13/02/2023
๐ค Kenny Sol yakiranywe urweze i gusumba i ?
---------------------
๐Ku Musi wa gatanu igenekerezo rya 10/02/2023 kuri Miki Avenue du large mu gisagara ca Bujumbura, igiteramo ca Kenny Sol arikumwe n'abaririmvyi b'Abarundi nka Double Jay , We Love Muzik, Drama T, Wiz Designer nticagenze uko bari bavyiteze. Uretse KO ata bantu benshi bitabiriye ico giteramo, harabaye n'utugorane tw'umuyagankuba twatumye Kenny Sol ashika kuririmba atevye, igiteramo kikaba carangiye igihe c'isaha cumi n'igice z'ubuca (04h30)
๐คฉ Double Jay ati i Gitega ni muhira ngira nkwereke ubudasa. Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11/02/2023 kuri Lenox Bar. Abateguye igiteramo bati : "Ama tickets yaduheranye i Gitega ku buryo dukoresha ayasigaye i Bujumbura. Abari bahishikiye bati : "Igiteramo nk'iki twagiheruka kera i Gitega"
๐ Kenny Sol arikumwe na Double Jay i Gitega bavyifashemwo neza abafana bati: "Igiteramo caheze tudashaka."
โ Abashoboye kwitaba ico giteramo bati vyagenze gute i Bujumbura bigende ukuraho hama i Gitega bakaduteramisha gushika aho tutipfuza gutaha?
๐ Mweho mwibaza ko vyavuye kuki ?
๐ธ: Ntera Njโimbere Media