B-EYE TV

Natacha Burundi yerekanye itandukaniro hagati yiwe n'abandi baririmvyi.Hari unomusi igenekerezo rya 26/7/2025, mu gitera...
26/07/2025

Natacha Burundi yerekanye itandukaniro hagati yiwe n'abandi baririmvyi.

Hari unomusi igenekerezo rya 26/7/2025, mu giteramo categuwe n'iradiyo aho hari hatumiwe abaririmvyi benshi b'abarundi.

Umwe wese yaduga ku butambiro yerekana ubuhinga bwiwe akaryohera abakunzi ariko hageze kuri Natacha ibintu vyaciye bisa n'ibihindutse.

Natacha ageze ku ndirimbo yiwe "kamnyweso" yaciye ahamagara abakunzi biwe batandatu ku butambiro yongera ahamagara aba serveur bo kuri club du lac baca bazana inzoga yo mu bwoko bwa champagne ngo Natacha asangire n'abo bakunzi biwe.

Bahejeje gusangira inzoga, Natacha yaciye atumako ibahasha, umwe wese murabo bari bahejeje gusangira aca amuha ibihumbi 20 y'amarundi kuko ngo ntawonwa inzoga ngo ntarenzeko akanyama.

Natacha akaba yabikoze mu ntumbero yo guha insiguro abakunzi biwe bari bamaze imisi bamubaza "kamnyweso".

Musomyi uhuye na Natacha ni akahe kajambo womubwira ?



26/07/2025

Troupe barabiciye biracika ku mvyino zabo hamwe Drama T kuri stage ya Miss Burundi arikumwe n’abatamvyi biwe aho bitakunze yuko aririmba indirimbo zikwiye gushikaho bamwaka microphone.

👑Nk’uko mwagiye muravyibonera ejo ku munsi wa gatanu itariki 25 mukakaro niho ibirori vya Miss Burundi igice canyuma vya...
26/07/2025

👑Nk’uko mwagiye muravyibonera ejo ku munsi wa gatanu itariki 25 mukakaro niho ibirori vya Miss Burundi igice canyuma vyaba.

🥳Ibirori vyari vyatewe iteka na Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, abandi bateye iteka ibirori ni Marie Chantal Nijimbere umushikiranganji w'ubudandaji, amahinguriro n'ubukerarugendo, Ambassadeur W***y Nyamitwe, Imelde Sabushimike umushikiranganji w'ugushigikirana, Jacques Bigirimana umuyobozi mukuru w'igisata c'ubukerarugendo, Rossalynn Kamariza umuyobozi w'ishirahamwe ryatunganije ibirori, , , , n'abandi.

1️⃣Igice cambere caranzwe n’intambo z’umugwi ndagakaranga Troupe , ijambo ry’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu hamwe n’amajambo y’abarongoye amashirahamwe agiye atandukanye, ndetse na Miss Burundi 2023 Lellie Carelle Ndayizeye yaragize ico ashikiriza.

👤Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu mubutumwa yahaye abahiganywe akaba yabateye intege mubikorwa barangura vyo kwiteza imbere no mumigambi bafise yagize ati" Si abagabo gusa bashobora kuba imboneza, namwe murabishoboye" aca abahamagarira no gushigikirana bagashira inguvu hamwe kugira bashikire iterambere. Yabasavye kandi kwirinda abagenzi babi, yavuze ko yifuza ko Uburundi bushika aho umwana wese w' umwigeme ashika ku ntambwe aterera biboneka mw' iterambere.

2️⃣Igice ca kabiri caranzwe no gushikiriza imigambi aba miss bafise hamwe no kubazwa ibibazo bimwe bimwe bijanye n’imigambi bashikirije.

👩Miss Burundi Kellia Lagloire Kaneza akaba yatahukanye imodoka nshasha ikoreshwa n' umuyagankuba, imiliyoni 25 z’amafaranga y'amarundi, itike y'indege izomushikana mu gihugu ca , amafaranga y' ishure ya kaminuza mu kiringo c'umwaka, imashini nyabwonko n'ibindi.

✍️Icegera ca mbere ca Miss Burundi Habarugira Kessia yatahanye imiliyoni 15, icegera ca kabiri Bazahica Tania yatahukanye imiliyoni 10, uwufise umugambi mwiza Miss Développement Iteka Nelly Charlene yatahukanye imiliyoni 10.

📌Twobamenyesha yuko muri iryo higanwa habayemwo akabirya gashasha aho hatanzwe agashimwe ku mwigeme yitwaye neza ariwe Miss
Mugisha Jennifer

🎙️Kubaririmvyi bari batumiye nka T ntiyaronse umwanya wo kuririmba indirimbo nyinshi zishoboka kubera umwanya wabaye muto gushika aho banamwaka na microphone. Abandi baririmvyi bateramishije ivyo birori yari Andy Mwag na Toussaint All Saint ariko nabo nyene nta ndirimbo nyinshi baririmvye.

😍Mu bushimwe bwari butegekanijwe kuronswa Miss Burundi Kaneza Kellia Lagloire harimwo iyi modoka nziza itanywa igitoro n...
26/07/2025

😍Mu bushimwe bwari butegekanijwe kuronswa Miss Burundi Kaneza Kellia Lagloire harimwo iyi modoka nziza itanywa igitoro nk’inzindi ariko igakoreshwa n’umuyagankuba.

📢👑 Iryavuzwe riratasheee   abaye Kaneza Kellia Lagloire Nr 31🔹 Icababa ciwe cambere ni Habarugira Kessia. Icababa ca kab...
26/07/2025

📢👑 Iryavuzwe riratasheee abaye Kaneza Kellia Lagloire Nr 31

🔹 Icababa ciwe cambere ni Habarugira Kessia. Icababa ca kabiri ni Bazahica Tania nr 4

🔹Uwatowe n'abantu benshi ni Mugisha Monica Céleste Nr : 43

🔹 Nayo , uwufise umugambi mwiza uhiga iyindi ni Iteka Nelly Charlène Nr : 19

📷 Kuri abo bose, hiyongerako Mugisha Jennifer Nr : 41

EYE tv

Umurwi ndangakaranga   niwo wuguruye ibirori vya Miss Burundi
25/07/2025

Umurwi ndangakaranga niwo wuguruye ibirori vya Miss Burundi

🥳Ibirori vy’ihiganwa rya   2025 igice canyuma bisa nibitanguye. Tubibutse yuko uyumusi ariho tuzakumenya muri ba bigeme ...
25/07/2025

🥳Ibirori vy’ihiganwa rya 2025 igice canyuma bisa nibitanguye.

Tubibutse yuko uyumusi ariho tuzakumenya muri ba bigeme 15 uwuza kuronka amahirwe yo kuba Miss Burundi. Ibirori biriko bibera kuri cercle hippique.

🔴  Ikigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi mu Burundi kiramenyesheje   bose ko ingingo ya 212 y'ibwirizwa no 1/12 r...
24/07/2025

🔴 Ikigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi mu Burundi kiramenyesheje bose ko ingingo ya 212 y'ibwirizwa no 1/12 ryo ku wa 24 Ruheshi 2025 ritegekanya amafaranga Leta izokoresha mu mwaka wa 2025-2026 itanga uburenganzira ku mutangakori wese arishe amakori n'amatagisi aheranye harimwo n'ayari kuri yiwe hamwe n'ayo atigize amenyesha muri OBR mu myaka iheze ko aheberwa amahadabu bijanye mu gihe arishe ikori canke amatagisi nyamukuru mu kiringo kitarenze amezi atandatu giharurwa uhereye itariki 1/7/2025.

🔴Umukuru w’igihugu yaraye asohoye itegeko inomero 100/093, ryateweko umukono ku wa 23 Mukakaro 2025, ryagenye abaserukir...
24/07/2025

🔴Umukuru w’igihugu yaraye asohoye itegeko inomero 100/093, ryateweko umukono ku wa 23 Mukakaro 2025, ryagenye abaserukira leta mw’ishirahamwe Sonalex Mining Company Limited.

🔺Iryo shirahamwe rifise uburenganzira bwo gucukura ubutare hashingiwe ku mategeko yo kuwa 11 Ruheshi 2025. Umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Ibraham UWIZEYE, ni we yategetswe gushira mu ngiro ivy’iri tegeko.

📌Abo bagenywe nabo ni:

Apôtre MBAYAHAGA Isidore, Emile NDAYISHIMIYE, Dr Seconde NTIHARIRIZWA, Quasnay de Jesus AKABAHINGA, Albert MANIRAKIZA

🍺Mbega   ku muvyeyi ahejeje kwibaruka nako vyifashe gute?✍️Benshi barakunze kuvuga yuko akayeri kazana amaberebere mensh...
23/07/2025

🍺Mbega ku muvyeyi ahejeje kwibaruka nako vyifashe gute?

✍️Benshi barakunze kuvuga yuko akayeri kazana amaberebere menshi ku muvyeyi atayagira, ariko hariho ibibazo bimwe bimwe umuntu ashobora kwibaza ati mbega nta ngaruka mbi umuvyeyi canke umwana ashobora kugira muri ico gihe?

⁉️Musomyi wewe ku bwawe ubivugako iki?

🤌Nk’uko twari twabibamenyeshe yuko Pasteur Marcelo Tunasi agira asubire akore ubukwe inyuma y’umwaka umwe gusa umukenyez...
23/07/2025

🤌Nk’uko twari twabibamenyeshe yuko Pasteur Marcelo Tunasi agira asubire akore ubukwe inyuma y’umwaka umwe gusa umukenyezi wiwe apfuye (inkuru muyisanga aha https://www.facebook.com/share/p/1CeE1hJ1L8/?mibextid=wwXIfr) , amasanamu yambere y’ubukwe uko bwagenze yatanguye kuja ahabona.

23/07/2025

Urukundo ruraryoshee😍😍Christian na Modestine baheruka gishinga urugo rwabo kuri uyu wa gatandatu baratuyagiye inkuru y'urukundo rwabo, ingene umwe wese yahishuriwe n'Imana yuko ibintu ari sawa😍

Ikiganiro cose ugisanga kuri iyi link https://youtu.be/uHW73UTizyY

Address


Telephone

+25767021017

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when B-EYE TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to B-EYE TV:

Shortcuts

  • Address
  • Telephone
  • Alerts
  • Contact The Business
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share