31/07/2023
Ingingo zifatwa mu gihugu zoba zirwako neza imbere yuko zishirwa mungiro?
Umukuru w'igisagara ca aheruka gushikiriza ko ingingo yiduzwa ry'ibiciro kubibanza vy'amasoko yegukira reta,ko ari ntabanduka kandi ko vyizwe neza imbere yuko iyo ngingo ifatwa,tukabibutsa ko iyo ngingo bavuga ,umuntu yariha 12 000fbu,25 000fbu 40 0000fb kukwezi ko azoza arariha amafaranga hagati ya 400 000 na 600 000fbu.
Inyuma yaho abadandaza bo mw'isoko ya biriwe bugaye kuko babona ko ataho bokura ayo mahera,umushikiranganji w'intwaro yo hagati mugihugu,umutekano n'iterambere ryama komine yamenyesheje ko bagiye gusubiramwo neza ibiciro.
Ikibazo duca twibaza,mbega ko umukuru w'igisagara asanzwe atwarwa mubushikiranganji bw'intwaro yo hagati,yoba ariwe yatanze itegeko ryokuduza ibiciro atagishije Inama abamurongoye?
Mugihe havuzwe ko iyo ngingo ari ntabanduka kandi yizwe neza,umushikiranganji yoba agiye gusubiramwo iki?
Ubwo ingingo zifatwa ziba zasuzumwe neza ingaruka yazo imbere yuko zishikirizwa abo zega ?