31/08/2025
🚨 22 vyerekana ko wawe atakigukunda canke ko urukundo rwamaze gukonja:
---
1. Ntiyitaho ivyakubayeho:
Ntashaka kumenya uko wiriwe, ntiyitaho ibikubabaza canke ibikunezereza.
2. Ntiyitaho ko muba muri kumwe:
Arakunda kuba kure yawe, nta nkumbu yigera akugirira n’iyo hohera igihe kinini mutabonana.
3. Ntashaka ko muganira:
Ntiyigera aguha umwanya ngo muganire ahubwo abwira abandi vyinshi kukurusha.
4. Amagambo yiwe ahora arimwo ishavu canke ugutoteza:
Avugana nawe nabi, atari ugucisha make canke kwihangana.
5. Akubona nk’umuzigo umuremereye:
Yumva ko kukwitaho ari nko guhomba umwidegemvyo wiwe.
6. Ntagira umutima wo kwitanga kuri wewe:
Ntavyitaho ko ukeneye umutima, umwanya canke urukundo rwiwe.
7. Ntiyigera akwubaha nagato:
Aragukengera bimwe bibi, agutuka canke agusuzugura imbere y’abandi.
8. Akubesha ubudakenewe:
Ntavyitaho kukubwiza ukuri, kandi yihisha cane.
9. Ntashaka gucunga urugo canke guhuriza hamwe nawe:
Arerekana ko adafise inyungu n’imwe mu gukomeza urugo.
10. Afise benshi canke vyinshi akurutisha:
Hari aho usanga afise abandi afata nk’aba mbere: incuti, akazi, telefone, n’ibindi.
11. Ntiyitaho ibijanye no kuryamana:
Aha ikintu co kurangura amabanga yabubatse ni umuziro kuri wewe!
12. Buri ikintu cose acagiriza wewe, ubwiwe umengo nta kosha yigera akora:
Ivyo bikomeye canke bito vyose ni wowe abiryozwa.
13. Ntacika intege mu kukubabaza:
Aho kugira ngo akubabarire, aribonekeza cane mu kukubabaza canke kugusuzugura.
14. Ntiyigera akubwira amagambo meza aryohera ugutwi canke umutima:
Akarorero ku marangamutima n'ibindi nka
“Ndabikunze”, “urakoze”, “wampinduye” vyarayoyotse.
15. Afise ukutiyubara mu vyo yambara canke yitwararika:
Ntakikuraba nk’umugabo wiwe, ntatinya kuba yambara ibintu bidakwiriye imbere yawe.
16. Ntakwitaho mu bibazo uba urimwo:
Ntashaka kukuba hafi iyo ufise ingorane.
17. Ntaba akigufata nk’inshuti magara:
Ntaba akwigisha, akugisha inama, canke ngo aguhimirize.
18. Ntashaka ko mute