Rugori Rwiza

Rugori Rwiza Ivyiza vy'Uburundi

🍃  : n'uwufise amafaranga 100 arasuma imboga-------------------📌 Ni inderama, imboga zisoromwa mu kibira ca  . Ni imboga...
06/11/2022

🍃 : n'uwufise amafaranga 100 arasuma imboga
-------------------
📌 Ni inderama, imboga zisoromwa mu kibira ca . Ni imboga izimeza. Kw'isoko n'izo zizimbutse kubera ilengalenga, imisoma canke inyabutongo, irara zarakenye gose kubera uruzuba rwatse umwanya muremure

🔰 Abaguzi bavuga ko izo mboga ziryoshe kandi zizimbutse gutyo zifise akamaro ku magara y'abantu: zirimeza, ntamiti bazipompa, ntangorane zitera

👀 Inderama mwari muzizi ?

🔴⚽ "Ata gihindutse, Intamba Mu Rugamba zizokina urukino rwa kivandimwe n'umugwi nserukiragihugu wa Côte d'Ivoire"🏟️ Urwo...
31/10/2022

🔴⚽ "Ata gihindutse, Intamba Mu Rugamba zizokina urukino rwa kivandimwe n'umugwi nserukiragihugu wa Côte d'Ivoire"

🏟️ Urwo rukino rukaba rutegekanijwe kubera mu gihugu ca itariki 17 Munyonyo 2022

🎙️ Uwurongoye ishirahamwe ry'urukino rw'umupira w'amaguru mu Burundi FFB Alexandre Muyenge akaba yabishikirije mu gihe yariko aratanga ikiganiro ku banditsi n'abamenyeshamakuru kur'uyu wa 31 Gitugutu 2022

🏽 Irya nyuma Uburundi buhura na Côte d'Ivoire bariko barondera ibihugu bizoja muri , ico gihe ivyo bihugu 2 vyari mu mugwi umwe. Côte d'Ivoire yaratsinze mu nkino 2 ariko ntivyayoroheye:

👉🏽 Mu Burundi, vyarangiye ari 1 ku 0, hari kuri Stade Intwari (yari ikicitwa Prince Louis Rwagasore), urukino rwakinywe itariki 9 Gitugutu 2010

👉🏽 Muri Côte D'ivoire vyarangiye ari 2-1, urukino rwakinywe itariki 9 Gitugutu 2011

👀 Tubibutse ko ku rutonde rwa rusohoka buri kwezi rwerekana uko ibihugu bihagaze kw'isi, Uburundi buri mu kibanza ca 141, mu gihe Côte D'ivoire iri mu kibanza ca 48

👀 Mbega ubu mubona bizogenda gute?

HIBONEKEJE UWUNDI MUGERA UFATIRA MUBIHIMBA VY'IRONDOKAIshirahamwe ryitaho amagara y'abantu kw'Isi OMS riraburira abantu ...
26/10/2022

HIBONEKEJE UWUNDI MUGERA UFATIRA MUBIHIMBA VY'IRONDOKA

Ishirahamwe ryitaho amagara y'abantu kw'Isi OMS riraburira abantu ko iruhande y'ingwara zifatira mubihimba vyirondoka (MST) twari tumenyereye hibonekeje uwundi mugera witwa "Herpès simplex" type-2 nawonyene ufatira mubihimba vyirondoka.

Uyo mugera ngo ufata cane cane abakiri bato, (urwaruka) iyo bahejeje gukora imibonano mpuzabitsina (Gusambana) batikingiye nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru 24 matin.

No mugihe umuvyeyi ariko aribaruka, ibice 85% ngo nuko ashobora kuwanduza umwana kandi we ngo uramubangamira cane.

Urangwa n'ibiturika biza ku mpande z'Igitsina (sexuel) canke k'umunwa (Rabial).

Ngo urababaza cane iyo umukenyezi ari mu butinyanka, canke ariko arangura amabanga y'abubatse.

Iyo umukenyezi awufise yibungenze, vyiza ngo nuko yibaruka bamubaze( Césarienne).

OMS ivuga ko "Herpes" simplex du type-2 ari umugera ukaze cane kandi umaze gufata abantu benshi kw'Isi.

Muvyirwa iryo shirahamwe ryakoze ryasanze abantu bagera ku miriyoni 500 baranduye uwo mugera.

Muganga Mulplied yabwiye ikinyamakuru le Parisien ko atari umugera wo gufata minenerwe kuko ubwandu bw'ingwara zifatira mubihimba vy'irondoka "Herpès" uza kubice 80%.
Ni mugihe ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara yabantu no kurwanya ikiza Sida muburundi nabwo buherutse gutanga isoko kubadandaza ngo babuzanira udukingirizo tw'Abagabo (Capote).

Ngira biri no muntumbero yo kuzitira uwo mugera utararandagata ngaha muburundi......

🔴Burundi: Ubumwe bwa buraya buhejeje gukuraho ibihano bwari bwafatiye abarundi 3 birimwo n'umushikiranganji wa mbere w'U...
25/10/2022

🔴Burundi: Ubumwe bwa buraya buhejeje gukuraho ibihano bwari bwafatiye abarundi 3 birimwo n'umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Lt. Gen. de Police Gervais Ndirakobuca.

✍️Abandi bakuweko ibihano ni Godefroid Bizimana na Léonard Ngendakumana bari intwazangabo mu nzego z'umutekano muri 2015.

Ubumwe bwa buraya bukaba bumenyesha ko buzokomeza gushigikira imigambi ya leta.

 : Urubuga rwa WhatsApp ntiruriko rurakora. Ikinyamakuru le monde c'abafaransa kimenyesha ko urwo rubuga rwagize ingoran...
25/10/2022

: Urubuga rwa WhatsApp ntiruriko rurakora. Ikinyamakuru le monde c'abafaransa kimenyesha ko urwo rubuga rwagize ingorane, ku buryo atawurungika canke ngo aronke ubutumwa. Abenshi bakaba baciye bihutira kuja Ku rubuga rwa telegram.

Kuja Serbia kubafise passport zisanzwe vyahagaritswe ubu bazinjira aruko bafise visa Ariko abafise passport diplomatic b...
22/10/2022

Kuja Serbia kubafise passport zisanzwe vyahagaritswe ubu bazinjira aruko bafise visa
Ariko abafise passport diplomatic bobo barafise uburenganzira bwokwinjira ata visa barinze gusaba

⛔️ Ukwinjira kw'abarundi ata “visa” muri Serebiya vyahagaritswe. Ng'ibi ico vyavuyeko🌐 Nk'uko tubisoma ku rubuga rw'ubus...
22/10/2022

⛔️ Ukwinjira kw'abarundi ata “visa” muri Serebiya vyahagaritswe. Ng'ibi ico vyavuyeko

🌐 Nk'uko tubisoma ku rubuga rw'ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu rw'igihugu ca Serebiya, ngo “kiretse abafise za pasiporo z'akazi canke zimwe bita "passeport diplomatique" bashobora kwinjira muri Serebiya ata “visa” isabwe, abasigaye bose, nta wuzongera kwinjira ata “visa”” ❌

🤷🏽‍♂️ Ivyo bikaba bibaye mu gihe hari haheze imisi havugwa Abarundi batari bake baca muri Serebiya kugira binjire mu bihugu bindi biri ku mugabane wa Burayi.

🤔 Muti none habaye iki ?

👉🏽 Vyose vyatanguye mw'iyinga riheze aho igihugu ca Serebiya cidogerwa n'ibihugu nka vyose bigize umuryango w'ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya (Union européenne). Serebiya isanzwe iriko isaba kwinjira muri uyo muryango, yaratunzwe urutoki nk'iyinjiriro ry'abimukira batari bake mu bihugu bigize ubumwe bwa Buraya, kanatsinda benshi binjira mw'ico gihugu ata ruhusha rwa “visa” basabwe.

🇪🇺 Mu kwinjira mu muryango w'ubumwe bwa Buraya, kimwe mu vyo igihugu kivyipfuza gisabwa gukora, ni ugukurikiza uko impusha zimwe bita “visa” zitangwa muri uyo muryango. Ico rero nico Serebiya yoba itanguye kwitunganyamwo mu ntumbero yo kwinjira mu bumwe bwa Buraya.

✍🏾 Ingene vyari vyagenze kugira Abarundi bashike muri Serebiya ata “visa”, twari twarabibayagiye hano : https://bit.ly/3sn2HiA 📲

Inkomoko : https://bit.ly/3CWMIgk

🔴Burundi : Hakwiye kugabanywa amabariyeri ari mu gihuguUmushikiranganji wa mbere Lieutenant Général de Police Gervais Nd...
18/10/2022

🔴Burundi : Hakwiye kugabanywa amabariyeri ari mu gihugu

Umushikiranganji wa mbere Lieutenant Général de Police Gervais Ndirakobuca yasavye abajejwe intwaro cane cane muri komine ya Mutimbuzi na Rugombo kugabanya amabariyeri ari muri izo komine kuko iyo abaye menshi vyerekana ko hari umutekano muke mu gihugu. Ivyo navyo bigacafuza imigenderanire y'Uburundi n'ibihugu duhana imbibe.

🔴Burundi: Umuyobozi w'ishirahamwe Regideso yaraye agendeye ahariko harubakwa inyubako y'iryo shirahamwe  arabura umuntu ...
18/10/2022

🔴Burundi: Umuyobozi w'ishirahamwe Regideso yaraye agendeye ahariko harubakwa inyubako y'iryo shirahamwe arabura umuntu n'umwe kuri shantiye.

Nk'uko tubikesha urubuga Twitter rwa Regideso rumenyesha ko umuyobozi mukuru wa Regideso yahasanze umuntu umwe rudende avuga ko ari icegera c'umukuru wa shantiye.

Mu gihe ibikorwa vyo kwubaka iyo nyubakwa vyacerewe ukwezi kumwe, ngo ishirahamwe rihubaka ryoryo ntaco ryinona aho kwongereza inguvu, rikongereza n'abakozi kugira banyarutse ibikorwa rinirihe umwanya watakaye.

Umuyobozi wa Regideso akaba yamenyeshejeko hazokoreshwa amategeko kugira hakosorwe utwo tunenge.

🛐⛈️  : abanegihugu bahamagarirwa gutakambira Imana ngo ibaronse imvura ✍🏾  Biri mu kamo katewe na Buramatari w'intara ya...
14/10/2022

🛐⛈️ : abanegihugu bahamagarirwa gutakambira Imana ngo ibaronse imvura

✍🏾 Biri mu kamo katewe na Buramatari w'intara ya Mwaro abicishije mw'itangazo yasohoye kuri uyu wa 14/10/2022, aho yahamagariye abarongoye amasengero n'amadini hamwe n'abenegihugu ko mu masengesho basanzwe bakora, bokwibuka gutakambira Imana mushoboravyose ngo ibaronse imvura

🚿 Yahamagariye kandi abenegihugu b'abarimyi ko bovomera indimiro zabo aho bishoboka

👀 Aho iwanyu nta n'ima y'imvura?

🔴  : bamwagirije ko yivye terefone mugenzi we, amaze kwiruka akabona ko aza gufatwa aca yikubita hasi amera nkuwirabishi...
14/10/2022

🔴 : bamwagirije ko yivye terefone mugenzi we, amaze kwiruka akabona ko aza gufatwa aca yikubita hasi amera nkuwirabishije

🕕 Hari igihe c'isaha zitandatu zuzuye, aho haduka akaguma k'abakenyezi bo kw'isoko ahari umurongo w'aharemera imyumbati mu gihe bariko baragiriza ko umwe muri bo yivye teregone mugenzi we

🔰 Buno nyene uwo yivye terefone yaciye yiruka abantu nabo baca baramukurikira nawe n'ubwoba n'akantu abonye ko bihava bimugora kubacika aca yikubita hasi aragarama

👮🏾 Bagiharira bamwe bati n'uruyeri arakomeye, abandi bati araravye igiporisi kiba kirahaserutse, basaba iryo sinzi kwigira inyuma, vyarangiye bamureruye bamujana aho yoba aratekanira mu kurindira amatohoza

🔥 Ikivuko ca   cadutsemwo umuriro----------------------🔰 Mu gatondo ko kuri uyu wa 14 Gitugutu 2022 hibonekeje umuriro w...
14/10/2022

🔥 Ikivuko ca cadutsemwo umuriro
----------------------
🔰 Mu gatondo ko kuri uyu wa 14 Gitugutu 2022 hibonekeje umuriro wadutse mu kivuko ca Bujumbura, abari bahegereye bavuga ko hari nk'igihe c'isaha zitatu n'igice (9h 30) aho babona umuriro mwinshi hafi y'ahasanzwe hahagarara ubwato buzana ibidandazwa

🏗️ Abarongozi b'ico kivuko bavuga ko uwo muriro waturutse ku cuma gifasha mu gupakurura ubwato (grue) bivuye ku ntsinga z'umuyagankuba zakoranyeko (court circuit)

🚒 Babandanya bavuga ko uwo muriro ata kintu na kimwe wononye kuko basanzwe bafise ikiduga kizimya umuriro, hamwe n'abantu bigishijwe ibijanye no kuzimya umuriro baciye babanguka ata bintu birononekara; ikindi kiduga kikaba cahash*tse gisanga basa n'abahejeje kuzimya. kiretse ico cuma nyene kitariko kirakora ibindi bikorwa birabandanya ukuri kwamye

Address

Boulevard De L'Uprona
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Rugori Rwiza posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share