12/11/2025
Inama Nshikiranganji yakoranye kuri uwu wa gatatu, igenekerezo rya 12 Munyonyo 2025, ku kirimba citiriwe Ntare Rushatsi, irongowe n'Umukuru w'igihugu, Evariste Ndayishimiye.
🏷 Ingingo 7 ni zo ziri ku rutonde rw'ivyigwa. Muri izo harimwo integuro y'itegeko risubiramwo itegeko inomero 1/08 ryo kuwa 23 Ndamukiza 2012 ritunganya igisata c'imbuto mu ;
💧 Integuro y'itegeko ritunganya ibisata bijejwe amazi meza n'isukura;
⚖️ Integuro y'itegeko rishiraho ibikorwa, intunganyo n'ingene Sentare ijejwe kwubahiriza amatungo ya Reta ikora; integuro y'itegeko ryerekeye gutera umukono ku masezerano yo gufashanya hagati ya Reta y'Uburundi n'Ingoma ya mu bijanye n'amasoko ntanganguvu,
💷 Integuro y'itegeko ry'Umukuru w'igihugu rihindura itegeko ry'Umukuru w'igihugu inomero 100/044 ryo kuwa 16 Ntwarante 2020 rishiraho rikongera rigatunganya ibikorwa vy'urwego rw'igihugu rujejwe igendereza ry'amafaranga;
🏭 Kurabira hamwe ibijanye n'inyubakwa za Reta hamwe n'utuntu n'utundi.
🇧🇮 Barundi barundikazi ncuti z'Uburundi, dukomeze gufatana munda twitege Impinduka ibereye mu gihugu cacu ciza c'Uburundi.
SRC : RTNB