13/08/2026
❌💍 Ni igiki casibije ubugeni bwa André* na Keza* ? Ng'iri ido n’ido twatohoje
👉🏿 Ni ubutumwa bumaze iminsi buhanahanwa ku mbugahwaniro, bwerekana ubutumire buciyemwo umusaraba, akenshi bandika ko "ubugeni bwasivye kubera Keza afise inda y'umu "ex" wiwe yagiye gusezera".
Ng’uku uko Yaga yabisanze mu matohoza yakoze
Hagati ya André na Keza harimwo uwuvuka mu ntara ya Gitega. Harimwo kandi umwe muri bo umubajije aho uwo bagomba bubakane avuka, ataho azi. Bari biteguriye ubukwe nk’abandi bose kw'itariki yari itegekanijwe kubera ko ubukwe ku wa 15 Myandagaro 2026.
❤️ André na Keza bari bakundanye kuva muri Gitugutu umwaka uheze w'2025. Ntibatevye, bashimye kuzobana nk’uko bavyemeza. Ntibagomba guteba cane kuko umwe muri bo yari afise igikomere c’urukundo yahoramwo. Urubanza rwo gukwa rwarabaye, inkwano ziratangwa. Imbere yo guhezagirwa, boteye umukono mu gitabo c’ingo n’imiryango kuri uyu wa 14 Myandagaro 2026 i Bujumbura.
⛪ Urugendo rwo kwubakana rwatanguye kugorana hageze ko buca berekanwa mw’isengero rimwe riri mu Bwiza, mu gisagara ca Bujumbura. Muri iryo shengero, abanyeshengero batubwiye ko bisaba ko abo berekana barara batanze kwa pasitori ibipimo vyo kwa muganga vyerekana ko umwigeme ata mbanyi afise. Mu kuja kwipimisha, hari abakenyezi bakuze bamuherekeza kwipimisha bagaheza bakazanira pasitori ubutumwa bwugaye muganga yatanze. Bari kwerekanwa ku w'Imana, itariki 8 Myandagaro 2026.
👨🏾⚕️ André yemeza ko ibipimo vy’ivuriro rya mbere ryo mu Bwiza vyerekanye ko uwo bagiye kurushinga yibungenze. Pasitori ngo yabajije André ko iyo mbanyi hari ico ayiziko nawe ararahira. Keza igihe bamubwira ko yibungenze avuga ko yatangaye. Bahavuye baja kw’ivuriro rigira kabiri mw’ijoro aho mu Bwiza nyene, naho nyene ibipimo André yemeza ko vyerekanye ko yibungenze. Niho pasitori yababwira ko atakiberekanye, baca barataha.
💬 Icababaje Keza, nk’uko yabitwiganiye, ni ukuntu uwo mukunzi wiwe yciye ashira kuri "statut" ya Whatsapp yiwe ubutumire n’amafoto bari kumwe, yandika ko "ubugeni busivye kubera Keza afise inda y’umu "ex" wiwe", aranabikwiragiza mu bagenzi biwe.
🫄🏿Naho André yemeza ko Keza yagomvye kumutega umutego kugira aze amwegeko imbanyi,
ibipimo vyakozwe kuri rimwe mu mavuriro yo mu gisagara ca Bujumbura, ku wa mbere itariki 10 Myandagaro 2026, vyerekana ko basanze "igitereko kigaragara" (utérus vide), nk'uko twavyisomeye.
❌ Ivy’ubukwe bw’uwo musore n’iyo nkumi vyarahagaze. Imiryango n’abo bokwubakanye bariko barasubizanya utwabo.
Menya neza : André* na Keza* ni amazina twitije
Source YagaVerify