka 14 nibuka amabi nakorewe mw'ikambi ya NGAGARA nakoreramwo ico gihe.
Amabi nakorewe na Colonel NIYONDIKO yaramutswa camp NGAGARA arikumwe na Adjudant Major BERAHINO yari s/offr de corps w'iyo kambi baraheza bakingigwa ikibaba na sentare ya gisirikare.
Mumwaka wa 2021 ibi narabivuze nca ntegwa ubwoba, amaterefone, ama messages WhatsApp biba umurengera bantera ubwoba ngo ndiko nrtyoza ubutungane bwa gisirikare.
Bukeye ndengutswa n'umushikirizamanza mukuru wa gisirikare ngo nsigure ivyo navuze, munyuma njanwa mwiperereza rya gisirikare aho niriwe nsambishwa.
Aho hose nari nitavye hari abampanuye ngo sinitabe ngo kuko nca mpfungwa.
Ariko ukuri guca muziko ntigusha.
Ndakengurukiye intwazangabo yansambishije nkayereka ukuri n'ivyemezo bigaragaza amabi y'agahomerabunwa nakorewe n'inzego za gisirikare, nkabikoregwa ndi umwe mubari murico gisirikare, nkabikoregwa n'abategerezwa kumbera imboneza, abavyeyi,indongozi.
Hama akabona ko ivyo mvuga ari ukuri akandekura ngasubira mumuryango.
Birababaje kubona umuntu akugirira nabi agaca agutegeka kubinuma!
Ndazi ko ndi muto, abo bantera ubwoba bandusha ibitugu, bandusha vyose bijanye n'igikenye ariko nk'uko nabivuze ico gihe nubu ndabisubiyemwo : NTAMWAKA NUMWE NKIRIHO NZOREKA KUBIVUGA, NZOKWAMA MVUGA AMABI NAKOREWE N'IZO NZEGO ZA GISIRIKARE.
Sentare ikoresha inyandiko z'ibinyoma(falsifiés) iyo si sentare.
Colonel arementanya, arangwa n'agasuzuguro gafatiye kumacakubiri uwo si Colonel ni umubisha yambaye uniforme !
Ntamutegetsi numwe yakoresheje inama ngo ibibi nakorewe sindabishikirize ariko ikinyoma carahawe ijambo ntanumwe yagize ico amfasha.
Ndazi ko ubunyene iterabwoba rica risubira kuvyuka, numéro mwama mumpamagarako ni irya nyene.
Ntamuntu afise uburenganzira bwo kunyaka agateka ngo ace antegeka guhora.
Ntabiteye ubwoba ntaracamwo mubizwi vyabaye maze kuvuka