SangwAmahoro Media

SangwAmahoro Media Ikinyamakuru cacu

  : umuntu yahatswe kwicwa n'inzara !!!Hari umuntu w'umupfasoni yatowe mu gushamba Kari musi y'isoko nkuru ya Gitega  ku...
11/07/2025

: umuntu yahatswe kwicwa n'inzara !!!

Hari umuntu w'umupfasoni yatowe mu gushamba Kari musi y'isoko nkuru ya Gitega kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Mukakaro 2025 bidakunda ko avuga ata n'inguvu nanke afise.

Nkuko bivurwa n' abari aho bamutoye mw' ishamba hepfo y'isoko amaze yo imisi Niko kuza bamuteruye gushika kwisoko aho yashoboye kuronka abashobora kumuha utwo afungura , bamuhaye ivyo afungura vyaguma bimuhagagura biboneka ko yari amaze imisi adafungura .

Aho iwanyu birabaho?



  :Isozera ry'isasa  rya ndamukiza 2025 !!!Kuri uyu wa 30 Ruheshi 2025     yasozera isasa ryayo rya ndamukiza 2025  rika...
30/06/2025

:Isozera ry'isasa rya ndamukiza 2025 !!!

Kuri uyu wa 30 Ruheshi 2025 yasozera isasa ryayo rya ndamukiza 2025 rikaba n'isasa ryayo ryanyuma mukiringo batorewe. umukuru w'Inama Nkengunzamateka yavuze ivyo baranguye mu kiringo ciyo myaka itanu barangije.

- Integuro 168 zarungitswe Na Reta zarizwe zongera ziremezwa ;

- Ibibazo 34 vyararungikiwe abashikiranganji kugira batange umuco ku myitwarariko y' abakenguzamateka ku bibazo vyari bihanze abenegihugu muri poritike imibano n'iterambere, nabo baraheza baritaba inama Nkengunzamateka ;

- Ivyegeranyo 32 vyarashikirijwe vyigiwe mu nama yabose kubijanye n' ingendo z'akazi abakenguzamateka bakoze hagati mu gihugu no hanze y'igihugu bariko baserukira abenegihugu ;

- Abakenguzamateka baremeje incuro 16 amazina yarungitswe n'umukuru w'Igihugu kugira bizerwe mu mabanga ahambaye y'igihugu ;

- Abakenguzamateka baremeje incuro 2 ingingo zihambaye harimwo iyashiraho umugwi udasanzwe ujejwe gukurikirana ivyo Inama Nkengunzamateka isaba n'ivyipfuzo vy' abenegihugu hamwe n'iyerekeye ivyavuye mu matohoza ku mabi yakozwe mu kiringo c'ubukoroni bw' Abadagi n' ihundurwa ry' intwaro yakozwe n'Ububirigi ;

- Inama Nkengunzamateka yarashizeho umurwi udasanzwe ujejwe kwumviriza abenegihugu Kubibazo boba bafise hamwe no gukurikirana ishirwa mu ngiro z' ingingo zapfundikiwe mu nama ya bose ukaba umeze kwakira amadosiye y' abenegihugu 187 izishika 107 zarizwe n' abagize umurwi zimwe zimwe ziratorerwa umuti ;

Mu kurangiza umukuru w' Inama_Nkenguzamateka yashimiye amashiramwe n' ibihugu bafashije mu kugira ibikorwa vyabo bigenda neza, aranakengurukira abakenguzamateka ingene bitanze anabasaba kugumana ubwizigirwa .

Uvyakiriye gute?



 : Bararajwe inshinga n'ivyatangajwe Na sentare yubahiriza Ibwirizwa shingiro Ku bijanye n'ibirego vyasaba gusubiramwo i...
27/06/2025

: Bararajwe inshinga n'ivyatangajwe Na sentare yubahiriza Ibwirizwa shingiro Ku bijanye n'ibirego vyasaba gusubiramwo ibiharuro vyatangajwe mu amatora aheruka yo Ku wa 05/06/2025 .

Imigambwe , hamwe n'Urunani barandikiye I kete umukuru w'Igihugu ku wa 21 Ruheshi 2025 ku vyatangajwe na sentare yubahiriza Ibwirizwa shingiro Ku bijanye n'ibirego bari bayihaye ku bijanye n amatora yo ku wa 25 Ruheshi 2025.

Muri iryo kete barerekana utunenge twaranze amatora yo ku wa 5 Ruheshi 2025.

Mukurungiza basaba umukuru w'Igihugu kwugurura ibiganiro hagati yabigize ayo amatora, kurekura abafunzwe bazira ayo amatora hamwe n'ukwugurura amatohoza yigenga ku amatora ya 2025 kugira yerekane ivyaranze vyukuri ayo amatora.

Mubibona gute?



 : utunenge twarabonetse mu matora muga udafise icegeranyo c'uko amatora yagenze biragoye Ingene wosigura ko atagenze ne...
24/06/2025

: utunenge twarabonetse mu matora muga udafise icegeranyo c'uko amatora yagenze biragoye Ingene wosigura ko atagenze neza !!!!

Bishikirizwa Na arongoye umugambwe aho Bari baramutse birimbura Ingene amatora yagenze kuri uyu wa gatandatu igenekerezo 21 Ruheshi 2025 I .

Umukuru w' umugambwe Ranac ati vyaribonekeza ko kuri vuga hari umugambwe umwe gusa ntawundi umugambwe washobora gukoranya abantu 3000.
Ntamugambwe wundi uhari ukomeye ushobora kuronka abanywanyi gushika Ku mutumba ,iyo udafise abanywanyi k' umutumba biragoye ingene wohatsinda kandi abarundi ngo batora umuntu kubera yabashikiriye bamubonye .

Yongeye kandi ko mukwiyamamaza nta buryo imigambwe yari ifise n' ibitoro ntavyariho.
Indorerezi ntazari zihari bigaca bituma batoronka icegeranyo c'uko amatora yagenze , udafise icegeranyo vyokugora Ingene uja muri sentare yubahiriza Ibwirizwa shingiro igihe ubona ko warenganijwe.

Mukurungiza ahanura abanyamigambwe kurondera indorerezi naho bobabwira gusohoka bakavyanka .

Ubivuzeko iki ??




 : haribonekeje ibitagenze neza mu amatora yaraye arangiye !!Urunani   rumenyesha ko hibonekeje utunenge tutagira izina ...
07/06/2025

: haribonekeje ibitagenze neza mu amatora yaraye arangiye !!

Urunani rumenyesha ko hibonekeje utunenge tutagira izina mu matora yaraye abaye .
Mu kurindira ibizoshikwako basaba kuguma batekanye gushika bamenyeshejwe uko bifata.



  : amatora yaranzwemo inyifato   atari nziza Umugambwe UPRONA ngo uranegura cane n'inguvu zawo zose inyifato atari nziz...
07/06/2025

: amatora yaranzwemo inyifato atari nziza

Umugambwe UPRONA ngo uranegura cane n'inguvu zawo zose inyifato atari nziza zaranze amatora y'abashingamateka n'abejenama b'amakomine yabaye kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 5 Ruheshi 2025. Ivyo bikaba vyashikirijwe n'umukuru w'uwo mugambwe mw'itangazo kubimenyesha amakuru kuri uyu mugoroba w'igenekerezo rya 6 Ruheshi 2025, aho yadomyeko ibitagenze neza bihambaye indwi ati ngo :
1. Kwuzuza amasandugu amajwi imbere y'uko amatora atangura. Ivyo ngo bikaba vyabaye ahatari hake.
2. Ukwivanga kw'imbonerakure vy'amatora...Umugabwe UPRONA ngo uranegura cane n'inguvu zawo zose inyifato atari nziza zaranze amatora y'abashingamateka n'abejenama b'amakomi yabaye kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 5 Ruheshi 2025. Ivyo bikaba vyashikirijwe n'umukuru w'uwo mugambwe mw'itangazo kubimenyesha amakuru kuri uyu mugoroba w'igenekerezo rya 6 Ruheshi 2025, aho yadomyeko ibitagenze neza bihambaye indwi ati ngo :
1. Kwuzuza amasandugu amajwi imbere y'uko amatora atangura. Ivyo ngo bikaba vyabaye ahatari hake.
2. Ukwivanga kw'imbonerakure mu vy'amatora...



 : Gukuraho intwaro ya Cndd-Fdd  niwo mugambi wa mbere !!!Bishikirizwa n' uwurongoye Urunani Burundi Bwa Bose   aho bari...
16/05/2025

: Gukuraho intwaro ya Cndd-Fdd niwo mugambi wa mbere !!!

Bishikirizwa n' uwurongoye Urunani Burundi Bwa Bose aho bari baramutse batunganya ikiyago kuri uyu wa 15 Rusama 2025 kw' ihoteri Kugira bashikirize imigambi.

Uwurongoye Urunani Burundi Bwa Bose ya menyesheje abari ho ko umugambi wambere bafise ari ugukuraho intwaro y' umugambwe .
Uwurongoye Urunani ,Yashimangiye Kandi kugorora Ibisata vyose vyo mu gihugu, gusubiza hamwe no kunywanyisha .
Yagarutse kandi K' uguhungura impunzi zose ziri hanze yigihugu, Kurekura impfungwa zose za politique, kworohereza abarimyi n'aborozi mu kubaronsa ivyankenerwa .Yavuze kandi
kworohereza abakora ubuzi butandukanye bidegemvye atankomanzi.
Kuronsa abenyagihugu ivyankenerwa nk' Isukari, Igitoro, n'ibindi. Kwongera imishahara abakozi ba , Gusubiza abatswe imigambwe yabo ( , ) no Gusubiza imigambwe yafuswe bidaciye mu mategeko isubire gukora nka .

Kureka ibinyamakuru n'abanyamakuru bakore bidegemvya atankomanzi.

Mugusozera umunyamabanga Mukuru w'urunani akaba kandi umuvugizi w'urunani yashikirije ubwitonzi buzokorwa Kugira Amatora ntiyibwe canke abemwo Ubunenge nkuko vyama biba.

Urunani rurahimiriza bose barushe niyi Ntwaro Kurutora ruhindure ibintu busubizwe Iteka.
Twobibutsa yuko Urwo Runani rugizwe n'imigambwe 4 ariyo , ya , , .

ico cipfuzo bazogishikako ???




Address

Avenue De L'amitié
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when SangwAmahoro Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to SangwAmahoro Media:

Share