26/10/2025
Ijambo ry’Umukama, indwi ya 30 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, années impaires
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (8, 12-17)
Ncuti zanje, umwenda dufise ntituwufitiye kamere y’umuntu, idutegereza kwigenza nk’uko ibishaka. Nimwaba mwigenza nk’uko iyo kamere ibishaka, muzopfa; ariko Mutima mwaronse niyaba abafasha kwica ibikorwa vy’umubiri, muzoramba. Abarôngōwe na Mutima w’Imana bose ni bo bana b’Imana. Na kare, ntimwaronse umutima w’abashumba ngo musubire kwama mu bwoba, ariko mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu udutuma tuvuga tuti: «Abba! Dawe!» Mutima we nyene ubwiwe ni we afasha umutima wacu kwemeza yuko turi abana b’Imana. Ko turi abana, turi n’abaragwa: abaragwa b’Imana n’abatorana iragi hamwe na Kristu, dusanzwe dusangiye na we kubabara tuzosangira n’ubuninahazwa nyene.
Iryo ni Ijambo ry'Umukama.
IZABURI 67 (68) 2, 4, 6-7b, 20-21
Icit. Imana dufise n’Imana y’urukiza.
Imana n’ihaguruke, abansi bayo bashwiragire, kandi abayirwanya bace bayonga. Aberanda bo baranezerwa imbere y’Imana, baratamba bagatarika.
Imana ihangamye mu ngoro yayo nyeranda, ni yo se w’impfuyyi n’umuburanyi w’abapfakazi; inyakamwe, irayihereza inzu yuzuye, imbohe na yo ikayugururira umuryango w’ubuhirwe.
Umukama n’ashimagizwe imisi n’iyindi, kuko Imana ari yo Mukiza wacu atubabaye. Imana itubera Imana y’urukiza, Umukama Imana yacu ni we aganza urupfu.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya
Yeruzalemu, igine Umukama, ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (13, 10-17)
Yezu yariko arigishiriza mw’isinagoga ku musi w’isabato. Hano nyene, hari umugore amaze imyaka icumi n’umunani amugajwe n’igishetani; yari agondamye kandi ntiyashobora kwunamuka na gatoyi. Yezu ngo amubone, aramuhamagara amubwira ati: «Wa mugore, urakize ubumuga bwawe.» Araheza amugaranzurirako ibiganza, nya mugore aca aragororoka muri ako kanya nyene, aca aninahaza Imana. Ariko, umukuru w’isinagoga abonye ko Yezu akijije umuntu ku musi w’isabato, arashangashirwa, abwira abariho ati: «Hari imisi itandatu y’ugukora, n’ibe ari yo mugirako kwivuza; ntimubisubire kw’isabato.» Umukama aramusubiza ati: «Mwa bangushi mwe, mbega ku musi w’isabato nyene, umwe wese muri mwebwe ntahora aturutsa akongera agashora inka n’indogobwe ziwe? Na we uyu mwana wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani yose aboshwe na shetani, ntiyari akwiye kubohorwa ngo ni uko ari ku musi w’isabato?» Igihe yariko aravuga atyo, abansi biwe bose bari bateterewe, nayo ishengero ryari rinezerewe n’ivyiza vyose yakoze.
Iryo ni Ijambo ry'Umukama.
URUKIZA TV