12/08/2026
🏭🇧🇮 UMWIHWEZO
❓ N’IBIKI BITUMA IGISATA C’AMAHINGURIRO KIDATERA IMBERE MU BURUNDI?
Tugize iminsi tubona mu Burundi havuka amahinguriro atandukanye, amenshi aba akorera mu gisata gihingura ibirimwa n’ivyororwa (Industries agro alimentaires) 🌾🏭, ayandi nayo akorera mu gisata c’utugenegene (Arts) 🎨.
Twisunze ivyegeranyo bitandukanye harimwo icashizwe ahabona na BRB, baravuga ko amahinguriro yasubiye inyuma ku rugero rwa 20%. 📉
Ubu rero abantu baribaza vy’ukuri: « N’IBIKI BITUMA IGISATA C’AMAHINGURIRO KIDATERA IMBERE MU BURUNDI? » 🤔🇧🇮
📰 Aha ni kuri VYUKAA MAGAZINE, ikinyamakuru kibamenyesha ukuri kandi kikabahugura. 🔎📚
Umwanditsi wa Vyukaa Magazine agize igihe akora uburondezi ku mahinguriro yo ngaha mu Burundi, yipfuje kubasangiza ibintu nyamukuru bituma iki gisata c’amahinguriro ngaha mu Burundi bigoye ko gitera imbere:
1️⃣ Ikena ry’ibihingurwa (manque de matière première) 🌾🏭
Amahinguriro menshi avuka ngaha mu Burundi usanga ahingura ibintu atari umusesekara ngaha iwacu, gutyo bigasaba ko babikura hanze y’igihugu canke bahimiriza Abarundi kubirima canke kuvyorora. 🚜🌱🐄
Ibi birahungabanya ibikorwa vy’uruganda kandi bigatuma n’umwimbu uba udashemeye. 📉
2️⃣ Ikena ry’amafranga mva makungu (manque des devises) 💵🌍
Vya bihingurwa bisanzwe bikenye ngaha mu Burundi, amahinguriro aca yiga ingene abirondera mu bindi bihugu. 🌍🚢
Tuvuze kubirondera mu bindi bihugu, mwumve ko haca hakenerwa amafranga mva makungu (dollars ou Euros) 💵💶.
Si ivyo kwirengagiza ko ngaha mu Burundi dufise iki kibazo c’ikena ry’amafranga mva makungu. 💱📉
Ivyo bigaca bituma biguma bigoye cane kuronka ibihingurwa ku rugero rukwiye mu mahinguriro yo ngaha iwacu. 🏭⚠️
3️⃣ Ubuziranenge (Normalisation et Standardisation) 📏✅
Ibihingurirwa ngaha mu Burundi biravurwa kandi biremezwa n’abahinga ko biba bifise udutosi twinshi dutuma bitemerwa kw’isoko mva makungu. 🌍❌
Mu minsi iheze BBN yarigeze kuremesha ikiganiro ivuga ko ihabwa uburyo buke, gutyo bigatuma haba ibikorwa bimwe bimwe bakora mu buryo budash*tse neza. 🏭⚠️
Ntidushobora kuvuga iterambere ry’amahinguriro hama twirengagize ubuziranenge. 📊✅
Mu gihe ibihingurirwa ngaha mu Burundi biba vyemewe kw’isoko mva makungu, bituma amahinguriro yacu ashora hanze y’igihugu umwimbu wabo, gutyo na ya mafranga mva makungu tukaba turayaronse. 💵🌍📦
Kuba ibihingurwa vyacu bitujuje ubuziranenge, ukwemezwa (certification) ku rwego mpuzamakungu bizoguma ari ikibazo gikomeye cane. ⚠️🌍
Ibi bigira ingaruka k’ubutunzi: amahinguriro arafata agakoresha amafranga mva makungu mu kugura ibihingurwa (matière première) 💵➡️🌾, ariko ayo mahinguriro nyene ntashobore kwinjiza amafranga mva makungu biciye mu gushora umwimbu bahinguye. 💵❌📦
Aka ni agahaze gakomeye cane. ⚠️
4️⃣ Ubumenyi n’ubushobozi buke (Incapacité et incompétence) 🧠⚠️
Mu vyegeranyo bitandukanye vyagiye birasohorwa n’abahinga, baragarutse cane ku kibazo c’ubumenyi n’ubushobozi buke biri mu mahinguriro yo ngaha mu Burundi. 📚🏭
Akenshi abakozi baba bafise vyinshi bazi kandi bashoboye, uhura amahinguriro yo ngaha mu Burundi adashoboye kubahemba. 👨🏽🔧👩🏽💼💼
Ibi biguma bigira ingaruka zikomeye kuri bwa buziranenge, kuko tuguma turonka ibihinguwe bidatomoye neza. ⚠️📦
5️⃣ Isuzuma n’ubugenduzi bidashemeye (Contrôle de qualité et Inspections inefficaces) 🔍⚠️
Ivyegeranyo vyinshi birerekana ko amahinguriro menshi yo ngaha mu Burundi atangura gukora amakosa amw’amwe kubera ko ubugenduzi n’isuzuma biba bikorwa ku murindi mutoya. 🏭🔎
Ku mbure, bino bica bisigurwa n’ivyigeze kuvurwa na BBN ko bahabwa uburyo bukeya, bigatuma ibikorwa bimwe bimwe batabikora uko bategerezwa kubikora. 📋⚠️
Iyo rero ubugenduzi n’isuzuma bitifashe neza, uruganda kanaka ruriyadukiza rugakora ibintu kandi ataco rwinona, mbere ivyo bintu bikaja no kw’isoko, abajejwe intwaro na BBN bakaza gusigara banigana no kubikura kw’isoko ibara ryaguye. 🏭➡️🛒⚠️
Ni vyinshi cane biriko biratuma igisata c’amahinguriro ngaha mu Burundi kidatera imbere, aha twovuga ivyega amakori, impusha, politique, n'ibindi, ariko umwanditsi wa VYUKAA MAGAZINE yashimye kugaruka kur’ivyo 5 gusa. 5️⃣
🇧🇮📢 AKAMO KA VYUKAA MAGAZINE
Nka VYUKAA MAGAZINE, turangije ino nkuru dutera akamo Leta guhagurukira kino gisata. 🏛️🇧🇮
BBN nironswe uburyo bukwiye kugira ngo ikore neza isuzuma n’ubugenduzi, ishobore gusuzuma neza ubuziranenge, gutyo bikunde ko ibihinguwe vyo ngaha mu Burundi vyemerwe kw’isoko mva makungu, hama bishorwe ku bwinshi, gutyo n’amafranga mva makungu atangure kwinjira ku bwinshi. 💵🌍📈🇧🇮
📌 Mudutahure neza: hariho ibihingurirwa ngaha mu Burundi vyemewe kw’isoko mpuzamakungu, ariko ugereranije n'ibihingurirwa ngaha mu Burund vyose hamwe uguma usanga urugero rukiri hasi cane gooose.🌍📦
💬 Musomyi, ino nkuru uyivuzeko iki?
👇🏽 Andika muri commentaire iciyumviro cawe... 🗣️💬
🇧🇮🏭📈