Inêzá Spaces

Inêzá Spaces Spreading kindness to inspire communities 💓🫂

25/08/2026

Mu gisagara ca Kayanza, karitiye ya Gisoro hariko harasha inzu y'umuntu, bariko baragerageza kuzimya.

25/08/2026

Abarabara batabare!!!!

25/08/2026

Abari mu Kinindo ngo isoko yoba iriko irasha. Abari hafi batabare nivyaba ari vyo. Imana itabare abantu.

🚧   // RN3: Ibikorwa vyo gusubiramwo igice c’ibarabara ryononekaye i Mabanda birabandanya.========================📍📅Kuri...
25/08/2026

🚧 // RN3: Ibikorwa vyo gusubiramwo igice c’ibarabara ryononekaye i Mabanda birabandanya.
========================
📍📅Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 22 Myandagaro 2026, hariko harakorwa ibikorwa vyo gukuraho ivyononekaye mw'iryo barabara hamwe nokurikora neza (rechargement) ku gice ca RN3 kiri kuri PK140+500, mu zone Mabanda, komine Nyanza, intara ya Burunga.

📌Ivyo bikorwa biriko bikorwa n’Ikigo kijejwe Amabarabara mu Burundi (Agence Routière du Burundi), mu ntumbero y’ibikorwa vyihutirwa vyo gukomeza ubudahangarwa bw’imihora y’ubwikorezi (Projet de Résilience des Transports), ishigikiwe na Banki y’Isi (Banque Mondiale).

22/08/2026

IKIGANIRO KIREMESHEJWE N'UMUNYAMABANGA MUKURU-CNDD-FDD

Abarundi(Florian/Carmel)bitwaye neza ku musi ugira gatatu w'ihiganwa rya   2026 utsinda   Iseti zibiri k'ubusa,mugihe ba...
22/08/2026

Abarundi(Florian/Carmel)bitwaye neza ku musi ugira gatatu w'ihiganwa rya 2026 utsinda Iseti zibiri k'ubusa,mugihe bagenzi babo bitoroshe imbere ya Tchèque aho batsinzwe iseti 2 k'ubusa, yatsinze Iseti zibiri k'ubusa, itsinda Iseti zibiri k'ubusa,Aho ni kuruhande ry'abahungu.

Ku ruhande rw'abakobwa, yatsinze abarundikazi iseti zibiri k'ubusa, utsindwa na Iseti zibiri k'ubusa mugihe yasubiye gutsinda Abatanzaniya kazi iseti zibiri k'ubusa.

Izo nkino zikazobandanya ku musi w'ejo igenekerezo rya 22 Myandagaro 2026 kuri

Cc: RadioIndundiCulture

😔 "Sinibaza ko umuriro wavuye ku bugizi bwa nabi, kuko hahiye kare ata muntu arinjira indani"☝🏼 Ivyo bihejeje gushikiriz...
21/08/2026

😔 "Sinibaza ko umuriro wavuye ku bugizi bwa nabi, kuko hahiye kare ata muntu arinjira indani"

☝🏼 Ivyo bihejeje gushikirizwa n'icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Bazombaza, ku budandarizo "Galerie Ndayizamba" na "Le Parisien" hazindutse harasha haratokombera 🔥

😒 Amarira niyo arangwa mu bahaburiye utwabo. Bamwe bashaka kwinjira kugira ivyo barokoye, ariko igiporisi n'igisirikare kitabemerera kuko umuriro wari mwinshi cane, inyuma y'amasaha arenga atatu hariko haratokombera. Kizimyamoto zagerageje kuzimya ku mpande, no gukingira inyubakwa ziri iruhande y'ahariko harasha.

📍Nk'isaha zitatu (9h) niho icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Bazombaza, arikumwe n'umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo umutekano, Buramatari w'intara ya Bujumbura na musitanteri wa komine Mukaza, bash*tse muri ico kibanza.

🎤 Mu kiganiro Prosper Bazombaza yahaye abamenyeshamakuru yagize ati : "Ico umuriro wavuyeko ntikiramenyekana, ariko twikeka ko umuriro wavuye kw'ipasi igorora impuzu ikoresha amakara kurya abantu bayegeranya ari menshi, sinshobora kwibaza (je n'ose pas imaginer) ko ari impanuka yavuye ku bugizi bwa nabi, kuko umuriro wadutse mu gitondo ca kare nk'isaha imwe nta muntu yari bwinjire indani."

✍🏾 Nayo ku kibazo c'uko hari aboba bategura guturira amasoko n'ibibanza haheze igihe vyadukamwo umuriro hirya no hino mu gihugu, Prosper Bazombaza ati : "Ntavyo turatohoza turabe ko ari vyo."

👉🏾Ariko arakebura ati : "Dusubire kwibutsa abafise ivyo badandaza baje mu ma "assurances" co kimwe na bene amazu adandarizwamwo, hadutse impanuka nk'iyi ego igihugu kirahomba, ariko abahishije utwabo bashumbushwe."

Mwomenya ko gushika muri kano kanya, ata wuramenyekanye yo yahitanywe n'uwo muriro.



Cc Yaga

21/08/2026

Isoko yiywa le Parisien iriko iraka umucanwa aka kanya i . Ababijejwe bagerageze uko bashoboye batabare.

21/08/2026

Wazalendo baremeza ko baraye bakoroye indege idatwarwa n'umudereva yegukira umuhari urwanira muri Kongo y'ubuseruko.

Amakuru atangwa n'ikinyamakuru Kayanza Tv kimenyesha ko hari umukenyezi azwi kw'izina rya Yamuremye Erica, umugabo wiwe ...
20/08/2026

Amakuru atangwa n'ikinyamakuru Kayanza Tv kimenyesha ko hari umukenyezi azwi kw'izina rya Yamuremye Erica, umugabo wiwe yitwa Ndayishimiye André, wo ku mutumba Mubogora, zone , komine mu ntara ya yaraye yibarukiye ku bitaro vya abana babiri bafatanye imitwe. Turipfurije abo bana ko Imana ibaronsa abaganga karuhariwe bashobora kubafasha kugirango bashobore gutandukana babone guhabwa amazina yabo ya Bukuru na Butoyi.

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Inêzá Spaces posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share