17/09/2022
SOMA WITONZE INO NKURU
Umusore umwe wari usanzwe ukora akazi k'uburinzi umunsi umwe umukoresha wiwe yavuye ku kazi asanga aryamye aravuza isoni muga ntihagira uwugurura yururuka imodoka arebye hirya abona yasinziye amuhamagaran'ishavu ryinshi ati :ugurura ,yinjiye amubwira ati: guhera uno munsi nta kazi gahari taha iwanyu
wa musore yimwa umushahara wiwe wa mezi 6 aragenda umwe mu babanyi aramukwirikira amubaza ati:kubera iki waryamye ku mutaga kandi uri ku kazi k'abandi?nawe amwishura ati:ijoro ryose nakesheje ndiko nsenga Imana none nayo nyene mbona itanyishura birangiye banyirukanye ku kazi nakora
wa mubanyi ati:humura umugambi w'Imana uhora ari mwiza
wa musore amaze iminsi atagira icepfo n'icaruguru aterefonwa n'umugenzi wiwe amubwirako yamuronkeye akazi aragenda aronshwa akazi keza ko mw'ihoteri ihenze cane atangura gukora haheze iminsi 2 akora haza umurwizatunga umwe yakirwa nawa musore munyuma umurwizatunga anezezwa cane n'ukuntu yakiriwe n'uwo musore arasohoka wa musore agarutse aje gukura ibiri ku meza ahasanga ingodo irimwo amafaranga menshi cane arirukanga arebe ko yobona wa murwizatunga ageze hanze asanga ataragenda aramuhereza wa murwizatunga aranezerwa cane maze amubwira ati:jewe nije nyene I hoteri n'umunsi nariko ndondera intungane yoshobora kujera amahoteri yanjye yose yo muri uno muji muga aho naciye hose ntanumwe yigeze ansubiza ibyo nasize guhera uy'umunsi niwe ugiye guhagarikira byose akivuga wa mu Boss yakoresha umusore arashika maze abwigwa ati: guhera uno munsi wewe n'abakozi bawe washize mu mahoteri yanjye mumvire mubyanje uno ndikumwe nawe niwe agiye kubihagarikira byose uwo muduga w'akazi uvemwo guhera n'umunsi uno niwe agiye kuwugiramwo amwaka urufunguruzo aruhereza umusore nawe yatsa umuduga arigira
wa mu Boss yigeze gukoresha umusore afukama hasi atangura kwambambira umusore amuhe akazi
wa musore n'amosozi menshi y'umunezero nawe nyene afukama hasi avuga ati:Mana n'uhimbazwe ibyo ugomba nibyo biba kandi ukuboko kwawe si kugufi ngo kureke kurokora uwukwizigiye
INYUMA Y'IGIPFUNGU IZUBA RIRAKA
KANDI IMANA IRATIRA NTIGABA BYIZA WOCISHA MAKE MURI BUNO BUZIMA NTUGAYE UMUNTU KUBERA ATAKINTU AFITE NGO UMUFATE NABI KUKO NTUMENYA KAZOZA KIWE URUHIGI RURAHINDUKA
Ino nkuru ikebuye wewe nawe ukebure abandi m'ukuyisangiza abandi
Niba haricyo ikwigishije naho siga akajambo gahesha icyubahiro Imana
Niba ukunda inkuru kanda
Paneah dà Promoter
Murakoze