
26/09/2025
Ijambo ryâImana, indwi ya 25 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatandatu, annĂ©es impaires
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu câUmuhanuzi Zakariya (2, 5-9. 14-15a)
Ndaramuye amaso, mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo gupima. Ndamubaza nti : « Uroye hehe ? » Aranyishura ati : « Ngiye gupima Yeruzalemu, ngo ndabe uburebure bwaho nâubwaguke bwaho uko bungana. » Nya mumarayika twavugana yari ahagaze, maze uwundi mumarayika aza kumusanganira. Uwo rero amubwira ati : « Irukanga, genda kubwira uwo musore uti : I Yeruzalemu hazoba nko mu bisagara bitagira inzitiro, kuko hazobamwo isinzi ryâabantu nâamasho menshi. Jeho, â ni ijambo ryâUmukama, â nzohabera uruzitiro rwâumuriro kandi nzohabera ubuninahazwa ndi hagati mu mugoma. Ririmba, himbarwa, wa mwigeme wâi Siyoni we ; raba nje kukugereramwo. Kuri nya musi, ibihugu vyinshi bizogaruka ku Mukama bimwemere ; bizombera igihugu canje bwite nanje nzokugereramwo hagati. »
IZABURI : Jr 31, 10, 11-12b, 13
Icit. Umukama azotuzigama, nkâuko umwungere aragira ubusho bwiwe.
Mwa ntara, nimwumvirize ijambo ryâUmukama, nimurimenyeshe mu mazinga yo hakurya yâikiyaga : Uwashwiragije Abanyisrayeli ni we azobakoraniriza hamwe, abazigame nkâuko umwungere aragira ubusho bwiwe.
Kuko Umukama yacunguye aba Yakobo, akabakura mu minwe yâababarushije inguvu. Bazoshika ku musozi wa Siyoni bavuza impundu, bazohurumbira ivyiza ryâUmukama.
Abakobwa bazosubira gutambana urweze, si abana si abatama, bose bazoba mu kanyamuneza ; nzobakura kugandara, mbajane kuyyina, nzobahoza, amaganya yabo ahinduke agahimbare.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame, ndayarangure nâumutima wanje wose.
Aleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nkâuko yashikirijwe na Luka (9, 43b-45)
Aho bose batangarira ivyo akora vyose, Yezu abarira abigishwa biwe ati: «Mweho, nimutege amatwi, mwumvirize neza aya majambo: Umwana wâumuntu aza kugwa mu minwe yâabantu.» Ariko bo ntibategera iryo jambo, rirabayobeza ubwenge, kandi baratinya kurimusiguza.
URUKIZA TV