URUKIZA TV

URUKIZA TV Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from URUKIZA TV, Bujumbura.

" Yandungitse Kumenyesha Ababoshwe Ko babohotse n' ugutangaza umwaka w' Ubuntu bw' Umukama "

Dukurikirane Hano Niho Hari Ibiganiro Vyinshi Bigufasha👇
https://www.youtube.com/

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatandatu, annĂ©es impairesIGISOMWA CA MBEREIvyo duso...
26/09/2025

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatandatu, annĂ©es impaires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (2, 5-9. 14-15a)

Ndaramuye amaso, mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo gupima. Ndamubaza nti : « Uroye hehe ? » Aranyishura ati : « Ngiye gupima Yeruzalemu, ngo ndabe uburebure bwaho n’ubwaguke bwaho uko bungana. » Nya mumarayika twavugana yari ahagaze, maze uwundi mumarayika aza kumusanganira. Uwo rero amubwira ati : « Irukanga, genda kubwira uwo musore uti : I Yeruzalemu hazoba nko mu bisagara bitagira inzitiro, kuko hazobamwo isinzi ry’abantu n’amasho menshi. Jeho, — ni ijambo ry’Umukama, — nzohabera uruzitiro rw’umuriro kandi nzohabera ubuninahazwa ndi hagati mu mugoma. Ririmba, himbarwa, wa mwigeme w’i Siyoni we ; raba nje kukugereramwo. Kuri nya musi, ibihugu vyinshi bizogaruka ku Mukama bimwemere ; bizombera igihugu canje bwite nanje nzokugereramwo hagati. »

IZABURI : Jr 31, 10, 11-12b, 13

Icit. Umukama azotuzigama, nk’uko umwungere aragira ubusho bwiwe.

Mwa ntara, nimwumvirize ijambo ry’Umukama, nimurimenyeshe mu mazinga yo hakurya y’ikiyaga : Uwashwiragije Abanyisrayeli ni we azobakoraniriza hamwe, abazigame nk’uko umwungere aragira ubusho bwiwe.

Kuko Umukama yacunguye aba Yakobo, akabakura mu minwe y’ababarushije inguvu. Bazoshika ku musozi wa Siyoni bavuza impundu, bazohurumbira ivyiza ry’Umukama.

Abakobwa bazosubira gutambana urweze, si abana si abatama, bose bazoba mu kanyamuneza ; nzobakura kugandara, mbajane kuyyina, nzobahoza, amaganya yabo ahinduke agahimbare.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya

Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame, ndayarangure n’umutima wanje wose.

Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 43b-45)

Aho bose batangarira ivyo akora vyose, Yezu abarira abigishwa biwe ati: «Mweho, nimutege amatwi, mwumvirize neza aya majambo: Umwana w’umuntu aza kugwa mu minwe y’abantu.» Ariko bo ntibategera iryo jambo, rirabayobeza ubwenge, kandi baratinya kurimusiguza.

URUKIZA TV

Ntucikwe Nibi👇
26/09/2025

Ntucikwe Nibi👇

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, annĂ©es impairesIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma mu...
24/09/2025

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kane, annĂ©es impaires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Hagayi (1, 1-8)

Mu mwaka ugira kabiri kuva aho umwami Dariyusi yimikiwe, mu kwezi kwa gatandatu kw’igenekerezo rya mbere, Ijambo ry’Umukama ryavugiwe mu muhanuzi Hagayi, ritumwa kuri Zorobabeli mwene Salatiyeli, icariho c’umwami mu Buyuda, no ku muherezankuka mukuru Yozuwe, ngo: «Ng’iri iriyazwe n’Umukama Nyeningabo. Aba bantu bahora bavuga bati: Igihe co gusubira kwubaka Ingoro y’Umukama ntikirashika!» Ariko, iri jambo ry’Umukama rivugirwa mu muhanuzi Hagayi, ngo: «Mbega, birabereye yuko mwokwibera mu mazu mezameza, mu gibe iyi Ngoro ikiri umusaka? None rero, ng’iri irivumerewe n’Umukama Nyeningabo, ngo: Nimwitegereze imigenzo yanyu. Mubiba vyinshi, mukimbura bike; ukurya murarya, ariko ntimushira inzara; ukunywa muranywa, ariko ntimushira inyota; ukwambara murambara, ariko ntimushira imbeho; n’uguca amahera, umukozi araca amahera, ariko ayashira mu mupfuko utobotse. Ng’iri irivumerewe n’Umukama Nyeningabo, ngo: Nimwitegereze imigenzo yanyu. Nimugende, muduge ku musozi, muzane ibiti, musubire kwubaka Ingoro y’Imana. Muri yo nzohasanga ibinezereza n’ibininahaza. Ni ko Umukama avumereye.»

IZABURI 149 1-2, 3-4, 5-6a.9b

Icit. Umukama ni we mukunzi w’igihugu ciwe!

Nimuvyinire Umukama akavyino gashasha, nimumuvyinire mu kagari k’abamwemera; abana b’Israyeli nibigine Imana yabaremye, nayo abana ba Siyoni bahimbarwe n’Umwami wabo.

Nimumushemeze mu muhamirizo, mumukeze mu murisho w’ingoma no mu murya w’inanga. Nka ko, Umukama arakunda abantu biwe, aratonesha abifata rworo, akabarokora.

Abantu biwe nibigine iteka, nibatambane urweze batārüke, ishimagizwa ry’Imana ribuzuye akanwa.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya

Umukiza wacu Yezu Kristu yaratsinze urupfu; yaduhaye ubuzima bwakakamwo umuco, mu kudushikiriza Inkuru nziza.

Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 7-9)

Muri irya misi, umwami Herodi yumvise ivyabaye vyose arazazanirwa, kuko bamwe bavuga bati: «Ni Yohani Batista yazutse akava mu bapfuye», abandi bati: «Ni Eliya yiseruye», abandi na bo bati: «Ni umuhanuzi muri bamwe ba kera yazutse.» Herodi na we avuga ati: «Yohani! Umutwe ni je nawumwiciriye. Mbega, uyo ni nde numvako ibimeze bityo?» Maze, akipfuza kumubona.

URUKIZA TV

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, annĂ©es impairesIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma ...
23/09/2025

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, annĂ©es impaires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu mtabu ca Esidarasi (9, 5-9)

Mu gihe bahereza inkuka yo ku mugoroba, jewe Esidarasi navuye hasi aho nari nicaye nteterewe, impuzu zanje n’umutamana wanje vyari ibitabagurike; nca nkubita ibipfukamiro hasi, nayira amaboko Umukama Imana yanje, nca mvuga nti: «Ewe Mana yanje, ndiko ndamaramara nteterwa rwose, sinokwubahuka kukuraramurirako amaso, Mana mfise. Ivyaha vyacu vyaragwiriye, biba umurengera, ibicumuro vyacu vyarundanye, birashika no mw’ijuru. Kuva mu gihe c’abasokuru bacu gushika n’ubu, twamye ducumura na ntaryo: ivyaha vyacu ni vyo vyatumye twebwe, abami bacu n’abaherezankuka bacu, tugwa mu minwe y’abami bo mu bindi bihugu, tukagenda twicwa n’inkota, tukajanwa turi imbohe, tugasahurwa utwacu, tukaba ibimaramare, nk’uko bimeze uyu musi. Ariko, ubu, muri iki gihe, Umukama Imana yacu yatweretse imbabazi adufitiye mu kudusigarira amasigarira no mu kuduha indaro mu Ngoro yiwe nyeranda, kugira ngo aboneshereze amaso yacu, aduhembure mu buja twarimwo. Nka ko na none, turi abaja; ariko Imana yacu ntiyaduhevye mu buja bwacu, yaduhaye riho guterwa iteka n’abami bo mu Buperesi, iraduhembura, kugira ngo dusubire kwubaka Ingoro ry’lmana yacu kandi ngo dusanure ivyari vyasambutse, bituma mbere tubona amahungiro mu Buyuda n’i Yeruzalemu.»

IZABURI: Tb 13, 2, 4, 6, 7, 8def.

Icit. Uri mukuru cane, Mukama! Uri uwamaho!

Ni We ahana akongera agakiza, ni We ahenurira mu nyenga y’umuriro, akongera akadukingira rwa rupfu rw’akagirire, nta n’umwe aramusoba.

Nimumushemeze imbere y’abantu bose, kuko ari we Mukama wacu n’Imana yacu, ni we Muvyeyi mu myaka yose.

Nimwaba mwigaruriye kuri We n’umutima wanyu wose, ngo murangure ukuri mu maso yiwe, azokwigarurira na we kuri mwebwe, ntazobahisha inyonga ziwe.

None rero, nimuzirikane ivyo yabagiriye, mumuyage mwongere mumukengurukire; muhezagire Umukama Nyenubutungane, mushemeze Umwami yamaho!

«Nimugaruke, mwa bononyi, nimurangure ibitunganye imbere yiwe. Ni nde yomenya ko yobashima akabagirira ikigongwe!»

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya

Nimwakirize yompi ijambo ry’lmana: ntimuryakire nk’ijambo ry’abantu, kuko ari Imana yo nyene ibayagira.

Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 1-6)

Muri irya misi, Yezu ahamagaye bamwe Icumi na babiri, arabaha ubukuru n’ububasha ku mashetani yose n’ubw’ugukiza indwara. Hanyuma, abarungika kwigisha Ubwami bw’Imana n’ugukiza abarwaye. Yongera ati: «Ntihagire ico mutwara mu nzira: habe inkoni canke isaho, habe umukate canke ifaranga; ntimugire n’imitamana ibiri. Inzu yose muzoramukamwinjiyemwo, murayigumemwo, murinde muva aho bantu. Mu bisagara bazobimamwo indaro, murahave, mwikunkumure umukungungu waho, mubereke ko bizobasubirako.» Baca baragenda rero, bava mu mihana baja mu yindi, bigisha Inkuru nziza, bongera bakiza bose.

URUKIZA TV

✝ UMWERANDA TWIBUKAđŸ—“ïž_Igenekerezo rya 23 NyakangaPiyo wi Pietrelcina (Padre Pio), Umusaserdoti📖 _“Nimusabe muzohabwa, n...
23/09/2025

✝ UMWERANDA TWIBUKA

đŸ—“ïž_Igenekerezo rya 23 Nyakanga

Piyo wi Pietrelcina (Padre Pio), Umusaserdoti
📖 _“Nimusabe muzohabwa, nimurondere muzoronka, nimwuguruze muzokwugururirwa. Nkako uwusavye baramuha, uwurondeye araronka, uwuguruje na we akugururirwa.” (Matayo 7, 7-8)._

Patiri Piyo, yavutse yitwa Francesco Forgione kw’igenekerezo rya 25 Rusama 1887 i Pietrelcina mu Butaliyano, yavukiye mu muryango w’ aba-Kristu b’ abakatolika bakunda Imana cane. Mu mwaka w’1903, niho yatangura ubunovisiya bwiwe mu muryango w’abafurera b’Abakapusini mu kigo c’i Morcone mu Butaliyano nyene, aca ahitamwo izina ry’ubufurera “ Piyo ”. Yarahiye indagano ziwe zambere muri uwo muryango nyene mu mwaka w’ 1907. Mu nyuma arahava aratirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti mu mwaka w’1910, Mu mwaka wakurikiye, niho yatangura kugira ububabare mu birenge no mu biganza. Mu kwezi kwa Myandagaro 1918, Patiri Piyo yarashikiwe n’igitangaro gitanganje cane gose kumubiri wiwe. Aho ibimenyetso (bishingiye ku bimenyetso vy’ukubabazwa kwa Kristu) vyabonetse ku mubiri wiwe mu kwezi kwa Nyakanga 1918. Muri ico gihe ibikomere bitanu vy’amaraso vyaraboneka ku maboko, ku birenge no ku gikiriza vyiwiwe. Iyo nkuru ica irakwiragira hose ko uwo musaserdoti yoba ari umweranda, kandi ko yoba ashobora no gukora ibitangaro. Mu mwaka w’1920, Inama nkuru y’ abasaserdoti b’ Abakapusini babana yaciye imusaba ko abaganga bomusuzuma kugira ngo bamenye ko nimba ivyo bikomere vyoba ari ibitangaro (Bishingiye ku bimenyetso vy’ukubabazwa kwa Kristu) canke atari vyo. Ariko inyuma y’ivyo bipimo vyagizwe n’abo baganga baramenyesheje ko ivyo bikomere vyiwe bidasobanutse, naho nyene bagumye bakekeranya.

Mu mwaka w’1922, Papa Piyo wa XI aca arafata ingingo yo kugira inama aba-Kristu ko batoja mu kigo Padiri Piyo yabamwo hama Padiri Piyo nawe arabuzwa gusubira kwemererwa kwerekana ivyo bimenyetso (Bishingiye ku bimenyetso vy’ukubabazwa kwa Kristu) yari afise canke ngo abivugeko. Mu mwaka w’ 1923, Padiri Piyo yarabujijwe guhereza inkuka ya misa. Ariko yaratevye araburanirwa n’aba-Kristu isinzi bangana ibihumbi n’ibihumbi. Ivyo vyari bibujijwe birateba birakurwaho mu mwaka w’ 1933. Uwo musaserdoti aca arakundwa cane, aramenyekana cane, kandi aba-Kristu ntibamumenyera gusa nk’umukozi w’ibitangaro, ariko kandi nk’umusaserdoti ashobora kuragura ivyaha (Yaraburira ivyaha vy’aba-Kristu bakoze) no kuvuga indimi nyinshi z’abanyamahanga. Biravugwa kandi ko yari afise ingabire yo kuboneka ahantu habiri icarimwe kandi ko ubushuhe bw’umubiri wiwe bwari bwinshi cane bwarashobora kurenga ibipimo 39°C (vy’ubushuhe). Biravugwa kandi ko ari we yabuye itorwa imbere y’igihe rya Papa Yohani Pawulo wa II. Ivyo bimenyetso vyiwe (Bishingiye ku bimenyetso vy’ukubabazwa kwa Kristu) vyaratevye birazimangana k’umusi ahereza inkuka y’imisa yiwe ya nyuma. Padiri Piyo yahavuye acikana kw’igenekerezo rya 23 Nyakanga 1968 ahejeje guhimbaza Inkuka ya misa yo kwibuka imyaka 50 iheze aronse ivyo bimenyetso vyiwe (Bishingiye ku bimenyetso vy’ukubabazwa kwa Kristu) i San Giovanni Rotondo mu gihugu cu Butaliyano. Yahavuye ashirwa mu rutonde kwa Beranda na Papa Yohani Pawulo wa II mu mwaka w’2002 kw’izina rya Piyo mweranda w’i Pietrelcina.


Mukama Yezu,_ _Piyo wi Pietrelcina mweranda n’atubere mu ngoro, kugira ndo adufashe gukurikira amakanda yawe, tukurondere mu vyo tuvuga n’ivyo dukora vyose. Amen.

URUKIZA TV

UTUMVIRIJE IYO MESSAGE UZOBA UHOMVYE👇
22/09/2025

UTUMVIRIJE IYO MESSAGE UZOBA UHOMVYE👇

Yezu yashinze Ekleziya Gatorika Yiwe Ugira Wanke kwinjira Kubera Ako kadinidini? Nguku UkuriRekana Nabo bangushi Ivyo vyashikirijwe Munyigisho yatanzwe na Pa...

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kabiri, annĂ©es impairesIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma ...
22/09/2025

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kabiri, annĂ©es impaires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Esidarasi (6, 7-8.12b. 14-20)

Muri irya misi, Dariyusi, umwami w’Ubuperesi, yarungikiye ikete abatwara intara zo hakurya y’uruzi rwa Ewufrati, abandikira ati: «Icegera canje co mu ntara y’Ubuyuda n’abakurambere b’Abayuda, nimubareke babandanye gukora ivy’Ingoro y’lmana: noneho bategerezwa gusubira kwubaka iyi Ngoro ry’lmana mu kibanza cayo. Ng’ibi ivyo mbategereza kugirira babakurambere b’Abayuda mu vyo kwubakisha iyo Ngoro ry’lmana: nimukoreshe itunga ry’ubwami cabure ikori ry’abo hakurya y’uruzi, kugira ngo musubize abo bantu ivyo bazoba batanze, ntihagire icobatesha gutera imbere mu bikorwa vyabo. Iryo tangazo ni jewe, Dariyusi, narishinze. Nibarirangure uko ryanditswe!» Abakurambere b’Abayuda rero barabandanya kwubaka, batera imbere bafashijwe n’umuhanuzi Hagayi na Zakariya. Barubaka iruzura, nk’uko vyashinzwe n’Imana y’Israyeli kandi nk’uko vyashinzwe na Sirusi na Dariyusi. Iyo Ngoro yuzura ku musi ugira gatatu w’ukwezi kwa Adari, mu mwaka wa gatandatu kuva aho umwami Dariyusi yimikiwe. Abanyisrayeli, abaherezankuka, Abalevi n’amasigarira y’abari batwaweko imbohe bahimbazanya akanyamuneza kenshi umusi mukuru w’ugushikiriza Imana iyo Ngoro bari bayubakiye. Kuri uyo musi mukuru, batanzeko inkuka ibimasa ijana, impfizi z’intama amajana abiri n’imyagazi y’intama amajana ane; kandi batanzeko inkuka y’ibicumuro vy’imiryango icumi n’ibiri y’Israyeli amasuguru y’impene icumi n’abiri. Ivyo biheze, barashinga abaherezankuka uko bakurikirana mu miryango yabo be n’Abalevi uko bakurikirana mu migwi yabo, babashinga ibanga ry’ugukorera Imana mu Ngoro y’i Yeruzalemu, kuko vyari vyanditswe mu gitabu ca Musa. Abari babohowe barashemeje umusi mukuru wa Pasika ku musi w’icumi na kane w’ukwezi kwa mbere. Abaherezankuka n’Abalevi bari bityororeye hamwe; kandi bari batunganye bose. Barabaga rero imyagazi ya Pasika ku bw’ababohowe bose, ku bw’abagenzi babo b’abaherezankuka no ku bwabo nyene.

IZABURI 121 (122) 1-2, 3-4a, 4b-5

Icit. Ingo, tudugane akanyamuneza mu Ngoro y’Umukama.

Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira, bati: «Tuje mu ngoro y’Umukama!» Ubu noneho, turiko turashika mu birimba vyawe, Yeruzalemu.

Yeruzalemu yubakitse bwa gisagara giteranijwe kidatagaguje, niho ibisata vy’Israyeli biduga, ari vyo bisata vy’Umukama.

Ni ho Israyeli yashinzwe ibanga ry’ugushemeza izina ry’Umukama, kuko ari ho havyagiye ubutungane, hakaba inzu ya Dawudi.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya

Uwunkunda azozigama ijambo ryanje; na Data azomukunda, duheze tuze iwe, tumugire ingoro yacu.

Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (8, 19-21)_

*Umusi umwe, Yezu akiriko arigisha ishengero ry’abantu, nyina wiwe na benewabo barashika, bagomba ko babonana, ariko ntibabishobora kuko yari akikijwe n’iryo shengero. Niho bamubwira bati: «Ng’uwu nyoko wawe na benewanyu bari hano kw’irembo, bashaka kukubona.» Ariko we, mu kubishura, avuga ati: «Mawe na benewacu, ni abumva ijambo ry’Imana, bakarikora.»

URUKIZA TV

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, annĂ©es impairesIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma m...
21/09/2025

Ijambo ry’Imana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa mbere, annĂ©es impaires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Esidarasi (1, 1-6)

Mu mwaka wa mbere kuva aho Sirusi, umwami w’Ubuperesi yimikiwe, Umukama arakabura umutima wiwe ngo ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone kuranguka. Sirusi rero ari we umwami w’Ubuperesi ashinga iri tangazo rikwiye kurangwa mu mvugo no mu nyandiko mu gihugu ciwe cose, ngo: «Ng’iri irivumerewe na Sirusi, umwami w’Ubuperesi: “Umukama ari we Mana yo mw’ijuru yanshikirije ubukuru mu bihugu vyose vyo kw’isi; ni we yanshinze kumwubakira ingoro i Yeruzalemu mu Buyuda. None rero, umuntu wese ari muri mwebwe ava mu gihugu cayo, Imana yiwe niyamane na we! Uyo muntu rero n’aduge i Yeruzalemu, mu ntara y’Ubuyuda, kugira ngo yubake ingoro ry’Umukama, Imana y’Israyeli, ari yo Mana iba i Yeruzalemu nyene. Aho hose haba amasigarira y’Israyeli, abantu baho nibabafashishe ifeza n’inzahabu, ibintu n’ibitungwa, be n’amashikanwa ba Banyisrayeli bazoshikanira mu ngoro ry’Imana y’i Yeruzalemu”.» Niho rero abakuru b’imiryango ya Yuda na Benyamini, abaherezankuka n’Abalevi n’abantu bose Imana yakaburiye umutima, bavyukira icarimwe ngo bagende kwubaka ingoro ry’Umukama i Yeruzalemu. Ababanyi babo bose baca babahereza intererano z’ubwoko bwose: ifeza n’inzahabu, ibintu n’ibitungwa, amashikanwa y’igiciro kinini be n’imperezwa nyinshi babahereza ku rukundo.

IZABURI 125 (126) 1-2b, 2c-3, 4-5, 6

Icit. Ivyo Umukama yatugiriye ni agatangaza, natwe turi mu kanyamuneza.

Igihe Umukama yabohora imbohe za Siyoni, twari tumeze uk’abari mu ndoto; niho akamwemwe kashaka kutwüca, imvyino zikasana.

Niho abapagani bavuga bati: «Ivyo Umukama yabagiriye ni agatangaza. Ni ko, ivyo Umukama yatugiriye ni agatangaza!» eka natwe twari mu kanyamuneza.

Bohora se Mukama, imbohe zawe, uzizane nk’imigende kw’ isi ikamutse. Ababivyi mw’ibiba babiba barira, mw’igesa bakagesa bishongora.

Bagenda bararira, bajanye imbuto z’ukubiba; maze, bagarukanye imikama y’ivyimburo, bakaza barisiga.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya

Ijambo ryawe, Mukama, riramboneshereza mu rugendo rwanje, ni ryo rumuri rw’inzira yanje.

Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (8, 16-18)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Nta wudomeka itara ngo aryubikeko urujo canke ngo arinyegeze mu rutara, ariko arishira ahabona ngo abinjira babone iyo baca. Kuko ata canyegejwe kitaruhira guseruka, kandi nta cagumye mu mpisho kitazogaragara ku murango. Nimwitegereze ivyo mwumva! Kuko uwuri n’ico afise bazomwongerereza; na yo umuntu ata co afise, n’utwo nyene agira ngo arafise bazotumwaka.»

URUKIZA TV

Ntuhombe
21/09/2025

Ntuhombe

Yezu yashinze Ekleziya Gatorika Yiwe Ugira Wanke kwinjira Kubera Ako kadinidini? Nguku UkuriRekana Nabo bangushi Ivyo vyashikirijwe Munyigisho yatanzwe na Pa...

Ijambo ry’Imana, idominika ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka CIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amo...
20/09/2025

Ijambo ry’Imana, idominika ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (8, 4-7)

Itunga ribi nta co rimarira umutima.

Nimwumve iri jambo, mwebwe mukandagira aboro, mugashaka kumara abatobato mu ntara, kuko muhora muvuga muti: «Mbega, imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishorera amahonda? Mbega, isabato izorengana ryari, ngo tubone kwishorera ingano? Tuzoheza tugabanye ingero, twongereze ibiguzi, duhindure iminzane. Umurushwa tuzomugura makeyi, umworo na we inkweto gusa: eka n’ibikumbi vy’ingano nyene tuzobishora!» Umukama arahiye kw’izina ry’Israyeli, ati: «Ni ukuri nkazokwigera nibagira inabi n’imwe bakoze!»

IZABURI 112 (113), 1-2, 5-6, 7-8

Icit. Uragashemezwa, Mukama, Wewe wama ubogora abakene. Canke: Aleluya.

Bantu b’Umukama, nimuninahaze Umukama, muninahaze izina ry’Umukama! Izina ry’Umukama nirininahazwe ubu no mu myaka yose.

Mbega, uwongana n’Umukama Imana yacu yova hehe, ko mbona yurira kuvyagira mu ngoro yiwe, akururuka kuraba ibiri mw’ijuru no kw’isi?

Umukama akura ku musenyi abatagira amagara, umukene na we akamukura mu mwavu; kugira ngo amwicarike hamwe n’abakuru, hamwe n’abakuru b’igihugu ciwe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (2, 1-8)

Imana ishaka ko abantu bose bakira.

Mukunzi wanje, ico nipfuza imbere ya vyose ni uko boringaniza ivy’ugusenga, ivy’ukwambaza, ivy’ugutakamba n’ivy’ugukenguruka, ngo basabire abantu bose, abami n’abafise ubukuru bose, kugira ngo tubone kurambana iteka n’itekane, mu bukristu no mu bupfasoni. Ico ni co gisabisho c’ukuri kandi gihimbaye mu nyonga z’Imana Mukiza wacu, Yo ishaka ko abantu bose bokira bakamenya ukuri. Koko, Imana ni imwe kandi umukandizi w’Imana n’abantu ni umwe nyene, akaba umuntu Kristu Yezu, yitanzeko incungu ya bose. Ubutigu bumaze kugera, yarabaye icabona arashingira intahe ukuri. Nashinzwe kumubera umutumwa – mvuze ukuri, simbesha – mu kwigisha intara z’abanyamahanga inzira y’ukwemera n’iy’ukuri. Ndashaka rero ko hose abantu bosenga bagakíriza ibiganza bütƍnze, ata shavu n’ivyiyumviro bibi.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya

N’aho yari atunze, Yezu Kristu yarigize umukene kubera mwebwe, kugira ubukene bwiwe bubatungishe.

Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (16, 1-13)

Igisomwa kigufi: 16, 10-13

Nta wushobora gukorera Imana n’ifaranga.

Umusi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Habaye umuntu w’umutunzi yari afise umubwiriza; uno rero baramumuregako ngo aramusesagurira ibintu. Shebuja rero aramuhamagaza, amubaza ati: “Mbega, ivyo nkwumvako ni ibiki? Nyereka rero ingene wandinganirije ibintu, kuko kuva uyu musi utagisubira gutegeka mu vyanje!” Uno mubwiriza na we yiyumvira ati: “Mbe bane nza kubigenza gute, ko databuja ankuye ku co nahora nkora? Nje kurima, numva ata magara; gushera na ho, vyontera isoni! Ariko ndabonye noneho ingene nza kubigenza, kugira ngo umusi navuye mu gikorwa canje ndonke abazonsembereza.” Ahamagara rero umwe umwe mu bari bafitiye umwenda shebuja, abaza uwa mbere ati: “Databuja umufitiye umwenda ungana iki?” Aramwishura ati: “Impange ijana z’amavuta.” Uno mubwiriza na we ati: “Fata ikete ryawe, icara, wandike ningoga mirongo itanu.” Abaza uwundi ati: “Weho umufitiye ibingana iki?” Na we ati: “Ibikemanyi ijana vy’ingano.” Nya mubwiriza amusubiza ati: “Akira ikete ryawe, wandike mirongo umunani.” Shebuja rero atangazwa n’ubwenge uno mubwiriza w’igisuma yagize; kuko abakurikirana ivy’isi basumvya gukerebuka mu vyabo abakurikirana umuco. Nanje rero ndababwiye nti: Iryo tunga ridatunganye rirondeze abagenzi, kugira ngo umusi rizoba ribavuyeko babasembereze mu nsago zidashira.

Igisomwa kigufi gitangurira ngaha

Uwuzigama ibanga mu bitagoye azorizigama mu bigoye; uwurimena mu bitagoye, ntazoreka kurimena mu bigoye. None rero, nimwaba mutazi gutunganya itunga ribi, ni nde azobashinga itunga nyakuri? Nimwaba mutazi gutunganya iritari rwanyu, ni nde azobaha iryanyu bwite? Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi na we akamunebagura. Ni ho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga.»

URUKIZA TV

20/09/2025

Patiri Viateur Yigishije Ibintu Bikomeye cane Avuze Impamvu Benshi ibintu bakora bidakunda karuka badatanga canke ngo basabe Ikigongwe ...

Address

Bujumbura
SANS

Telephone

+25768722235

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when URUKIZA TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to URUKIZA TV:

Share