Nikobamye Philémon

Nikobamye Philémon Travail, Justice et Bonté.

Ni uko ndahava mvuga nti ivyo mw'isi ni amayobera. Umwana avuka ashaka kuvuga, kandi n'ikibano kikamutera intege. Yamara...
05/05/2026

Ni uko ndahava mvuga nti ivyo mw'isi ni amayobera.

Umwana avuka ashaka kuvuga, kandi n'ikibano kikamutera intege.
Yamara iyo amaze gukura ibintu birahinduka. Ikibano gitangura kumuboha no kumunumya, nawe ubwiwe akagera aho yiga guhora.

Ivyo mw'isi ni amayobera ni koko, ariko ubwenge bwo kiyibamwo burigwa.

Abiga gupambana n'ivy'ubu buzima ntimurambirwe.

📈 Zanzibar yongeye abakozi ba Reta hagati y'amashiringi 300 000 n'500 000 ku kwezi, Kenya nayo hagati y'ibice 12 na 15% ...
05/05/2026

📈 Zanzibar yongeye abakozi ba Reta hagati y'amashiringi 300 000 n'500 000 ku kwezi, Kenya nayo hagati y'ibice 12 na 15% vy'umushahara

👉🏿 Ni ingingo zatangajwe mu mpera z'indwi twaraye turangije, hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n'akazi. Dr Hussein Ali Mwinyi arongoye izinga rya Zanzibar, avuga ko iyo ngingo izotangura kuja mu ngiro kuva muri Nzero umwaka uza w'2027.

🎙️ Dr Mwinyi asigura ko iyo ngingo ifatiye "ku butunzi bw'igihugu, ubushobozi bw'umuguzi muri kino gihe hamwe n'umwitwarariko wa Reta wo gufata neza abakozi hanyuma akazi kagende neza".

🇰🇪 Mu gihugu ca Kenya, naho nyene prezida William Ruto yongeye ibice 12% abakozi ba Reta muri rusangi, ariko vy'umwihariko yongera ibice 15% abari mu gisata c'uburimyi.

📌 Iruhande yo kwongerwa imishahara, Reta ya Kenya yarorohereje abakozi bayo mu bijanye n'uburaro no kwivuza. Nk'akarorero, abigisha bahora bivuriza mu bitaro 900 ubu bazokwivuriza ku bitaro bishika 9 000.

🇧🇮 Mu Burundi, prezida Evariste Ndayishimiye yarakuriye inkoni ku gish*tsi ko "bidashoboka kwongera abakozi muri kino gihe", naho Célestin Nsavyimana w'ihuriro ry'amasendika COSYBU yari yerekanye ko umukozi wa Reta abayeho mu bukene.

👆🏿 Umukuru w'igihugu c'Uburundi asaba ahubwo abanyagihugu kugwiza umwimbu, bashore hanze haboneke amafaranga mvamakungu 💰

© Yaga

🚨Apôtre Kevin yakoreye Surprise Pastor Lopez amosozi arakoroka mu giteramo kidasanzwe yaraye akoreye mu Bubirigi.Mu gihe...
04/05/2026

🚨Apôtre Kevin yakoreye Surprise Pastor Lopez amosozi arakoroka mu giteramo kidasanzwe yaraye akoreye mu Bubirigi.

Mu gihe atari avyiteze, yasanze yaramuherekeje mw’ibanga akimubona amosozi arakoroka.

Igihe Pastor Lopez yari akimubona, yatangaye cane amosozi arakoroka kubera umunezero mwinshi.

Pastor Lopez NININAHAZWE na Apôtre Kevin SIBOMANA ni incuti kuva kera aho bakoranye ibikorwa vy’Imana mw’ishengero rya CLG rikiri rito cane ndetse na Pastor Lopez ataramenyekana.


25/03/2026
22/03/2026
Ingabire igizwe n’ibifungurwa n’ibindi bikoresho bitandukanye yashikirijwe impunzi zo mw’ikambi ya Musenyi.Ingabire igiz...
15/03/2026

Ingabire igizwe n’ibifungurwa n’ibindi bikoresho bitandukanye yashikirijwe impunzi zo mw’ikambi ya Musenyi.

Ingabire igizwe n’imifuko 80 y’umuceri (2000 kg), imifuko 80 y’ibiharage (2000 kg), imifuko 40 y’ifu y’ibigori (6000 kg), ibido 30 z'amamesa (600 L), hamwe n’ibindi bikoresho bigizwe n'amatara, amabomba y’amazi, udutambara tw’isuku tw'aba mama n’abigeme, imiti yo kwa muganga hamwe n’amabati,
vyose hamwe vyatwaye amahera ashika ku miriyoni amajana atanu na mirongo ibiri n'ibiri (522 000 000 FBU) nivyo Ishengero Methodiste Unie mu Burundi ryashikirije impunzi ziri mw’ikambi ya Musenyi.

Ivyo vyabaye kuri uyu wa 14 Ntwarante 2026, aho Nyenicubahiro Musenyeri Emmanuel Sinzohagera, aherekejwe n’abandi Basenyeri bo ku mugabane wa Afurika mw'Ishengero Methodiste Unie, bashikiriza iyo ngabire. Iyo ngabire yiyongereye ku yindi yari yatanzwe mu kwezi kwa Kigarama 2025.

Mu majambo yiwe, Nyenicubahiro Musenyeri Emmanuel Sinzohagera yavuze ati:
“Nk’abakozi b’Imana, duhamagarirwa gufasha abandi, na canecane abari mu bibazo nk’ivyo izi mpunzi zirimwo.”

Yashimiye Reta y’Uburundi yemeye guha indaro izo mpunzi, ashimira kandi igisata c’ishengero UMCOR cagize uruhara rudasanzwe kugira ico gikorwa gishoboke. Yongeye arashimira Abasenyeri bagenzi biwe bemeye ku muherekeza muri ico gikorwa c’urukundo.

Yasavye kandi abantu bose kubandanya basengera izo mpunzi no gutanga ico bashoboye cose coshobora kubafasha muri ibi bihe bitoroshe barimwo.

Ku ruhande rwiwe, Musenyeri Muyombo, arongoye inama nkuru y'Abepisikopi ya Afurika, yasavye ko amahoro yosubira mu karere izo mpunzi zavuyemwo. Yongeye ahamagarira abo vyega kwicarana bagashira imbere ibiganiro aho gukomantaza imitima, kugira abene gihugu bataye izabo bashobore gusubira mu miryango yabo.

Abajejwe intwaro hamwe n'abaronse iyo ngabire bashimiye cane Ishengero Methodiste Unie ingene ridahengeshanya kubibuka, na cane cane muri bino bihe barimwo vy'ingorane zitandukanye.

02/03/2026
23/08/2025

Aujourd'hui en tant que Méthodistes Libre, nous célébrons 165 ans d'engagement au service de notre Seigneur. Prenons un moment pour réfléchir aux innombrables bénédictions et opportunités qu'Il nous a, données pour avoir un impact significatif dans la vie des autres. Ensemble, continuons ce chemin avec une énergie renouvelée, en nous efforçant chaque jour de vivre selon Ses enseignements.

11/02/2025

Ésaïe 29:15 : Malheur à ceux qui cachent leurs desseins pour les dérober à l'Éternel, qui agissent dans les ténèbres et disent : "Qui nous voit et qui nous connaît ?"

Nous pouvons parfois être bien naïfs, n'est-ce pas ? Nous essayons de cacher au Seigneur ce que nous avons fait et ce que nous projetons de faire, mais en réalité, nous ne trompons que nous-mêmes. À première vue, le fait que Dieu connaisse nos plans et voie nos actions peut sembler effrayant. Mais en y réfléchissant bien, n'est-il pas rassurant de savoir qu'Il voit tout, y compris nos pensées et nos intentions profondes ? Cela garantit que la justice sera rendue et que nos erreurs seront jugées en fonction de nos intentions, et non seulement de leurs conséquences. De plus, cela signifie que ceux qui cherchent à nous nuire devront en rendre compte à Dieu. Ainsi, nous n'avons pas à nous soucier de "régler nos comptes" ou de "rendre la pareille".

Address

Quartier Tenga, Commune Ntahangwa
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Nikobamye Philémon posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Nikobamye Philémon:

Share