B-EYE TV

B-EYE TV Kaze kurubuga rwa B-EYE TV, ikinyamakuru gitanga amakuru yizewe yo mu Burundi no mubindi bihugu.

Muradusanga kandi kuri Youtube, Facebook, Instagram, x, tiktok no kuri website www.b-eyegroup.net

05/11/2025

Damzzkartel ati ''abanteye intege ni benshi, hariho nabibaza ko ndi uwo muri nigeria''

🛑Ishure ry'ubuhinga ryisumbuye rya Kamenge (ETS) ryugaye kubera ikiza ca korera📆Kuri uyu wa 3 Munyonyo 2025, ishure ry'u...
04/11/2025

🛑Ishure ry'ubuhinga ryisumbuye rya Kamenge (ETS) ryugaye kubera ikiza ca korera

📆Kuri uyu wa 3 Munyonyo 2025, ishure ry'ubuhinga ryisumbuye rya Kamenge, riri muri komine Ntahangwa i Bujumbura ryahagaritse ivyigwa kuva mu gitondo inyuma y'aho hibonekereje abagwaye korera beshi mu banyeshure. Abanyeshure bashika 10 bari bafise ibimenyetso vya korera kuva ku musi wa gatandatu.

🚑Kuva kuri uwu wa mbere, rusehabaniha zajanye abagwaye ku bitaro Prince Régent Charles na Roi Khaled vyo mu Kamenge. Indongozi mu gisata c'indero zasavye abigisha n'abanyeshure bose b**a bataba mu ndaro kuguma muhira gushika hagize igihinduka gishasha.

➡️Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwarungitse imigwi ijejwe gukora isuku no gupompa ico kibanza. Gupompa imiti mu buzu bwa surwumwe, mu ndaro no mu bibanza hwaniro vyatanguye kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere.

🏫Ishure ry'ubuhinga ryisumbuye rya Kamenge riharurwamwo abanyeshure barenga 1000, ariko rimaze igihe rifise ingorane y'ukuronka amazi meza. Ngo amazi aza mu mabombo hagati y'isaha umunani n'isaha icenda z'ubuca, kandi si imisi yose. Abanyeshure bategerezwa kuvyuka kuvoma amazi akenewe mu kugira isuku rya buri musi.

🔴 Le Ministère de l’Éducation appelle à renforcer l’hygiène dans les écoles🔺Le Ministre de l’Éducation nationale et de l...
03/11/2025

🔴 Le Ministère de l’Éducation appelle à renforcer l’hygiène dans les écoles

🔺Le Ministre de l’Éducation nationale et de la Recherche scientifique, Prof. François Havyarimana, a adressé ce 3 novembre 2025 une correspondance à tous les Directeurs provinciaux de l’Éducation pour les inviter à renforcer les mesures d’hygiène dans les établissements scolaires, publics comme privés.

👆Dans cette note, le ministre fait remarquer que plusieurs cas de maladies contagieuses ont été observés ces derniers jours dans certaines écoles, souvent liés au manque d’hygiène.

✍️ Il demande ainsi à ce que la propreté soit strictement assurée dans toutes les écoles, en particulier dans les internats, et que des travaux de nettoyage soient régulièrement organisés en dehors des heures de cours. Il recommande également d’alerter l’administration locale et les structures sanitaires en cas de suspicion de maladie contagieuse.

📌 Le ministre prévient que tout responsable scolaire qui ne respectera pas ces instructions sera sanctionné.

03/11/2025

Ikiganiro kiryoshe cane😍🥰umviriza imvyino bavyina bariko basezera umwigeme agira aje kwubaka hamwe no mugihe bariko baramutanga🔥

Ikiganiro cose ugisanga ngaha https://youtu.be/ojez84lQyvo

🩺Abaganga bo ku bitaro vya   biri muri komine   baraye bankiye buramatari wa Burunga kwakira abakomerekeye mw'isanganya ...
03/11/2025

🩺Abaganga bo ku bitaro vya biri muri komine baraye bankiye buramatari wa Burunga kwakira abakomerekeye mw'isanganya ryabaye kuri uyu wa 2 Munyonyo 2025 hafi y'ahari ivyo bitaro.

➡️Mu gihe buramatari w'intara ya Burunga, Parfait Mboninyibuka, yari ageze aho habereye isanganya yaciye anyarukana abakomeretse ku bitaro vya Rutovu ariko abaganga baranka kubakira, bagasigura ko badashobora kuvura umuntu adafise agakarata ko kwivurizako (CAM).

👨Buramatari amenyesha ko yabingize ngo babanze babakire baravyanka, atako asaba n’umuduga wunguruza indembe ngo abajane ku rindi vuriro navyo nyene baravyanka, niko guca wenyene abijanira mu Rutana aho bariko baravurirwa ubu.

👤Parfait Mboninyibuka akavuga ko abakoze ivyo bategerezwa kubihanirwa kuko ngo kubona abaganga banka kwakira uwagize impanuka binyuranye n’akarangamutima k'umwuga wo kuvura.

📌Umushikiranganji w'amagara y'abantu, Lydwine Baradahana ati : "Amavuriro yose arafise itegeko ryo kuvura umurwayi azanywe kwivuza aremvye canke yagize isanganya, ivyo kumusaba ikarata yo kwivurizako canke kumurihisha b**akorwa inyuma y'amasaha 48."

👆Ivyo yabishikirije mu nama nshingamateka yo kuwa 20 Gitugutu 2025, aho yariko yishura ku bibazo vy'abashingamateka.

31/10/2025

Cancer y’ibere uyimenye ukayivuza hakiri kare irashobora gukira. Ibimenyetso vy’iyo ndwara hamwe n’ibituma umuntu yongereza amahirwe yo kuyirwara vyumvirize muri iyi video.

🛑Tous les ménages et lieux suspectés d’être à l’origine de la contamination au choléra dans les quartiers de la Zone But...
31/10/2025

🛑Tous les ménages et lieux suspectés d’être à l’origine de la contamination au choléra dans les quartiers de la Zone Buterere, Commune Ntahangwa, l’une des zones les plus épidémiques font l’objet d’opérations de pulvérisation massive.

👆Ces interventions visent à réduire la propagation de l’épidémie et à protéger la santé des populations.

➡️Cette mesure a été annoncée par le Ministre de la Santé Publique, Dr Lydwine BARADAHANA, du Ministère de la Santé Publique, lors d’une descente effectuée à Buterere ce 30 octobre 2025.

📌Le Ministre Dr Lydwine BARADAHANA a rappelé l’importance d’une implication active et durable de la population, notamment à travers le changement des comportements afin de réduire la propagation de l’épidémie.

🔴La Journée mondiale de l'Accident Vasculaire Cérébral (AVC) ✍️Cette journée est célébrée chaque année le 29 octobre, el...
29/10/2025

🔴La Journée mondiale de l'Accident Vasculaire Cérébral (AVC)

✍️Cette journée est célébrée chaque année le 29 octobre, elle a été créée en 2006 par la World Stroke Organization (WSO) pour sensibiliser le public à l'importance de la prévention, du diagnostic et du traitement rapide des AVC.

📌Les objectifs de la journée mondiale de l'AVC sont de sensibiliser le public aux signes avant-coureurs de l'AVC et à l'importance d'agir rapidement en cas de symptômes, promouvoir la prévention par une meilleure hygiène de vie et la gestion des facteurs de risque, soutenir les patients et leurs familles dans leur parcours de soins et de rééducation.

👆Parmis les signes de l'AVC il y a le visage paralysé, troubles de la parole, faiblesse ou paralysie d'un côté du corps.

📋Les différents facteurs de risque modifiables il y a : hypertension artérielle, tabagisme, taux de cholestérol élevé (hypercholestérolémie), Diabète, Consommation excessive d'alcool, Sédentarité et surcharge pondérale, Stress chronique, Problèmes cardiaques (comme une arythmie), Pilule contraceptive (chez certaines femmes).

Les facteurs de risque non modifiables il y a :
1/ Âge : Le risque augmente avec l'âge.
2/ Hérédité : Des antécédents familiaux d'AVC augmentent le risque.

➡️ Il existe différents types d'AVC :
1️⃣AVC ischémique : Représente environ 80 % des cas.
2️⃣AVC hémorragique : Représente environ 15 % des cas.
3️⃣Hémorragies méningées : Représentent environ 5 % des cas.

‼️ Selon l'OMS, l'AVC touche environ 15 millions de personnes par an dans le monde, entraînant la mort de 5 millions d'entre elles et laissant 5 millions de survivants avec des séquelles permanentes. C'est la deuxième cause de décès et la première cause de handicap acquis chez l'adulte.

🔴Urugendo rw’umwami kuva avuka gushika atanze..⏪️Kera umwani ntiyatorwa ngo atorwe n’abenegihugu. Umwami ari ku ngoma yi...
29/10/2025

🔴Urugendo rw’umwami kuva avuka gushika atanze..

⏪️Kera umwani ntiyatorwa ngo atorwe n’abenegihugu. Umwami ari ku ngoma yicara yarabwiye abanyamabanga biwe uzomusubirira ku ngoma. Uko kera vyari bimeze wasanga umwami afise abamikazi benshi, mu gutora rero uwuzomusubirira ari we “samurarwa” yaca atora umwana wo ku mwamikazi w’inkundwakazi wanyuma.

🤴Umwami yareka gutora umwana mukuru wo k’umwamikazi wa mbere kubera yanka yuko uwo mwana yohava akura akagera gutwara kandi nawe ataragera guhimba gutwara bagahava bashamirana.

⁉️Mbega ko bavuga ngo umwami avukana imbuto, ivyo navyo bimeze gute?

Mu bitabo mfatanyigisho havuga ngo umwami yavukana imbuto ariko yari imvugo ngereranyo. Babivuga uko kugira berekana yuko umwami atari umuntu asanzwe ahubwo ari uwazaniye abarundi imirima, inka, umugisha hamwe n’imihezagiro.

Wa mwana samurarwa rero wo k’umwamikazi w’inkundwakazi amaze kuvuka baca bamuhungisha kugira abandi ntibamugirire nabi, baca baja kumureresha kwa inarume canke bakamujana mu mahanga.

Uko igihe cagenda niko baza barabwira umwami urugero samurarwa agezeko. Mukubimumenyesha, samurarwa yahonyoza ikirenge mu gikemanyi bashizemwo ifu hama bagaca bakizanira umwami hama nawe agashiramwo ikirenge ciwe.

Iyo babonye ibirenge bisigaye bingana baca babona ko samurarwa yakuze hageze yuko umwami yiha ubuki hama samurarwa nawe atware.

⁉️Mbega kwiha ubuki bisigura iki?

Kwiha ubuki yari inzoga bashizemwo imiti yica hama umwami ayinyoye agaheza agatanga (agapfa).

Hariho uwujejwe kumenyesha iyo nkuru mbi bamwita “umuguruzi w’urunyoni” yaca avyuka mu gatondo akoma akaruru kuko mu migenzo y’ikirundi iyo hari inkuru mbi abarundi bavuza induru.

Mu kiganiro twagize n’umutumire wacu Gervais Gahungu arasigura nibindi vyinshi vyerekeye ingene bahamba umwami. Murashobora kubisanga kuri iyi link https://youtu.be/ExoeYF9TMLc?si=xuxepI0nbtlDPvSe

🛑L'usine de production d'oxygène médical à l'Hôpital de Ngozi.📅 Ce 25 Octobre 2025, il y a eu l’inauguration officielle ...
28/10/2025

🛑L'usine de production d'oxygène médical à l'Hôpital de Ngozi.

📅 Ce 25 Octobre 2025, il y a eu l’inauguration officielle par Son Excellence le Président de la République du Burundi, Evariste Ndayishimiye, d’une unité de production d'oxygène médical à Hôpital de Ngozi.

✍️L’ importance de l'oxygène est entre autres :

1️⃣Taitement des infections respiratoires, urgences pédiatriques, complications chirurgicales, des complications néonatales et obstétricales.

2️⃣Indispensable pour les soins intensifs et maternité, les urgences pédiatriques et les interventions chirurgicales.

3️⃣Essentiel pendant les pandémies (ex : COVID-19).

✅Les avantages d'une production locale de cet oxygène est de s’assurer une production continue et autonome, la réduction significative des coûts logistiques, la disponibilité immédiate en cas d'urgence, l’amélioration directe de la qualité des soins et le soutien aux hôpitaux environnants, Réduction de la mortalité évitable.

⤴️En conclusion c’est un projet stratégique pour l'avenir.
Cette unité de production représente un tournant majeur pour la santé publique, un investissement dans la vie, la dignité et l'avenir.

👏Ensemble, construisons un système de santé plus résilient.

⁉️Mbega ikibazo c’imbwa zimaze igihe zirya abantu bagapfa coba kiriko kirirwako?✍️Nk’uko twari twabibamenyesheje muri iy...
28/10/2025

⁉️Mbega ikibazo c’imbwa zimaze igihe zirya abantu bagapfa coba kiriko kirirwako?

✍️Nk’uko twari twabibamenyesheje muri iyu nkuru ( https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=846839514526729&id=100076020638499&mibextid=wwXIfr) abana 2 bo muri zone Musigati komine barapfuye kubera habaye ikena ry'urucanco bita “antirabique” bariwe n'imbwa.

📍I naho umwana w'umuhungu w'imyaka 8 yarariwe n'imbwa ziyerera zisigaza amagufa gusa. Vyabaye kuri uyu wa 20 Gitugutu 2025 muri karitiye ya komine Gitega. Abavyeyi b'uwo mwana bavuga ko yari asubiye kw'ishure avuye kwa inakuru aca mu nzira iri mu biti, bararindira ko ataha muhira barabura. Mu gatondo ko ku wa 21 Gitugutu 2025 bumvise abarengana babahamagara ko babonye impuzu mw'ishamba, niko gusanga hasigaye amagufa yonyene.

➡️Bamwe mu banyagihugu nabo baba muri zone muri komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura, baratewe impungenge n’imbwa zimaze imisi zibonekeza cane cane aho bita kuri no jwibarabara rya 5. Izo mbwa zikaba zigira mu kirwi c’imbwa zirenga 5, bakemeza ko hari n'igihe zishika 10.

🫵🏾Abo banyagihugu basigura ko izo mbwa ziteye umutekano muke kuko bishika zigahungabanya uruja n’uruza bakavuga ko bafise amakenga ko hashobora kuba harimwo n’imbwa zigwaye, zishobora no kurya abantu zikabanduza indwara.

⏺️Mu ntwaro aho muri iyo karitiye bavuga ko ico kibazo bakizi ndetse bagishikirije ababakurira, bagasaba abanyagihugu kurindira ingingo zizo fatwa. Uwutwara agacimbiri kambere izo mbwa zibonekezamwo (cellule 1) asaba ariko ko abana n'abakuze bokwirinda kuzitera amabuye canke kuzisotora mu kurindira ingingo zizofatwa.

⤴️Uwo mutware ahamagarira kandi abantu bose bafise imbwa kuzikurikirana neza cane cane ibijanye no kuzivuza no kuziteza incanco iyo bibaye ngombwa bakoranye n’abajejwe ivy’amagara y’ibitungwa muri ako karere.

🛑Kuri uyu wa 27 gitugutu 2025, muganga Lydwine BARADAHANA, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amagara y’abantu, ariku...
28/10/2025

🛑Kuri uyu wa 27 gitugutu 2025, muganga Lydwine BARADAHANA, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amagara y’abantu, arikumwe n’umugwi wiwe baragendeye ibitaro vya Prince Régent Charles kugira barabe ingene bigenda ibikorwa vy’ubuvuzi vyo kwakira abarwayi ba mu gisagara ca

👆Muri iyo ntumbero nyene, muganga Lydwine yaragendeye ikindi gisata c’ubuvuzi cakira abarwayi ba korera kiri mu Rubirizi hamwe n’ivuriro rito riri mu Buterere.

👏Twese hamwe twijukire gukora isuku ku mibiri yacu hamwe naho tubaye kugira twirinde ikiza ca korera.

Address

Avenue De La Révolution, Numéro 20A

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when B-EYE TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to B-EYE TV:

  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share