31/10/2022
🔴⚽ "Ata gihindutse, Intamba Mu Rugamba zizokina urukino rwa kivandimwe n'umugwi nserukiragihugu wa Côte d'Ivoire"
🏟️ Urwo rukino rukaba rutegekanijwe kubera mu gihugu ca itariki 17 Munyonyo 2022
🎙️ Uwurongoye ishirahamwe ry'urukino rw'umupira w'amaguru mu Burundi FFB Alexandre Muyenge akaba yabishikirije mu gihe yariko aratanga ikiganiro ku banditsi n'abamenyeshamakuru kur'uyu wa 31 Gitugutu 2022
🏽 Irya nyuma Uburundi buhura na Côte d'Ivoire bariko barondera ibihugu bizoja muri , ico gihe ivyo bihugu 2 vyari mu mugwi umwe. Côte d'Ivoire yaratsinze mu nkino 2 ariko ntivyayoroheye:
👉🏽 Mu Burundi, vyarangiye ari 1 ku 0, hari kuri Stade Intwari (yari ikicitwa Prince Louis Rwagasore), urukino rwakinywe itariki 9 Gitugutu 2010
👉🏽 Muri Côte D'ivoire vyarangiye ari 2-1, urukino rwakinywe itariki 9 Gitugutu 2011
👀 Tubibutse ko ku rutonde rwa rusohoka buri kwezi rwerekana uko ibihugu bihagaze kw'isi, Uburundi buri mu kibanza ca 141, mu gihe Côte D'ivoire iri mu kibanza ca 48
👀 Mbega ubu mubona bizogenda gute?