08/04/2025
Hariho umurundi yatwandikiye agira ico avuze kuvyo wazalendo yagirije ingabo z'uburundi, Yuko bababuza gutera M23.
Yagize ati " Ndabaramukije, Kuvyo wazalendo yavuze ko ingabo z'uburundi zibabera intambamyi zigatuma badatera M23 , Abarundi bakababwira ko ataruhusha bafise rwo gutera mu gihe M23 baba bayirembeje, Abategetsi b'Uburundi barakwiye kuvyigana ubwitonzi.
Nk'akarorero,
Jewe sintahura ukuntu ingabo zacu muri Nord kivu zafashe Masisi, munyuma twumva ngo bayikuyemwo, Haheze imisi ngo bageze Minova, Mumisi mike naho twumva ngo bikuye Minova batarwanye baca baja gushinga ibirindiro bikuru Bukavu, M23 irabasatira Kavumu, Twari tuzi tuti Uburundi ntiburekura Aéroport ya Kavumu.
Twumva ngo naho bagiye batarwanye, Baca Bukavu birenganira baja i Nyangezi, Ubu bakaba Bageze i kamanyola kumupaka w'Uburundi.
Ibi n'ibintu bidasiguritse Ku gisirikare catsinze aba El shabab muri Somariya.
Jewe igihe natangura kubona Pacifique Nininahazwe aronka amakuru y'ingabo ziri kurugamba akamenya n'ibintu vy'indani, naciye mbona ko intambara muri Congo itunaniye, Kuko mu gisirikare harimwo ba Maneko b'Urwanda.
M23 ikoresha Ibiturire kugira ngo itsinde urugamba, Ntakuntu Pacifique Nininahazwe yomenya amakuru y'imbere mu basirikare atayabgiwe n'abo nyene. Rero ibiriko biraba kuri FARDC ya Congo birashobora kuba arivyo biriko biba Ku gisirikare cacu.
N'ukuhagabira cane rero, Ivyo wazalendo yavuze ntitubigaye ahubwo tuvyuririreko turondere ivyo vyitso vya Kagame vyoba biri mu gisirikare cacu"