Kazoza FM

Kazoza FM Ijwi ryo kugwiza umwimbu

Be your own boss

103.3 MHz, 105.4 MHz
(2)

04/10/2025

🤌 Pionnière en génie civil, entrepreneure et mentor, Mme Claudette revient sur son parcours et son message aux jeunes filles d’aujourd’hui.

🎧 Un échange vrai, profond et inspirant.

⚽🇧🇮 Kuri Stade Intwari tugomba gutsinda   turyohere abarundi bazoba bagarutse gushigikira Intamba mu rugamba, Staff izok...
04/10/2025

⚽🇧🇮 Kuri Stade Intwari tugomba gutsinda turyohere abarundi bazoba bagarutse gushigikira Intamba mu rugamba, Staff izokora ibishoboka vyose kugira turonke intsinzi !

👔 Ivyo vyashikirijwe na Sangwa Patrick umumenyereza mukuru w'Intamba mu rugamba mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru kuri uno munsi 04/10 arikumwe na Staff yiwe yose, imbere yuko Uburundi bwakira Kenya ku munsi wa kane w'indwi iza hama bakirwe na Gabon mu kurondera itike y'igikombe c'isi yose 2026 !

🎙️ Sangwa Patrick yagize ati : "Kuronka itike y'igikombe c'isi yose zari indoto zikomeye cane kuri twebwe ntivyakunze, ariko izi nkino turimwo harimwo n'izi zibiri twimirije (Kenya na Gabon), ziriko ziradufasha mu kwitegurira kurondera kuja muri CAN 2027 kubera ariyo ntumbero ya mbere dufise. Twipfuza ko hagera ico gihe muri Ntwarante (Gutangura kurondera itike ya CAN) umugwi umeze neza cane. Mu nkino za Côte d'Ivoire na Gambie twarabonye ko ku ruhande rw'imbere mu gusatira dufise ikibazo, mu gihe mu kuzibira duhagaze neza, rero tugiye gukosora kugira turonke ibitsindo".

📍 Patrick Sangwa yavuze kandi ko hari icahindutse mu rutonde rw'abakinyi aheruka gutumako kubera abarongoye imigwi ya Aigle Noir na Flambeau du Centre babasavye ko batokinisha abakinyi babo ku rukino rwa , kubera imyiteguro bazoba barimwo y'amahiganwa ya Afrika iyo migwi irimwo. Staff y'Intamba baciye bongeramwo abandi bakinyi aribo Jospin Nshimirimana wo muri Cape Town, Franck Nduwimana wo muri Gorilla, na Patrick Mutimamana wa Rukinzo.

⏳ Intamba mu rugamba bakaba bazokina na kuri uyu wa kane (09/10) ku kibuga Intwari (15h00) bace berekeza i Libreville kwakirwa na kuwa 14/10, mu kurangiza urugendo rwo kurondera itike y'igikombe c'isi yose 2026 !

😋 Nawe uzoba wishikiye ku kibuga Intwari kuraba Umugwi w'Uburundi ugarutse kuva 2021 ?

🤩 Umuririmvyi twamenye cane ku ndirimbo "Monica"  , azoba yishikiye mu kiganiro    ku munsi wambere itariki 06.10.2025, ...
04/10/2025

🤩 Umuririmvyi twamenye cane ku ndirimbo "Monica" , azoba yishikiye mu kiganiro ku munsi wambere itariki 06.10.2025, aho azoba atuzaniye indirimbo yiwe nshasha yise "Tonight"

🤭 Ntimuzotangwe..

03/10/2025

Journal du 03/10/2025

03/10/2025

Amakuru yo kuwa 03/10/2025

03/10/2025

🤌 Mbega ni kuki imanza z'inka aho hambere zari zigwiriye?

🫴 Intore Segihembe aratuyagira aho izo manza z'inka zava.

03/10/2025

🇹🇿 iriyamiriza icegeranyo ca Human Rights Watch kiyagiriza gutoteza abatavuga rumwe na Reta ⚖️

🇨🇩 : Icegeranyo ca ONU kiratunga urutoke k’ubwicanyi 🔫, ukwinjizwa mu gisirikare ku gahato 🪖 n’ibomagurwa ry’ibintu 🏚️ bikorwa na /M23.

⛪ Ethiopia : Abantu 30 barahitanywe n’isenyuka ry’urusengero mu ntara ya Amhara 😔🙏

💵 Musk yabaye umuntu wa mbere kw’isi ashikanye imiriyaridi 500$ 🏆🌍

🌐 Ayo ni amwe mu makuru yandikwa n’ibimenyeshamakuru bikorera hanze y’u-Burundi.

🔎 | 🌾 | 🇧🇮

03/10/2025

🏛️ Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu burakwiye gutomora neza impapuro zitangirwa mu mazone 📑

🌽 : Umurimyi azoronswa imbuto y’ibigori yo mu bwoko bwa PAN 53 asabwa kuzobitera ashizemwo umwavu w’ikirundi 🌱

💻 Mu madosiye arenga ibihumbi 105 y’abakozi ba Reta, ayarenga ibihumbi 93 niyo amaze gushirwa ku buhinga bwa none 🖥️

🚱 : Indwi 2 zirarangiye atamazi bafise 💧😔

📰 Ayo ni amwe mu makuru yandikwa n’ibimenyeshamakuru bikorera m’u-Burundi.

🔎 | 🌾 | 🇧🇮

🏀🇧🇮 Arena ya basketball igiye kwubakwa harya i ruhande ya Stade Intwari !💯 Ikibanza co kwubakamwo ikibuga gishasha ca Ba...
02/10/2025

🏀🇧🇮 Arena ya basketball igiye kwubakwa harya i ruhande ya Stade Intwari !

💯 Ikibanza co kwubakamwo ikibuga gishasha ca Basketball ngaha mu Burundi camaze kumenyekana nkuko bihejeje gushikirizwa n'umushikiranganji w'inkino Lydia Nsekera kuri uyu wa kane 02/10, mu kiyago categuwe na (Urwego rurongoye inkino mu Burundi) ku bamenyeshamakuru b'inkino, ari nawe asanzwe arongoye iyo Comité National Olympique !

🥳 Lydia Nsekera ati : Abakunzi ba Basketball mu Burundi bareme, kubera inyuma y'igihe kitari gito hari umugambi wo kwubaka ikibuga gishasha ca Basketball mu Burundi, hariko hararonderwa kandi ikibanza boshiramwo ico kibuga, ubu baramaze gutora aho iyo izoja, akaba ari ahahora ishengero Shemeza Worship Temple benshi bita kwa Appaulinaire, neza na neza i ruhande ya Stade nshasha Intwari.

💰 Imiriyaridi 30 z'amarundi nizo zikenewe kugira bubake ico kibuga, ubu hakaba hamaze kuboneka imiriyaridi 5, ariko igihambaye cane cari gikenewe kwari ukuronka ikibanza co kucubakamwo, ibisigaye bigakurikira kuko bidatwara umwanya munini, bivugwa na Lydia Nsekera mu gihe yariko aravuga kuvyerekeye ibibuga vy'inkino ngaha mu Burundi

😋 Wakigiye gute iyo nkuru mugenzi ?

02/10/2025

Journal du 02/10/2025

02/10/2025

Amakuru yo ku wa 02/10/2025

02/10/2025

💵 Amafaranga ibihumbi ijana vyo muri inondwi (100.000fbu) ya noti itangwa na yobacika?

👏 Kurikirana ikiganiro mu gice .

🎙️ Tubibutse ko ari kuva ku munsi wa mbere gushika ku munsi wa gatanu, kuva isaha umunani n'igice (14h30) gushika isaha icenda (15h00) kw'isamirizi yanyu
.

😉 Tugume amahirwe aracariho…

Address


Telephone

+25772232323

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kazoza FM posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Kazoza FM:

  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share