06/09/2022
Umwami, Samandari na Nkeshimana.
Umwami ntavukana, musangira ingovyi ntimusangira ingoma. Umwami ntaba umwana. Umwami ni Sebarundi.
Abarundi barazirikana ko Umwami ari umuvyeyi wabo ata n’umwe avuyemwo, bisigura ko umwami amaze kwima yaca aba se wa se na sewabo, se wa nyina na nyinabo.
Ku musi w’Umuganuro, Abagára barashemeza Umwami bamuha ikaze bati:
I. Inyănge wa sinzo nyabarima irimira ibindi vyuma kubirima;
II. Inyănge karima amatongo y’abandi bagabo;
III. Inyange ruganguza;
IV. N’ibindi ....
Icivugo k**a c’Abarundi : «Imana-Umwami-Uburundi», kiragaragaza ko Umwami yari igisongerezi c’Imana, maze Iteka n’Itekane bigasaga Abarundi bikomotse ku Mwami. Umwami yari Igihangange kidahangarwa.
Iyo umwani agize ivyago, igihugu cose caba kigize ivyago, iyo atanze hoho bavuga ngo «Ijuru rirakorotse»!
Kurya Abarundi batahengeshanya gusengera Umwami n’Igihugu, ni ko natwe dukwiye kubigira kenshi gashoboka, tugasengera indongozi n’Igihugu, tukazirikana ko inkuba irabije utagira ngo mara abansi kuko n’umukunzi birajana. Twozirikana ivyakurikiye Igandandagurwa ry’Umuganwa-Mushikirangoma wa mbere Rwagasore, Umushikirangoma wa mbere Ngendandumwe, Umwami Ndizeye, hamwe n’Umukuru w’Igihugu Ndadaye, maze tukavuga tuti: Harabaye ntihakabe, hapfa imbwa n’imbeba, hakira inka n’ingoma Umwami, n’Abagabo.
Uwo Mwami mwumva yarazirikana ko agirwa n’abagabo, akabagisha inama. Abamukundiye yarabagira abatoni, vyose akabishira mu biganza vyabo ukuyemwo ingoma. N’uwo Umwami agomwe yamugabira aciye ku batoni, ari na ho havuye wa mwibutsa ngo: «Zitirirwa Umwami zigaba abatoni».
Si ivyo gusa, Umwani ntiyagana ariko yaraganura, iwe bărarūra bátarūra, bagatarūra bátaritse, bagatereka bátaze. Yamara rero, iruhande y'umwama hăma abahanūzi n’abahanuzi!
Umwami w’Uburundi yari afise ububasha bwo ku guhangaza no kwangaza, bwo kunyaga no kugaba, ariko na we nyene yaragabana, mugabo: «Uwugabiye Umwami ntiyigamba», kanatsinda yaba amwokoreye mu vyiwe.
Uwutanezerejwe n’ingingo y’Umwami yacira mu nda ntiyacira imutwe. Ni ho havuye wa mwibutsa ngo: «Umuhinga wo kwihora Umwami arîhorera»; canke ca gitutsi ngo:Uragacumura ku Mwami baguce amaguru n’amaboko! Ku kaba nkako, kurya Abarundi bivugira ngo hica Uburundi, bari bazi ko Umwami atomenye ibibera mu gihugu atabibariwe. Vyumvikanako abadodobereza abandi batabura.
Nta muganwa, nta mutware, yigeze aba igihangange adahangajwe n’Umwami, kandi nta muganwa, eka nta mutware yigeze azira ubuhangange bwiwe, bose bazira ubuhângāzi. Akavuze ca gihangange benshi mucibuka, «Imana ikugira igihangange ngo uhagararire abantu, ntikikugira ngo ubahangare».
Wewe uri igihangange ku rugero rwawe, ariko «Nta mukuru abura mukuruwe». Jewe ndazi ko ndi igihangange, ariko ndazirikana ko hejuru yanje hari ibihangange binsumba. Ukwiyubaha kwanje ntikumbuza ukwiyubara, kandi ukwigenga kwanje ntikumbuza ukwigengesera, uguhambara ntikuntera uguhangara abandi, ahubwo kuntera uguhangaza, kuko sinzokwibagira bimwe yagenda atubariye ngo: «Ubukomezi bw'umuntu ntibukomoka ku bo yakomerekeje, bukomoka ku bo yakomeje n'abo yakomoreje».
Noneho n’aho bitobaye ivyo nigishijwe nkuze, nakuze numva bavuga ngo: «Buraca bugacana ayandi, ngo irahinda igahinyuza icari gutarikwa kigatekwa, icaterera kikavoma, ubwato bwahora bugana bukaronwamwo ibijumbu, uwiteguriye gusomera akarumanga, umurimyi akarya imbuto atabuze ubusize».
Samandari wa Mandaranga yararinda ariko yakinda azi imisozi. Yarazirikana ko Umwami kizira kumutuka kitazira kumusaba kuko na kare ngo: «Umwami utamusavye uba umusuzuguye». Ni na co catuma Umwami batahengeshanya kumubwira bati: «Ganza sabwa uwanka yangare».
Uwundi mugabo yarinda atagira inkoho yari Umushubi yitwa Nkeshimana. Ukurinda kwa Nkeshimana kwaragaragaye mu mwaka w’1973 aho yacuraranga umuduri aririmbira Umukuru w’Igihugu w’ico gihe ati: «Urantunga mugenzi witunze, ubutabarirwa burazirwa ni bwo bwishe abamenja».
Abamaze imanza z'Abarundi barazi ko uwuruhaze bamubarira bati : Himba uhishe, canke bati : Taha ukiri mwiza. Reka rero ntahe nkiri mwiza kuko «Imvugira kuyamara y'umugabo ikundwa na bake». Mbona nkirimwo, ijuru niryagenda neza nzogaruka mbandanirize aha ngejeje, bish*tse na ho ngahamvya abahamvye amaguru mw'isemo imbere yanje nzoba nshikanye wa mwibutsa ngo: «Ntihapfa uwukuze hapfa uwugeze», canke wa wundi ngo:«Umugabo apfuye ari guhumbira aba yujuje». Muzoheza mukore ivyo ntakoze kuko naje nakoreye mu ngata abari bikoreye!
Wa wundi Samandari namye mvuga yarakora n'ikibi akacemanga kuko wa musi yahonyora mu migoreko aho gusaba imbabazi yashimye kwigovyora ngo: Uraba wumva birenge ni wewe ubwirwa.
Karerwa NDENZAKO