16/05/2025
: Gukuraho intwaro ya Cndd-Fdd niwo mugambi wa mbere !!!
Bishikirizwa n' uwurongoye Urunani Burundi Bwa Bose aho bari baramutse batunganya ikiyago kuri uyu wa 15 Rusama 2025 kw' ihoteri Kugira bashikirize imigambi.
Uwurongoye Urunani Burundi Bwa Bose ya menyesheje abari ho ko umugambi wambere bafise ari ugukuraho intwaro y' umugambwe .
Uwurongoye Urunani ,Yashimangiye Kandi kugorora Ibisata vyose vyo mu gihugu, gusubiza hamwe no kunywanyisha .
Yagarutse kandi K' uguhungura impunzi zose ziri hanze yigihugu, Kurekura impfungwa zose za politique, kworohereza abarimyi n'aborozi mu kubaronsa ivyankenerwa .Yavuze kandi
kworohereza abakora ubuzi butandukanye bidegemvye atankomanzi.
Kuronsa abenyagihugu ivyankenerwa nk' Isukari, Igitoro, n'ibindi. Kwongera imishahara abakozi ba , Gusubiza abatswe imigambwe yabo ( , ) no Gusubiza imigambwe yafuswe bidaciye mu mategeko isubire gukora nka .
Kureka ibinyamakuru n'abanyamakuru bakore bidegemvya atankomanzi.
Mugusozera umunyamabanga Mukuru w'urunani akaba kandi umuvugizi w'urunani yashikirije ubwitonzi buzokorwa Kugira Amatora ntiyibwe canke abemwo Ubunenge nkuko vyama biba.
Urunani rurahimiriza bose barushe niyi Ntwaro Kurutora ruhindure ibintu busubizwe Iteka.
Twobibutsa yuko Urwo Runani rugizwe n'imigambwe 4 ariyo , ya , , .
ico cipfuzo bazogishikako ???