11/08/2025
🎙️Prezida Ndayishimiye asaba imbabazi abatwa ku karenganyo bakorewe muri kahise
📅 Iki kigongwe umukuru w'igihugu c'Uburundi yagisavye kuri uyu wa 9 Myandagaro 2025, kw'izina rya Reta y'Uburundi. Hari mu birori vy'umusi mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka uhimbazwa buri wa 9 Myandagaro uko umwaka utashe, vyabereye ku kibuga c'i Buganda muri komine Bukinanyana mu ntara ya Bujumbura.
✍🏾 Prezida Ndayishimiye avuga ko abatwa bategerezwa kuronka amatongo. Agira ati : "Mw'ibwirizwa nshingiro biranditse neza ko Umurundi wese ategerezwa kuronka aho aba. Hako abatwa bama ari ba bayerera, nabo nibaronke aho baba, bubake, barime, borore".
🔙 Kubona uno musi abasangwabutaka bariko baraba uburenganzira bwabo, ngo babusaba Reta ibashigikiye kuko atariko vyahoze muri kahise. Ati : "Abahutu n'abatutsi bararonse, none kubera iki abatwa bo bataronka ? Bategerezwa kuronka. Burya kare n'abahutu bari abagererwa, kuri Bagaza niwe yakuye ubugererwa, abahutu babona gutangura kuronka amatongo."
📌 Ariko rero ngo amatongo ya reta si manini ariko bike bikehanira abankana. Ati : "Niturondere n'ako gatoyi, tukabahe". Niko guca agirako asaba ikigongwe kubw'amareta yose yagiye arakurikirana atakuyeho gukumira abatwa. Yaciye agirako anamenyesha ko ivyo bitazosubira ku ntwaro yiwe.
💬 Umukuru w'igihugu c'Uburundi yagize ati : " Mu butungane bunywanisha hariho ikintu citwa kwerekana ko bitagisubira/gucira imoso. Ukora ibintu vyose vyerekana ko ayo macakubiri, uko gukumirana, ubwo bwicanyi, biheze."
📌 Umukuru w'igihugu avuga ko bibaye ngombwa azonasaba ihinyanyurwa ry'amategeko n'amabwirizwa akumira abatwa na cane cane mu bitigiri vy'ukuntu baserukirwa biri mw'ibwirizwa nshingiro.
✅ Mu Burundi, hari ibimaze gukorwa mu ntumbero yo guteza imbere abasangwabutaka. Nk'akarorero, baraserukiwe n'abashingamateka 3 mu nama nshingamateka, abakenguzamateka 3 mu nama nkenguzamateka n'umushikiranganji umwe muri Reta. Mu bijanye n'indero, umwana w'umutwa aroroherezwa kuja mu mashure y'indaro.
📸 : Ntare Rushatsi House