
01/12/2024
: Igitabu, isoko ry'ubumenyi buzodushikana ku mbonakazoza ya 2040-2060
Ku civugo kigira kiti :«Igitabu, soko ry'ubumenyi rizodushikana ku mbono y'igihugu muri 2040-2060, ikico Ndangakaranga CEBULAC caratunganije kuri uyu wa 30 Munyonyo, igice ca kabiri gishira icanyuma c'ihiganwa ry'umuziki hacurarangishijwe ibicurarangisho kavukire. Intumbero y'iryo higanwa nk'uko vyashinirijwe na Anatole Iradukunda yari yaserukiye Ubushikiranganji bw'inkino n'imico k**a akaba ari ugukaburira abarundi gusoma cane ibatabu ,vyo vyuzuyemwo ubumenyi mu bisata vyose igihugu cashize imbere muri ya mbonakazoza ya 2040-2060.
Ivyo ngo bikaba bicishwa mu muziki uvuzwa hakoreshwejwe ibicurarangisho kavukire kugira hatsimbatazwe akaranga kuko urwaruka rusigaye ruhurumbirau umuziki n'ibicurarangisho mvyamakungu.
Sylvestre Sindayihebura , arongoye ikico Ndangakaranga CEBULAC, akaba atera akamo abarundi bo mu mice itandukanye cane cane abegereye ibigo Ndangakaranga CLAC biri mu makomine atandukanye kubigendera kenshi, ariko kandi batibagiye ni gukoresha imbuga ngurukanabumenyi kuko n'aho nyene ibitabu vyo gusoma bashobora kubisangaho.
Iryo higanwa ryatunganijwe ku ncuro ya 4, ryabereye k'umugwa mukuru wa politike i Gitega. Ryitabiriwe n'imigwi 44 kuri 48 yari itegekanijwe. Imigwi 20 ikaba ariyo yaronse amahirwe yo kuzobandanya mu gice ca nyuma c'iryo higanwa ngarukamwaka.