24/10/2025
kuwa 24/10/2025
Amakoraniro yo guhimbaza no gutazira
Umuvugabutumwa : Metuschelah NIYUBUNTU
Umutwe w’ijambo : AGAKIZA N'INGERO
Imirongo nshimikiro:
Zaburi 37:40
Yohana 10:28
Abaroma 10:9-10
Mw'isezerano rya Kera agakiza bagaha insobanuro yo gutabarwa, mugihe Imana yagenda ikiza abisirayeri abansi babo. Dufate nk'iyo bahuye n'ivyago birimwo ingwara, hanyuma Imana ikabatabara bavuga ko baronse agakiza.
Muri kino gihe Imana idukiza birengeye ivyo mw'isezerano rya kera ibihetangabo vyinshi, naho vyoba bifitanye isano nivyo yakijije abo mugihe c'isezerano rya kera tweho yarongeye iduha umwana wayo adukiza ivyaha.
-Abakijijwe bararonka ingero idasanzwe, iyo nayo si iyindi n'iyo kuronka ubugingo budashira bubonerwa muri Yesu Kristo
-Kandi agakiza abantu bakaronka ku buntu bw'Imana hatarinzwe gukorwa ikintu nakimwe. Ikibabaje nuko hariho abantu bibaza yuko bokizwa biciye mu bikorwa vyiza nubwo navyo ari bimwe mubiranga abakijijwe ariko koko tukaronka kubuntu bw'Imana.
Abaroma 10:9-10 herekana neza ingene umuntu ashobora kwakira agakiza k'Imana .
Kandi abizeye Yesu Kristo bagakora ibikorwa vyiza bazohabwa ingero mbere bazokwambikwa igitsibo. Amen
Adresses :
: Three In one Church
: Three In One Tv
⛪ Three in One church Ministries
📍 carama, Avenue : Muka Nº 80 (kumayira abiri)
🚩2025, umwaka wo Kuganza,Guhembuka no Kwagukikirwa