11/07/2024
NTAKIBERA UBUSA: ingingo yo kubuza imiduga ivuye mu kunwesha ibitoro muri yaje kworosha ubuzima. Ubu mu ibitoro bidandazwa mu macupa no mu mabido kurya kw'amamesa
🗣️ "Nshiremwo ibicupa bingahe ? Mushaka ibido ndabahe ?" niko karirimbo kakwakira ugishika ku metero nka 500 werekeza kw'ibariyeri igabura igihugu c'Uburundi na , iri muri Zone ya , komine mu ntara yo ni aho usanganirwa n'abantu benshi bafise amacupa, indobo n'ibindi vyose vyuzuyemwo ibitoro baba bariko baragurisha
kuri uyu wa 10 Mukakaro 2024, ibido z'amaritiro 20 zariko zigurishwa amafaranga 265.000 FBu, ikibuni c'iritiro n'igice naco cariko kigurishwa amafaranga 20.000 FBu (ariko utwara vyinshi bakurako 1.000 FBu)
👥 Nk'uko twavyiganiwe n'abagwiriyemwo abakenyezi bacuruza ivyo bitoro, ngo ibiciro vyo ngaho ntibimenyerwa kuko bihindagurika ku mwanya ku mwanya, aho baduhaye akarorero nko kuri uyu wa 9 Mukakaro ibido y'amaritiro 20 yariko igurishwa amafaranga ibihumbi 280.000, igicupa naco 25.000, ariko kubera ibitoro vyaciye vyinjira ari vyinshi ibiciro bikaba vyaciye bigabanuka. Aho ni mu gihe mu ndwi iheze hoho ibido yagurwa 200.000 FBu
✍🏾 Ku bijanye n'ingingo yaheruka gufatwa n'indongozi z'agace (division ) ya , ku ruhande rw'Uburundi rero ngo ntaco yononye namba, kuko isoko y'ibitoro yahora mu gihugu ca yaciye yimukira ku ruhande rw'Uburundi. Ubwa mbere ngo abakeneye igitoro bagituma abakomisiyonere bagaca binjira ku ruhande rwa Congo bakakizana, canke bagatanga amatangi y'amamoto (réservoir) ayo nayo ngo bayarungikana abafise amakinga aseha imizigo, aho barindira amasaha ari hagati ya 2 na 3. Ariko ubu ngo bashika bavoma, n'aho ibiciro vyaduze
🚧 Uko vyinjizwa mu Burundi rero, nk'uko twavyiboneye imiduga ifise imparati z'Uburundi, hamwe n'iyindi iba ifise imparati za , iguma yinjira izana amabido atari make, abaranguzi bagaca barangura. Ikibuze abakirangura ubwo nyene,https://www.facebook.com/100083306082475/posts/455207223932810/