Zingatia TV

Zingatia TV Votre télévision est ici pour vous découvrir le monde agricole notamment dans notre terre riche Burundi, soyez les bienvenus!

   .Nibiki biriko birashikira ingabo z'urwanda muri Congo? Ejo haheze le 16.9.2026 obiro bikuru vya gisirikare vy'urwand...
17/09/2026

.

Nibiki biriko birashikira ingabo z'urwanda muri Congo? Ejo haheze le 16.9.2026 obiro bikuru vya gisirikare vy'urwanda vyasohoye itangazo bisabako zina musirikare wese , mbere nawahoze ari umusirikare ariko ubu yasezerewe mu ngabo zigihugu, ko atarekuriwe kwinjira muri groupe whatsapp atabiherewe uruhusha, uwuzofatwa yabirenzeko azofatwa nkumugarariji, ibi vyateje amakenga menshi mu bantu, aho benshi bibaza ico cateje ifatwa ryiyo ngingo, bamwe babonako bashaka kubanyegeza ibibazo izo ngabo ziriko zirahura navyo muri Congo kuko mwijoro rimwe usanga hapfuye ingabo zurwanda zirenga 200.

Musomyi wacu nawe iyi ngingo wayakiriye gute?


.

03/08/2026

Au Sud-Kivu, de nombreux jeunes hommes ont été arrêtés tôt ce matin dans les quartiers où ils vivent. Cette opération aurait été menée par l'armée rwandaise, dissimulée sous le nom du groupe rebelle M23. Ces arrestations sont intervenues après l'attaque survenue hier, dimanche 2 août 2026, près de l'aéroport de Kavumu. De nombreux parents lancent un appel au secours pour leurs enfants, car ils sont très inquiets. Selon eux, à la suite de cette vaste opération de ratissage, beaucoup de jeunes arrêtés ne reviennent jamais et sont exécutés.


🔴🇧🇮 BURUNDI : Acte louable du Ministère de la Justice : 69 détenus libérés, un pas décisif pour les droits humains au Bu...
02/08/2026

🔴🇧🇮 BURUNDI : Acte louable du Ministère de la Justice : 69 détenus libérés, un pas décisif pour les droits humains au Burundi.

Dans le cadre du suivi et du monitoring du respect des droits fondamentaux, une équipe du Ministère de la Justice, des Droits de la Personne Humaine et du Genre a conduit, du 28 au 31 juillet 2026, une mission de terrain d’envergure dans les lieux de privation de liberté. Présidée par Monsieur Gérard HAKIZIMANA, Directeur Général du Programme Droits Humains, cette opération s’est soldée par la libération de 69 personnes, illustrant l’engagement résolu des autorités burundaises en faveur de la justice et de la dignité humaine.

Quinze lieux de détention ont été inspectés, allant des commissariats de Bubanza, Kinama et Rugombo à la prison centrale de Bubanza, en passant par les cachots de Mpanda, Ntamba, Kivyuka, Muzinda, Rugazi, Murwi, Buganda, Rugezo, Mabayi et Bukinanyana. Conduites de manière inopinée, ces visites ont permis une photographie objective des conditions carcérales et du respect des droits des personnes privées de liberté.

Au total, 179 détenus ; dont 30 femmes ; ont été entendus. À l’issue de cet examen minutieux, 69 personnes, parmi lesquelles 11 femmes, ont bénéficié d’une remise en liberté. Ce chiffre témoigne de la volonté du gouvernement de lutter contre la détention arbitraire et de désengorger des structures souvent surchargées, conformément aux engagements internationaux du Burundi.

M. HAKIZIMANA a rappelé que la Direction Générale des Droits de la Personne Humaine est habilitée à saisir le Ministère public dès qu’une violation est imputable à un agent de l’État. Cette disposition garantit que toute atteinte aux droits fondamentaux donne lieu à des poursuites, renforçant ainsi la redevabilité des acteurs publics.

Le Directeur Général a invité l’ensemble des acteurs concernés à veiller scrupuleusement au respect des droits humains, en particulier dans les lieux de privation provisoire.

 : Amafaranga angana na 60.598.973.462 niyo agiye gukoreshwa mu kwubaka amasentare y'intango 158 hamwe n'amasentare maku...
28/07/2026

: Amafaranga angana na 60.598.973.462 niyo agiye gukoreshwa mu kwubaka amasentare y'intango 158 hamwe n'amasentare makuru y'igihugu n’amaparike 24 azikukira

Kuri uwu wa 28 Mukakaro 2026, Ubushikiranganji bw'ubutungane, Agateka ka zina muntu n'Iterambere ridakumira bwatunganije, ku murwa mukuru wa Poritike i Gitega, uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro bijanye no gushiraho inyubako z'amasentare n'amaparake mashasha mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wa Reta wo kwegereza ubutungane abenegihugu.

Muri urwo ruganda, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'ubutungane, Rosalie Nahishakiye, yamenyesheje ko uwo mugambi ari uwo kwegereza ubutungane abenegihugu, arasigura ko muri zone hazoba hari Sentare y'Intango, muri komine hakabamwo Sentare Nkuru y'igihugu na yayo, nayo mu ntara hakazoba hari sentare isubiramwo imanza na Parake iyikukira.

Rosalie Nahishakiye akavuga ko muri uwo mugambi wo kwubaka ama Sentare nama Parake, Reta yategekanije amafaranga 60.598.973.462 y'amarundi, hakazokubakwa ama Sentare y'intango 158 hamwe n'ama Sentare makuru y'igihugu na parakeze zizikukira 24.

Rosalie Nahishakiye yamenyesheje abitavye ko urwo ruganda ari urwo kumenyesha icese ko ibikorwa vy'ibanze vyo gutanguza inyubako bigire bitangure, akabahamagarira gutanga intererano z'ivyiyumviro bizotuma izo nyubako zamasentare namaparake zubakwa neza kuburyo zizotanga ishusho nziza mu gihugu cose. Rosalie Nahishakiye agasaba ko izo nyubakwa ko zokorwa zisunze Imbonakazoza ya 2040-2060, kugira ntizizobe inyubako zubakwa haciye imyaka mike zice zibomoka canke ngo zisubirwemwo kubera zitisunze imbonakazoza, ngo kuko ntibipfuza gukora igikorwa c'umugayo.

Mwomenya ko urwo ruganda rwari rwitabwe n'abajejwe intwaro mu makomine no mu ntara, abajejwe igisata c'Ubutungane mu ntara n'amakomine hamwe n'abajejwe ibisata vy'inyubako mu ma komine.

📸: RTNB

Que se passe-t-il avec le journaliste Kenny Claude Nduwimana ?Selon des informations provenant de sources proches de lui...
19/06/2026

Que se passe-t-il avec le journaliste Kenny Claude Nduwimana ?
Selon des informations provenant de sources proches de lui, le journaliste Kenny Claude Nduwimana ne se trouverait plus sur le territoire burundais. Les raisons qui l’auraient poussé à quitter le pays ainsi que la situation actuelle de sa famille font encore l’objet de nos investigations.
Toutefois, les informations dont nous disposons à ce stade indiquent qu’il aurait quitté le Burundi

Nibiki vyoba biriko biraba ku mumenyeshamakuru Kenny Claude  Nduwimana ? Uwo mumenyeshamakuru amakuru ava hafi yabiwe av...
19/06/2026

Nibiki vyoba biriko biraba ku mumenyeshamakuru Kenny Claude Nduwimana ?
Uwo mumenyeshamakuru amakuru ava hafi yabiwe avugako yoba atakiri kubutaka bw’uburundi, icoba caramuteye guhunga nivyasigaye biraba kumuryango wiwe ni mu makuru yacu tukiriko turatohoza.

📍💬 « Mu gisata c’indero umwaka w’10 ugiye kugarukanwa.»===================Bihejeje gushikirizwa n’Umushikiranganji wa mb...
11/06/2026

📍💬 « Mu gisata c’indero umwaka w’10 ugiye kugarukanwa.»
===================
Bihejeje gushikirizwa n’Umushikiranganji wa mbere, Nestor NTAHONTUYE, mu kiganiro kidasanzwe c’Urwengo Nshingwabikorwa rwa Reta y’Uburundi, kiriko kirabera ku kibuga INGOMA mu ntara ya Gitega.

Yagize ati : « Mu vyatumye Ubumenyi butera bugabanuka, harimwo ukwiga umwanya muto. Ubu b**a imyaka 12 kare twahora twiga imyaka 13, kugirango turangize amashure y’intango n’ayisumbuye».

Yongeye ati: « Abo batanguranye n’urwo rutonde rushasha mu mwaka w’indwi, bazoduga n’intonde nshasha gushika mu mwaka w’10. Muri ca kibazo kibaha uburenganzira bwo kuja mu mashure y’akarorero, abataronse amanota yafatiweko, tugiye kubashira mu mashure y’uburaro, bivanye n’ibibanza tuzoba dufise. »


Umushikiranganji wa mbere yemeza ko ababishoboye barekuriwe kwinjiza igitoro mu gihugu. Nestor Ntahontuye asigura ariko ...
11/06/2026

Umushikiranganji wa mbere yemeza ko ababishoboye barekuriwe kwinjiza igitoro mu gihugu. Nestor Ntahontuye asigura ariko ko ikibazo ari uko baca basaba ko kiduzwa igiciro, ivyo abona ko vyotuma ubuzima buguma buzimba. Agira ati : "Baca bakubwira bati none turaza tukigurishe ku bihumbi 4, ahandi hakurya kigurwa hafi ibihumbi indwi, umunani ?"

Umushikiranganji wa mbere Ntahontuye yashimangiye rero ko hamwe vyokwugurirwa bose vyoca bisaba ko kiduzwa nk’uko ahandi bimeze. Atomora ko coca kija ku bihumbi 6 canke 7 ugereranije no mu karere uko kigurwa. Asanga rero bisaba kubanza kwitonderwa. Hagati aho, ngo baravye ibibazo biri kw’isi babandanya basaba y’uko abantu ko boza baragura imiduga ikoreshwa n’umuyagankuba.

Nestor Ntahontuye yavuze ko uno mwaka hoho bipfuza y’uko harimwo n’ubwoko bw’imodokari batosubira kwemera y’uko zinjira atari izikoreshwa n’umuyagankuba kugira koko ikoreshwa ry’igitoro ribe rike. Ku kibazo c’uko Uburundi busanzwe bufise ingorane z’umuyagankuba, yishuye ko umuyagankuba wo gukoresha ku modokari atari umuyagankuba mwinshi. Hari mu kiganiro c’abagize urwego nshingwabikorwa rwa reta, kuri uyu 11 Ruheshi 2026 i Gitega.

Inyuma yamakuru twabahaye yo Mpimba abasuma babicanyi bahafungiwe bihaye ububafasha bwo gutubika abanyororo bagenzi babo...
08/06/2026

Inyuma yamakuru twabahaye yo Mpimba abasuma babicanyi bahafungiwe bihaye ububafasha bwo gutubika abanyororo bagenzi babo babikoranye nubuyobozi bw’ibohero, umwicanyi yitwa Uwizeye Tony yitazira Dume yasubiye gusohoka ibohero ibohero ubutakigaruka bikozwe n’ubuyobozi, abari i Bujumbura mwicunge uyo Dume n’umwicanyi iyo asohowe ibohero abagiye gukora ibara kwica no kwiba.

Imbere yuko asohorwa ibohero yabanje kugurisha ibintu vyiwe igitanda na matelas ivyo rero vyerekanako ari integuro yabanje kuba.

tubemereye kubandanya amatohoza yerekeye uwo mwicanyi karuhariwe, abamusohoye nivyo bamutumye gukora.



.

Umuhabara wa Tiger mu mpimba yitwa Uwimana Ange ariko ubu nawe kuri Facebook yiwe yiyita Ange Tiger Uwimana. 👇👇👇👇👇
06/06/2026

Umuhabara wa Tiger mu mpimba yitwa Uwimana Ange ariko ubu nawe kuri Facebook yiwe yiyita Ange Tiger Uwimana. 👇👇👇👇👇

Address

Bujumbura
Bujumbura
BUJUMBURA

Telephone

+25775450283

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Zingatia TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Zingatia TV:

Shortcuts

Share

Category