27/08/2026
📝 Amanota 74 ku 200 (37%) niyo yafatiweko ku banyeshure bakoze ikibazo co mu mwaka w'9
✍🏾 Aho ni ku bazokwiga mu mashure atagira uburaro. Ku bazoja mu mashure afise uburaro, hafatiwe ku manota 106 ku 200, ni ukuvuga ibice 53%.
☝🏼Ivyo bihejeje gushikirizwa n'umushikiranganji w'indero, François Havyarimana, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kuri uyu wa 27 Myandagaro 2026, mu ntara ya Gitega.
🎤 François Havyarimana yamenyesheje kandi ko
kugira umunyeshure aje mu mwaka w'indwi w'amashure y'akarorero ategerezwa kuba yaronse amanota atari munsi ya 70% mu kibazo cakozwe co kuja muri ayo mashure.
📃 Abakoze ikibazo co kuja mu mashure y'akarorero bashikanye 42%, bazoja mu mashure y'i ndaro asanzwe, ariko ntibazoriha amafaranga y'ishure, bazoriha ay'uburaro no gufungura gusa 🍽️
👩🏾⚕️ Abazoja mu mashure y'ubuvuzi ya Reta bategerezwa kuba bafise amanota 60%, ay'abigenga muri ico gisata babwirizwa kuba bafise 51%. Abana b'abatwa bafise 37 % bakoze ikibazo co mu mwaka w'9, bazoja mu mashure y'indaro no mu mashure y'ubuvuzi.
👉🏾 Akaba yamenyesheje ko umwaka w'ishure w'2026-2027 uzotangura ku wa 14 Nyakanga 2026.
Muri "commentaires" ya mbere, murabe amanota yagiye arafatirwako kuva mu 2020 gushika mu 2025, mu kibazo co mu w'9 gitanga uburenganzira bwo kuja inyuma y'ishure shingiro 👇🏿
Ishusho : RTNB