Afrika Yacu Media

Afrika Yacu Media Karibu Washington
(3)

“Afrika Yacu ni urubuga rugamije kwerekana ubwiza, ubuhanga n’iterambere by’umugabane wacu – mu ndimi zacu, mu muco wacu, no mu bitekerezo byacu cane cane mu Rwanda no mu Burundi".

12/08/2025

ITI TURAZI KO BADUKUNDA ARIKO NI MUTUBISE MUJE MU MAZU TWEBWE TUJE KURWANANA RDF /M23 AMASO KUYANDI MUKANYA AUDIO..

12/08/2025

WAMEYISHA INGIA BUKABU .,SIKILIZA.
__________________________________________________
YAMAZE KWINJIRA UMVIRIZA.

📋Ugukoresha impapuro ndangamuntu za magendo biracibonekeza : umushikiranganji w'intwaro yo hagati aratanga imvo🎤 Léonida...
12/08/2025

📋Ugukoresha impapuro ndangamuntu za magendo biracibonekeza : umushikiranganji w'intwaro yo hagati aratanga imvo

🎤 Léonidas Ndaruzaniye, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati, mw'itangazo yasomye, rijanye n'umusi umusi mpuzamakungu wahariwe igisata c'inyandiko n'ibiharuro ndangamuntu muri Afrika, uhimbazwa buri wa 10 Myandagaro, yarerekanye intambamyi zihanze igisata c'inyandiko n'ibiharuro ndangamuntu (état civil) :

👉🏾 Kubura uburyo bwo gukorera mu gihugu cose, kugira ibigo vy'amagara y'abantu bikorane neza n'ibigo bikora mw'iyandikwa ndangamuntu mu gihugu cose (interoperability) ;

👉🏾 Ubuhinga budakwiye kugira ngo ibiharuro bitangwe mu buryo bwa none ;

👉🏾 Gukomeza neza ibikorwa vy'inyandiko n'ibiharuro ndangamuntu ;

👉🏾 Ubushobozi buke bw'abakozi bo mu biro vy'inyandiko ndangamuntu n'abakozi bo mu bisata vy'amagara y'abantu, n'ibindi.

🇧🇮 Ni mu gihe, Uburundi bwaraye bwifatanije na Afrika mu guhimbaza

💬 Mwomenya ko gushika ubu, zaba impapuro ndangamuntu zose, impapuro z'amavuko, impapuro zerekana ko wubatse canke utubatse, zigitangwa mu buryo bw'impapuro. Intambamyi muri ivyo vyose, nk'uko bikunze kwibonekeza, hari abaca bakoresha impapuro ndangamuntu za magendu.

12/08/2025

MBEGA 🇧🇮 MWABAYE GUTE?? KO MUTANGA AMAKURU KUBINYAMAKURU VYO MU YUKO ATAMATARA MUFISE ., MUBIBWIRA IBI BINYAMAKURU BIHEZE BABAHE AYO MATARA ??

KUKI MUTABABWIRA UKURI KW'IBIHARI ? ITANGAZO RYA NTIMWARIBONYE??
AMAFOTO N'AMA VIDEO NTIMWABIBONYE IBIRIKO BIRAKORWA??

👉 IBI ATARI UKWITUKISHA IZI N'IMPANURO MUKUNDE IGIHUGU CANYU..,KUKO IGIHUGU NI CAWE NI CACU ..
MWIPFUZA IKI NONE ???🤷🤷🤷

11/08/2025

Ibi bintu bisa navyo!! Uramaze kubibona nanwe?

❌🪙 Nta rudandazwa rw'ama   rwuguruwe mu  , Ubushikiranganji bw'ubutunzi, ikigega ca Reta n'ubutunzi bufatiye ku buhinga ...
11/08/2025

❌🪙 Nta rudandazwa rw'ama rwuguruwe mu , Ubushikiranganji bw'ubutunzi, ikigega ca Reta n'ubutunzi bufatiye ku buhinga bwa none burabibeshuza

🤭 Abatanguye kubazanya uko boshira imitahe yabo muri za Cryptomonnaie biciye ku (ifaranga ritagaragara rikoreshwa biciye ku buhinga bwa none) ko yoba yuguruwe n'ubushikiranganji bosubiza amero mw'isaho kuko atarivyo

❌ Ubwo bushikiranganji burongowe na Alain Ndikumana burabeshuza ko iyo nkuru iriko irahanahanwa cane ku mbuga hwaniro ari igihuha kuko nya mugambi wama cryptomonnaie utigeze utanguzwa canke wemezwe n'ubwo bushikiranganji

🧐 Musomyi, ico gihuha wari wakibonye ? Ivya Cryptomonnaie woba ubizi ?

✈️🇧🇮𝗨𝗺𝘂𝘆𝗮𝗴𝗮𝗻𝗸𝘂𝗯𝗮 atagihindutse itariki 𝟭𝟰/𝟴/𝟮𝟬𝟮𝟱 urasubira kuboneka neza bivanye naho ibikorwa bigeze.Ni ijambo rya 𝗝𝗲𝗮𝗻...
11/08/2025

✈️🇧🇮𝗨𝗺𝘂𝘆𝗮𝗴𝗮𝗻𝗸𝘂𝗯𝗮 atagihindutse itariki 𝟭𝟰/𝟴/𝟮𝟬𝟮𝟱 urasubira kuboneka neza bivanye naho ibikorwa bigeze.

Ni ijambo rya 𝗝𝗲𝗮𝗻 𝗔𝗹𝗯𝗲𝗿𝘁 𝗠𝗮𝗻𝗶𝗴𝗼𝗺𝗯𝗮, umuyobozi wa aho yabishikirije uyumusi hariya mu mugisagara ca , Aho bariko bashinga ikigega kizokwakira umuyagankuba uvuye ku gituro ca Rubirizi uja muri Bujumbura yose.

Yasiguye ko bariko barahuza umuhora wa Gahongore 110KV n’igituro ca Rubirizi; mu mugambi wa 𝗞𝗮𝗺𝗮𝗻𝘆𝗼𝗹𝗮-𝗕𝘂𝗷𝘂𝗺𝗯𝘂𝗿𝗮 muntumbero yo kwakira umuyagankuba uva muri RDC ugashika mu Kamenge.🇨🇩🇧🇮

🎤🔴   🇧🇮🧳 : 𝗔𝗹𝗯𝗲𝗿𝘁 𝗦𝗵𝗶𝗻𝗴𝗶𝗿𝗼Arashimira Umukuru w’Igihugu ku bw’iCizere yamugiriye.Albert Shingiro, uwahoze arongoyeUbushik...
11/08/2025

🎤🔴 🇧🇮🧳 : 𝗔𝗹𝗯𝗲𝗿𝘁 𝗦𝗵𝗶𝗻𝗴𝗶𝗿𝗼
Arashimira Umukuru w’Igihugu ku bw’i
Cizere yamugiriye.

Albert Shingiro, uwahoze arongoye
Ubushikiranganji bw’Imigenderanire
Y’Uburundi n’amakungu n’ugufashanya
Kw’iterambere, yashikirije ugushima
Afise ku mutima wa Nyenicubahiro
𝗘𝘃𝗮𝗿𝗶𝘀𝘁𝗲 𝗡𝗱𝗮𝘆𝗶𝘀𝗵𝗶𝗺𝗶𝘆𝗲, yamuhaye
Akaryo ko gukorera igihugu mu kiringo
C’imyaka 5.

Abicishije ku rubuga 𝐓𝐰𝐢𝐭𝐭𝐞𝐫 (X), yavuze
Ko yashigikiwe kandi akayoborwa nk’i
Nararibonye mu rugendo rwiwe rwa
Diplomatie.

𝗔𝗹𝗯𝗲𝗿𝘁 𝗦𝗵𝗶𝗻𝗴𝗶𝗿𝗼, yahoze ari
Umushikiranganji w’Imigenderanire
N’Amahanga n’Iterambere ry’Uburundi,
Yamenyekanye cane mu bikorwa vyo
Gushira imbere inyungu z’igihugu mu M
Rwego mpuzamakungu. Yavukiye i
𝗕𝘂𝗵𝗶𝗴𝗮, mu ntara ya 𝗞𝗮𝗿𝘂𝘀𝗶, ku wa 31
Kigarama 1970. Afise impamyabumenyi
Y’igice ca 2 c’amashure ya kaminuza mu
Bijanye n’Imigenderanire
Mpuzamakungu yakuye muri Kaminuza
Ya 𝗟𝗮𝘃𝗮𝗹 mu gihugu ca 𝗖𝗮𝗻𝗮𝗱𝗮, hamwe
N’iyindi y’iciciro ca mbere mu bijanye
N’Ubwenge n’Ubushakashatsi yakuye
Muri Kaminuza ya 𝗕é𝗻𝗶𝗻 🇧🇯.

Mu rugendo rwiwe rwa ,
Shingiro yabaye Umuhanuzi wa kabiri
Muri Ambasade y’Uburundi i New York
Kuva mu 2006 gushika mu 2010. Yabaye
Kandi Umuyobozi Mukuru
W’Ubushikiranganji bw’Imigenderanire
N’amahanga kuva mu 2012 gushika mu
2014. Yabaye Intumwa idasanzwe
Y’Uburundi mu Muryango w’Abibumvye
Kuva mu 2014 gushika mu 2020, aho
Yagaragaje ubwenge mu gushikiriza
Ibibazo vy’igihugu ku rwego mpuza
Makungu.

Ku wa 28 Ruheshi 2020, yagenywe kuba
Umushikiranganji w’Imigenderanire
N’amahanga n’Iterambere ry’Uburundi.
Muri ayo mabanga yibanze ku guteza
Imbere imigenderanire y’Uburundi
N’amahanga, gukingira inyungu
Z’abarundi baba hanze, no gukomeza
Ubudandaji n’ishoramari. Yashize imbere
Kandi intumbero y’iterambere ry’igihugu
Rishingiye ku kwigenga 👏🇪🇺.

🎙️Prezida Ndayishimiye asaba imbabazi abatwa ku karenganyo bakorewe muri kahise 📅 Iki kigongwe umukuru w'igihugu c'Uburu...
11/08/2025

🎙️Prezida Ndayishimiye asaba imbabazi abatwa ku karenganyo bakorewe muri kahise

📅 Iki kigongwe umukuru w'igihugu c'Uburundi yagisavye kuri uyu wa 9 Myandagaro 2025, kw'izina rya Reta y'Uburundi. Hari mu birori vy'umusi mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka uhimbazwa buri wa 9 Myandagaro uko umwaka utashe, vyabereye ku kibuga c'i Buganda muri komine Bukinanyana mu ntara ya Bujumbura.

✍🏾 Prezida Ndayishimiye avuga ko abatwa bategerezwa kuronka amatongo. Agira ati : "Mw'ibwirizwa nshingiro biranditse neza ko Umurundi wese ategerezwa kuronka aho aba. Hako abatwa bama ari ba bayerera, nabo nibaronke aho baba, bubake, barime, borore".

🔙 Kubona uno musi abasangwabutaka bariko baraba uburenganzira bwabo, ngo babusaba Reta ibashigikiye kuko atariko vyahoze muri kahise. Ati : "Abahutu n'abatutsi bararonse, none kubera iki abatwa bo bataronka ? Bategerezwa kuronka. Burya kare n'abahutu bari abagererwa, kuri Bagaza niwe yakuye ubugererwa, abahutu babona gutangura kuronka amatongo."

📌 Ariko rero ngo amatongo ya reta si manini ariko bike bikehanira abankana. Ati : "Niturondere n'ako gatoyi, tukabahe". Niko guca agirako asaba ikigongwe kubw'amareta yose yagiye arakurikirana atakuyeho gukumira abatwa. Yaciye agirako anamenyesha ko ivyo bitazosubira ku ntwaro yiwe.

💬 Umukuru w'igihugu c'Uburundi yagize ati : " Mu butungane bunywanisha hariho ikintu citwa kwerekana ko bitagisubira/gucira imoso. Ukora ibintu vyose vyerekana ko ayo macakubiri, uko gukumirana, ubwo bwicanyi, biheze."

📌 Umukuru w'igihugu avuga ko bibaye ngombwa azonasaba ihinyanyurwa ry'amategeko n'amabwirizwa akumira abatwa na cane cane mu bitigiri vy'ukuntu baserukirwa biri mw'ibwirizwa nshingiro.

✅ Mu Burundi, hari ibimaze gukorwa mu ntumbero yo guteza imbere abasangwabutaka. Nk'akarorero, baraserukiwe n'abashingamateka 3 mu nama nshingamateka, abakenguzamateka 3 mu nama nkenguzamateka n'umushikiranganji umwe muri Reta. Mu bijanye n'indero, umwana w'umutwa aroroherezwa kuja mu mashure y'indaro.

📸 : Ntare Rushatsi House

🇧🇮🇧🇮🔥Umu COMMANDO wumurundi niwe niwe wa mbere afise ubukomezi nubukerebutsi butangaje 👍kurasa baragema👍Gusimba umuduga ...
11/08/2025

🇧🇮🇧🇮🔥Umu COMMANDO wumurundi niwe niwe wa mbere afise ubukomezi nubukerebutsi butangaje
👍kurasa baragema
👍Gusimba umuduga ariko uriruka
👍Gukoroka mundege iri mu kikirere
👍Gukoroka kumitaka mundege
👍Gukoroka kumigozi ibimanga birebire
👍Kurwana intambara zikomeye bagatsinda
👍Kuja kugarukana umutekano mubindi bihugu

Musomyi nawe ukaba wipfuza kwama ukurikirana ururubuga kora kwirijambo risa nubururu Afrika Yacu Media winjiremwo ugire suivre canke follow❤️

🎤🔴   🇧🇫 : Prezida waBurkina Faso 𝐈𝐛𝐫𝐚𝐡𝐢𝐦 𝐓𝐫𝐚𝐨𝐫é yongerejeUbushobozi bwa gisirikare inyuma yoKuronka ibikoresho bikomeye ...
11/08/2025

🎤🔴 🇧🇫 : Prezida wa
Burkina Faso 𝐈𝐛𝐫𝐚𝐡𝐢𝐦 𝐓𝐫𝐚𝐨𝐫é yongereje
Ubushobozi bwa gisirikare inyuma yo
Kuronka ibikoresho bikomeye bivuye mu
Gihugu c’Ubushinwa.

Ivyo bikoresho ni nk’ :

- Imodoka z'intambara z’ubwoko 𝗩𝗡𝟮𝟮𝗕
- Imisarato ya 𝗣𝗟𝗟-𝟬𝟱
- Inkoho za roketi 𝗦𝗥𝟱

Ivyo bikoresho vyakozwe na 𝗡𝗼𝗿𝗶𝗻𝗰𝗼,
Ishirahamwe rinini ry’ubwubatsi bwa
Gisirikare mu Bushinwa, bikaba bifasha
Cane mu ntambara zo mu bisagara no
Mu mashamba y’ibindi bihugu.

Iyi nteguro igaragara no mu bindi bihugu
Vya 𝗔𝗳𝗿𝗶𝗸𝗮 bigenda bihitamwo gukorana
N’Ubushinwa ku bijanye n’ibikoresho vya
Gisirikare kubera ibiciro vyiza n’ukwihuta
Mu gutanga ivyo bikoresho.

M23 yahoneje abanyagihugu ataco bazira muri RutshuruIbiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu vyagirije M23 kwica abas...
11/08/2025

M23 yahoneje abanyagihugu ataco bazira muri Rutshuru

Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu vyagirije M23 kwica abasivire barenga 300 muri Rutshuru

Abo bashizwe muri rapport ya ONU mugihe igisirikare ca FARDC na co cagirije M23 kwica abasivire binzira karengane baharurwa muri mirongo mu ntara ya Kivu y'Epfo.

W***y Ngoma avugira M23 akaba avyamirira kure asaba ONU kuza ikabereka aho abo bantu bahamvye

Address

Washington D.C.

Telephone

+255747234020

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Afrika Yacu Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company in Washington D.C.?

Share