Burunga

Burunga Burunga, the News that reflect the truth. contact: +25768020708

 : Igitabu, isoko ry'ubumenyi buzodushikana ku mbonakazoza ya 2040-2060Ku civugo kigira kiti :«Igitabu, soko ry'ubumenyi...
01/12/2024

: Igitabu, isoko ry'ubumenyi buzodushikana ku mbonakazoza ya 2040-2060

Ku civugo kigira kiti :«Igitabu, soko ry'ubumenyi rizodushikana ku mbono y'igihugu muri 2040-2060, ikico Ndangakaranga CEBULAC caratunganije kuri uyu wa 30 Munyonyo, igice ca kabiri gishira icanyuma c'ihiganwa ry'umuziki hacurarangishijwe ibicurarangisho kavukire. Intumbero y'iryo higanwa nk'uko vyashinirijwe na Anatole Iradukunda yari yaserukiye Ubushikiranganji bw'inkino n'imico k**a akaba ari ugukaburira abarundi gusoma cane ibatabu ,vyo vyuzuyemwo ubumenyi mu bisata vyose igihugu cashize imbere muri ya mbonakazoza ya 2040-2060.

Ivyo ngo bikaba bicishwa mu muziki uvuzwa hakoreshwejwe ibicurarangisho kavukire kugira hatsimbatazwe akaranga kuko urwaruka rusigaye ruhurumbirau umuziki n'ibicurarangisho mvyamakungu.

Sylvestre Sindayihebura , arongoye ikico Ndangakaranga CEBULAC, akaba atera akamo abarundi bo mu mice itandukanye cane cane abegereye ibigo Ndangakaranga CLAC biri mu makomine atandukanye kubigendera kenshi, ariko kandi batibagiye ni gukoresha imbuga ngurukanabumenyi kuko n'aho nyene ibitabu vyo gusoma bashobora kubisangaho.

Iryo higanwa ryatunganijwe ku ncuro ya 4, ryabereye k'umugwa mukuru wa politike i Gitega. Ryitabiriwe n'imigwi 44 kuri 48 yari itegekanijwe. Imigwi 20 ikaba ariyo yaronse amahirwe yo kuzobandanya mu gice ca nyuma c'iryo higanwa ngarukamwaka.

Mugihe mur'ino misi amabi afatiye kugitsina abangamira abana aca k'ubuhinga bwa none ngurukanabumenyi, Ishirahamwe   rya...
01/12/2024

Mugihe mur'ino misi amabi afatiye kugitsina abangamira abana aca k'ubuhinga bwa none ngurukanabumenyi, Ishirahamwe ryahisemwo kubaha inyigosho kugirango baronke ubumenyi bwo kwirinda ayo mabi aca kumbuga ngurukanabumenyi.
Ni mugihe abana benshi bakoresha ubwo buhinga nka Facebook, WhatsApp n'izindi bakiri bato, bigatuma batanga amakuru atariyo nk'abmafoto atey'isoni atuma bakorerwa ayo mabi.

Igiraneza Chris Clement arongoye iryo shirahamwe avuga ko ubuhinga bushasha iyo buje bwama butera ibibazo. Kubwiwe imbuga ubwazo simbi, kuko iyo zikoreshejwe neza zituma urwaruka ruterimbere, arico gituma bashimye kubigisha ingene bozikoresha neza zitabangamiye ubuzima bwabo.

Igeraneza yongeyeko ko izi nyigisho arizo guhimiriza abantu bose kugirango umwe wese agire uruhara muk***anya aya mabi afatiye kugitsina.

Abigeme 15 bakurikiranye izi nyigisho zo gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mukwirinda amabi afatiye kugitsina bararonkejwe niri shirahamwe impapuro zerekana ko bakurikiranye inyigosho.
Ni muri ca kiringo c'imisi 16 yahariwe k***anya amabi afatiye kugitsina.

 : Uburundi bwoba buzoba bufise amahinguriro n'igisata c'ubudandaji bishobora guhiganwa n'ivyahandi mu mwaka w'2027Nk'uk...
29/11/2024

: Uburundi bwoba buzoba bufise amahinguriro n'igisata c'ubudandaji bishobora guhiganwa n'ivyahandi mu mwaka w'2027

Nk'uko tubisanga mw'itangazo ryerekeye inama nshikiranganji yakoranye kuwa 27 Munyonyo 2024, imbonakazoza y'ubwo bushikiranganji, ngo ni uko" mu mwaka wa 2027, Uburundi bwoba bufise amahinguriro n'igisata c'ubudandaji bishobora guhiganwa n'ivyahandi, ugutwara abantu n'ibintu bitunganije neza, imyuga iha agaciro ivyo igihugu gitunze, igisata c'ingenzi gihurumbirwa hamwe no guhingura ibifungurwa bizimbukira Abarundi".

Iyo migambi iri mu gitabu ntunganyamigambi yo mubushikiranganji bw'ubudandaji gutwara abantu, amahinguriro n'ingenzi kiriko kiratunganywa, nk'uko vyashikirijwe mur'iyo nama. Ngo cisunze ibindi bitabu fatiro vy'igihugu, nk'imbonakazoza y'igihugu cifashe mu mwaka wa 2040 kandi giteye imbere mu mwaka wa 20260 hamwe n'umugambi w'igihugu w'iterambere wasubiwemwo.

Inama nshikiranganji imaze guca hirya n'ino ico gitabu, ngo yasanze hari ibikwiye kongerwamwo ica iragisubiza inyuma. Kikazogarukanwa mu nama nshikiranganji cahinyanyuwe neza.

Abacamanza ntibubahirije ingingo y'umukuru w'igihugu irekura abanyororo 5442.........................................Ish...
27/11/2024

Abacamanza ntibubahirije ingingo y'umukuru w'igihugu irekura abanyororo 5442.........................................
Ishirahamwe ALUCHOTO rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, rivuga ko mugihe hasigaye amasaha makeya ngo ikiringo umukuru w'igihugu yatanze kugirango abanyororo 5442 bazobe barekuwe, Vianney Ndayisaba umuhuzabikorwa w'iryo shirahamwe, yavuze ko hamaze kurek***a 1578 gusa, naho mubiro vy'umukuri w'igihugu bo batavyemera.

Uyu aharanira agateka ka muntu yamenyesheje mukiganiro yatanze ko mw'ibohero rya mpimba honyene hamaze kurek***a 652 hategerezwa kurek***a 2800;
I Ngozi harekuwe 287 hari kurek***a 400;
I Muyinga harekuwe 123 hategerezwa kurek***a 340;
I Bubanza harekuwe 28 hategerezwa kurek***a 150;
Rumonge (Murembwe) hatashe 387 hategerezwa gutaha 472.
Ariko mubiro vy'umukuri w'igihugu bo bavuga ko hamaze kurek***a 4000 kandi bishimiye ingene ico gikorwa kiriko kiragenda.

Vianney Ndayisaba we asanga bamwe mubari muri ivyo biro vy'umukuri w'igihugu bakorana n'abo mubutungane mukwanka kurekura abagiriwe ikigongwe n'umukuru w'igihugu, aho mbere avuga ko hari ama dosiye yagaragaye igihe bariko basoma abataha ariko utumenyetso bagaca bayasimba, ayandi bakavuga ko yabuze ngo yatakaye.
Akibaza ingene umuntu ashobora kugirirwa ikigongwe atagira Dosiye.
Asaba rero ko mu bungane boza barubahiriza ingingo zafashwe n'umukuru w'igihugu.

"Ati niwe yabashizeho, kandi ari hejuri yabo, nibamufashe nk'uko yabizeye, ataruko naho, n'abakure kuko ntibariko baramufasha, ahubwo bariko baramugwanya".

 : Abacamanza 3 baragirizwa kweza umwigisha yashurashuje umunyeshure w'imyaka 10, nk'uko vyemejwe na Muganga yamupimye.....
26/11/2024

: Abacamanza 3 baragirizwa kweza umwigisha yashurashuje umunyeshure w'imyaka 10, nk'uko vyemejwe na Muganga yamupimye....................................................................
Ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ALUCHOTO, ririyamiriza iyezwa ry'umugabo w'umwigisha azwi kwizina rya Kwizera Abraham inyuma yaho apfungiwe yagirizwa gushurashuza umwana w'umwigeme afise imyaka 10, yiga mumwaka wa 4 w'ishure shingiro.

Ordonance medicale y'umuganga azwi kw'izina rya Twizeramahoro yamupimye,(expertise médicale) yerekana ko uyu mwana yatakaje ubusugi kandi yasanze afise ibikomere mugihimba ciwe cirondoka.

Ishirahamwe ALUCHOTO rikagiriza abacamanza 3 bari bashashe murubanza rw'ico caha RP24593, RMP55933/NG, muri sentare nkuru ya Gitega aribo NTAKIRUTIMANA Eric yari umukuru w'intahe, BARARUGIRIRA Elie, NTIRUVAKURE Yolande hamwe n'umwanditse NIBITANGA Josué kuba aribo bar'inyuma yiryo rek***a rya Kwizera Abraham, bagatako bakamwambika izera.

Mw'ikete umuhuzabikorwa wa ALUCHOTO k'urwego rw'igihugu yandikiye umushikiranganji w'ubutungane Domine Banyankimbona n'umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika y'uburundi, Vianney Ndayisaba asaba ko ubutungane bwokora, bugahana uyu mugabo kuko ngo ntaho vyakabonetse aho uwukoreye ivyamfurambi umwana yambikwa izera.

Ndayisaba agirako asaba umubonano, kugirango asigure neza ivyo vyabaye azanye ivyemezo arivyo umwana yakorewe iryo bara n'abavyeyi biwe.

 : Ngo har'ugukwega amaguru mw'ishirwa mungiro ry'itegeko ry'umukuru w'igihugu ritezurira abanyororoInyuma yaho umukuru ...
26/11/2024

: Ngo har'ugukwega amaguru mw'ishirwa mungiro ry'itegeko ry'umukuru w'igihugu ritezurira abanyororo

Inyuma yaho umukuru w'igihugu c'Uburundi afatiye ingingo yo kurekura abanyororo 5442, bapfungiwe mu mabohero makuru 11 hamwe n'ibigo 2 vy'igororero ry'abana, mw'ishirahamwe riharanira agateka k'abanyororo n'imiryango yabo "NTABARIZA" ngo bababazwa no kubona hakiriho aberwa n'iyo ngingo gushika ubu bagipfunzwe. Agasaba no kurekura abanyororo bapfunzwe amezi 6 batararengukishwa imbere y'ubutungane. Jean Marie Nshimirimana arirongoye yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur'uyu wa 26 Munyonyo 2024.

Biri uko mu gihe mu kiringo c'indwi 2, umukuru w'igihugu yatanze hasigayemwo iminsi 2 gusa, akagira ati" Igitigiri c'ibihumbi bitanu n'amajana cavuzwe turi n'amakenga ko tuzohava dusanga benshi batanzwe bari mubari baratashe tugasanga vyukuri mu mabohero rya saganirizo twipfuza tugasanga ntaririyo". Uwo muyobozi akavuga ko bafise uturorero ko hari abari muri uwo murwi bigagaragara neza ko bitoza utunyoni kugirango bagumize abo bantu mu munyororo. Atanga akarorero k'ibohero rya Ngozi hategerezwa kuba harasohotse abanyororo 400 arenga mugabo hakaba hamaze kurek***a abantu 287, mw'ibohero rya Muyinga hategerezwa kurek***a 340 ariko ngo hamaze kurek***a 123. Nayo mu kigo c'abakenyezi c'i Ngozi hamaze kurek***a 8 gusa.

Agatera akamo abari mur'ico gikorwa co kurekura abo banyororo, gukora umwimbu wari wanejereje abarundi n'isi uboneke, abo bantu basubire mu miryango yabo mbere basubire bidegemvye baje gukora nabo ibikorwa vy'iterambere nk'uko umukuru w'igihugu yabibahanuye.

Jean Marie Nshimirimana agashima ko ari iryambere mu mateka y'Uburundi, itegeko ritezurira abanyororo rishikiriye n'abagiriwe n'umunyororo w'agatsindikiro kubera babuze indishi bariha. Ariko akanegura abamaze kurek***a bamaze iminsi 2 canke 3 bamaze k***a muyandi makosa kandi bama baronse impanuro z'uko bokwigenza, mbere n'umukuru w'igihugu yari yabahanuye.

 : Abarwanyi 60 ba   ya Nzabampema barishikanye, bashaka gutaha........................................................A...
24/11/2024

: Abarwanyi 60 ba ya Nzabampema barishikanye, bashaka gutaha........................................................

Abarwanyi b'umutwe wa FNL urongowe na Nzanampema bagera kuri 60 basavye umurwi ujejwe gusubiza mubuzima busanzwe abarwanyi bahoze k'urugamba muri Congo P-DDRCS ko bipfuza gutaha mu Burundi.

Itangazo ry'uwo mugwi washize ahabona kuwa gatanu igenekerezo rya 22 uku kwezi nyenye, wamenyesheje ko aba barwanyi basavye gutahukanwa, ariko bagasaba ko umutekano wabo wokingirwa ndetse bagafatwa mumugongo mubijanye no kurya, kwivuza n'ibindi vya nkenerwa umuntu akenera.

Amakuru atangwa n'ikinyamakuru Dworaczek-bendow avuga ko kuva kw'igenerezo rya 10 gushika kurya 12 Kigarama hazoba hakoraniye inama yiga itahukanwa ry'aba barwanyi.

Iyi nama ikaba yateguwe n'iri shirahamwe mpuzamakungu riraba abimukira OIM.
Aya makuru nyene amenyesha ko iri shirahamwe nyene ryemeye kuzofasha muri kino gikorwa ariko rigasaba ko hobanza kwerekanwa ingene uyu mugambi uzogenda.

Bose uko ari 60 bakaba begeranirijwe hamwe ngaho hakurya i Buvira mukurindira ikizova mur'iyi nama.

 / : Abarundi badafise "Laissez- passer"ntibarekuriwe kurenga ibirometero 10 binjira muri TanzaniyaUbu umurundi yinjiye ...
22/11/2024

/ : Abarundi badafise "Laissez- passer"ntibarekuriwe kurenga ibirometero 10 binjira muri Tanzaniya

Ubu umurundi yinjiye mu gihugu ca Tanzaniya, akoresheje urupapuro rw'inzira" Ujirani Mwema" ntarekuriwe kurenga ibirometero 10, avuye k'urubibe rwa Gahumo, ruri muri komine Mishiha mu ntara ya Cankuzo. Ivyo biri uko mu gihe iyo ngingo yafashwe k'uruhande rwa Tanzaniya ariko abatanzaniya bo badafise Laisser passer binjira mu Burundi ukuri kwamye.

Guy Majambere ajejwe uruza n'uruza kuri urwo rubibe aremeza iyo ngingo iheruka gufatwa n'igihugu ca Tanzaniya. N'ubwo biri uko, yemeza k'imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri yifashe neza. Ariko agamagarira ababijejwe gutorera inyishu ico kibazo kugirango abarundi bafise urupapuro rwa Ujirani Mwema basubire kwinjira mur'ico gihugu atankomanzi.

Kukijanye n'abarundi bahagarikwa rimwe na rimwe muri Tanzaniya, asigurako ari abadafise uruhusha rwa Laisser passer canke karangamuntu.

Guy Majambere akamenyesha k'abarundi n'abatanzaniya bahurira k'ururwo rubibe bajanywe n'ibintu bitandukanye nk'urudandaza, ukuramukanya, ukwivuza, n'ibindi. Ariko akamenyesha ko bivanye n'uko ibarabara rihuza iyo ntara n'igihugu ca Tanzaniya rimeze nabi, kur'urwo rubibe hacishwa ibidandazwa vyikorerwa k'umutwe hamwe n'ivyunguruzwa n'ivyuma bitobito gusa.

Inkomoko: RTNB

 : Umusore w'imyaka 21 yaraye ahanishijwe umunyororo w'imyaka 2 kubera yatutse umukuru w'igihugu...........................
20/11/2024

: Umusore w'imyaka 21 yaraye ahanishijwe umunyororo w'imyaka 2 kubera yatutse umukuru w'igihugu.....................................................................
Umusore w'imyaka 21 azwi kw'izina rya Nabugondi Emmanuel aherutse gutuka umukuru w'igihugu yahanishijwe umunyororo w'imyaka 2 n'amezi 8. Uyu musore yatutse Yoweli Kaguta Museveni akoresheje urubuga rwa Tik Tok ndetse agashirako video imwerekana ariko atuka yongera yifatira mugahanga umukuru w'igihugu, icaha nawe ubwiwe yiyemereye imbere ya sentare ya Enthebe Muri Uganda.

Ni inyuma yaho mu mwaka wa 2022 leta ya Uganda isohoreye itegeko ryiyamiriza abakwiragiza invugo z'urwanko, gukoresha nabi imbuga hwaniro no guhimiriza abandi kugirira nabi umukuru w'igihugu.

Ico gihe, imiryango iharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu yariyamirije iri tegeko, ivuga ko rihonyanga agateka no kwisanzura kw'abanya Uganda mugushikiriza ivyiyunviro vyabo, ariko leta yoyo yabandanije gukurikirana no guhana abo bose bahonyanga iryo tegeko.

N'aho Nabugondi afise uburenganzira bwo kwunguruza urubanza mukiringo kitarenga iminsi 14, umucamanza Amabillis Stella yaburanishije urwo rubanza avuga ko igihano yahawe ari nk'akanywafinywafi gakwiye kubera n'abandi inkebuzo bikabereka ko gutukana witwaje ivyo kumenyesha amakuru ari icaha gihanwa n'amategeko.

Uwaramaze guhanishwa igihano kinini kubera gutuka umukuru w'igihugu ca Uganda ni Awabwa Eduard yahanishijwe gufungwa imyaka itandatu.

 : Ideni ry'imiriyoni 500 z'amadorari, n'inyishu imwe ya hafi Reta yokoresha ngo ihangane n'iduga rikabije ry'ibiciroHam...
19/11/2024

: Ideni ry'imiriyoni 500 z'amadorari, n'inyishu imwe ya hafi Reta yokoresha ngo ihangane n'iduga rikabije ry'ibiciro

Hamwe Reta y'Uburundi yosaba ideni ry'imiriyoni 500 z'amadorari y'Abanyamerika, vyoyifasha guhangana n'umurindi ukabije w'iduga ry'ibiciro ku masoko, mu kiringo kigufi irindiriye gutora inyishu zirama. Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe ryishinze k***anya igiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya Reta OLUCOME yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur'uyu wa 19 Munyonyo 2024.

Ico gitigiri, ngo bagifatiyeko bisunze uburemere bw'ivyo igihugu gisumira hanze y'igihugu hamwe n'ibiri mugihugu. Ayo mahera abonetse, ubwa mbere igihugu coronka mububiko igitoro comara amazi 3. Ubwa kabiri ngo muri ico kiringo hoboneka ububiko bw'ibindi vyankenerwa bigizwe n'ifumbire, imiti n'ibindi igihugu gisanzwe kirangurira hanze. N'ubwo biri uko, ivyo kugira ngo bikunde n'uko abantu bafise umwina wo kwigungirako vyose bobanza bakinjura kandi bigakorwa n'abantu atanyungu babifisemwo. Ikindi ngo n'uko abantu baronka amafaranga mvamakungu botangazwa bakamenyekana kugira abanyagihugu babakurikirane.

Yemeza k'iduga rikabije ry'ibiciro ririko riva ku bintu bikuru 2 bigizwe n'ikibazo c'uko atamwimbu ushemeye uhari hamwe n'ubukene bw'amafaranga mvamakungu. Ni mugihe ngo mu bindi bihugu iyo umwimbu ubaye muke Reta ica yongereza ivyo ikura hanze.

N'amasezerano ari hagati ya Reta n'ikigega mpuzamakungu FMI agiye mungiro yofasha guhangana n'ivyo bibazo. Ni mugihe ngo inyuma yaho ubumwe bwa Bulaya bukuriye ibihano vy'ubutunzi bwari bwafatiye Uburundi mu mwaka w'2025 vyari vyagiraniye amasezeranye y'amezi 38. Ayo masezerano akaba yategekanya ko buri mezi 6 FMI isohora icegeranyo giherekejwe n'iniriyoni 60 z'amadorari. Gushika ubu ikaba imaze kuyasohora ku ncuro imwe gusa kandi ko hashobora kuba hari ivyegeranyo 2 canke 3 Reta y'Uburundi itaremeza.

Kubwa Gabriel Rufyiri, ukutubahiriza ayo maserezano aherekejwe n'impinduka muvy'ubutunzi, itunganywa ry'amafaranga Reta ikoresha, n'ibindi bitubahirijwe ngo niyo ntandaro y'ukudasohora ayo mafaranga kandi adasohotse n'abandi bafashanya n'Uburundi mw'iterambere ngo baca bahagarika gusohora amahera.

 : Ishirahamwe   ririyamiriza akarenganyo kariko gakorerwa bamwe mubaherutse guhabwa ikigongwe n'umukuru w'igihugu.........
18/11/2024

: Ishirahamwe ririyamiriza akarenganyo kariko gakorerwa bamwe mubaherutse guhabwa ikigongwe n'umukuru w'igihugu..............................................................
Vianney Ndayisaba umuhuzabikorwa mw'ishirahamwe ALUCHOTO muvyo rikora harimwo k***anira ihohoterwa rya kiremwa muntu, ariyamiriza ihonyangwa ry'itegeko rirekura abanyororo bagiriwe ikigongwe n'umukuru w'igihugu mundwi iheze, ririko rikorwa n'abo mubushikiranganji bw'ubutungane.

Atanga akarorero ko k'umusi wa gatandatu uheze aho ngo habaye ak**aramaza mw'ibohero rikuru rya mpimba aho uwo mugirwa wakozwe n'abo mubiro vy'umukuru w'igihugu barikumwe n'indongozi zo mubutungane.

Hasomwe abategerezwa kurek***a bagera kw' 136, ariko haca hataha 57 gusa.
Abandi 79 bashikiwe, bamwe mundongozi zo mubutungane basiguye ko Dosiye zabo bazibuze.
Muri ALUCOTHO bakabona ko ari ihohoterwa aba bantu bagiriwe.

↔️Vianney Ndayisaba yibaza igituma iyo umuntu arinze aja k'urutonde rw'abarek***a n'ingingo y'umukuru w'igihugu bigenda gute ngo Dosiye yiwe ibure? Aba bantu bagiye k'urutonde atama Dosiye bagira?

↔️ Izi ndongozi zo mubutungane nyene ziragirizwa ko kumusi w'Imana bankiye abandi 6 mubantu 145 bari bahejeje gusomwa n'abo mubiro vy'umukuru w'igihugu ngo batahe. Babagirije ko bananiwe kuvuga amazina ya Musitanteri na Nyumbakumi baho bavuka.

Mw'ishirahamwe ALUCOTHO bakavuga ko ico kitobera intambamyi ishirwa mungiro ry'ingingo y'umukuru w'igihugu kuko benshi bapfunzwe aba batware bataratorwa. Kutabamenya rero ngo s'amakosa yotuma baca baguma muburoko.

Kubamenya kandi ngo sico cotuma baca bezwa icaha kanatsinda ngo n'ababashize kurutonde rw'abataha ivyo ntavyo bababajije. Mur'ir'ishirahamwe ALUCHOTO bakavuga ko bafise amakenga ko banka kubarekura kugirango bace babasubiriza n'abandi babapfumbatishije nk'uko bama babikoze canke kuzindi mvo zitandukanye.

Basaba izi ndongozi mubutungane kubihagarika bakubahiriza ingingo y'umukuru w'igihugu yabagenye.

Basaba kandi CNIDH, abajejwe agateka ka muntu kubikurikiranira hafi kugirango umuntu wese ari kuri rurya rutonde, mundwi 2 azobe yatashe nk'uko umukuru w'igihugu yarivumeye.

 : Umwimbu w'ibiraya wariyongeye kubera urugomero rwubatswe kumfashanyo y'abanyamerika.....................................
17/11/2024

: Umwimbu w'ibiraya wariyongeye kubera urugomero rwubatswe kumfashanyo y'abanyamerika.................................................

Ishirahamwe ry'abanyamerika IFDC ryarahaye imfashanyo coperative CDLK yo muri komine Songa ingana n'imiriyoni 88 z'amarundi yakoreshejwe mukwubaka urugomero ruvomera imirima y'ibiraya rutanga amazi angana 1 700 m³.

Nk'uko vyashikirijwe na patiri Nzisabira Prosper, uru rugomero ngo rwagize akarusho kadasanzwe mukuvomera imirima kuko umwimbu w'imbuto z'ibiraya zirobanuye ngo wikuvye incuro kabiri aho wavuye kumatoni 100 uja kumatoni 200.

Uyu musi wa muyabaga yari yaserukiye igihugu hariya muri Afurika y'epfo mw'ihiganwa rya "Miss Teen Universe" ariwe Ishim...
14/11/2024

Uyu musi wa muyabaga yari yaserukiye igihugu hariya muri Afurika y'epfo mw'ihiganwa rya "Miss Teen Universe" ariwe Ishimwe Jelly Dilla Gaelle niho yatahuka.

Igihe yashika kukibuga c'indege ca Bujumbura Melchior Ndasaye Ishimwe yagaragaje umunezero afise kuba yatumye ibendera ry'igihugu rihungabana mumakungu kubera umwigeme w'imyaka itarenga 16 gusa:

"Ngarutse mugihugu c'amavukiro yanje nk'umwigeme w'umurundikazi yahagarariye igihugu ciwe".

Naho atatahukanye umudari, kubera umugambi wiwe wo kugwanira agateka k'abakenyezi bahohoterwa mungo utagiye imbere, Miss Ishimwe yavuze ko ku mutima wiwe umudari awufise kuko yatumye igihugu kimenyekana mubihugu 38 vyari vyitabiriye iri higanwa, Kanatsinda kuriwe ngo imigambi yooose iza irondera iterambere ry'ibihugu iba ari myiza.

Akarusho ku Burundi kavuye muri rino higanwa ngo nuko abarundi bokwitega ingenzi zizoza kuratira ijisho Uburundi zikwezwe na Miss Ishimwe Jelly Dilla Gaella.

Mwomenya ko uwatahukanye umudari(Couronne) w'ambere ari Trishna Ray aturuka mugihugu c'Ubuhindi.

Révérien Ndikuriyo, intumwa ya   muri   mu matora agamije guhindura ibwirizwa nshingiroNk'uko tubikesha ikinyamakuru Afr...
14/11/2024

Révérien Ndikuriyo, intumwa ya muri mu matora agamije guhindura ibwirizwa nshingiro

Nk'uko tubikesha ikinyamakuru Afrique Media, itorwa rya Réverien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD, ngo aje guserukira umuryango wa Afrika yo hagati CEEAC, mu matora agamije guhindura ibwirizwa shingiro ry'ico gihugu, ngo ryerekana umwitwaro w'akarere ka Afrika y'ubuseruko mu bijanye n'ugukorera k'umugararagaro. Ivyo rero ngo bikaba bifitiye kazoza keza igihugu ca Gabon mu bijanye na demokarasi. Ayo makuru akavuga kandi, k'urugendo rwa politike rwa Réverien Ndikuriyo rutuma afatwa nk'umuntu afise igihagararo muri Afrika y'ubuseruko.

Amatora yo guhindura ibwirizwa nshingiro ry'ico gihugu, ategekanijwe kw'igenekerezo rya 16 Munyonyo 2024, ngo n'intambwe ikomeye ijanye n'ugusubiza ubutegetsi abasivile, nk'uko vyavuye mu biganiro vyo mu kwezi kwa Ndamukiza 2024. Uyu munsi ukaba ugira 8 wo kwamamariza kuryemeza canke kurihakana.

N'ubwo biri uko, ibinyamakuru bitandukanye bimenyesha ko naho, Brice Oligui Ngema, arongoye ico gihugu vy'imfatakibanza kuva kuwa 4 Nyakanga 2023 yemeye kuzosubiza ubutegetsi mu myaka 2, ngo biraboneka ko yipfuza gutwara ico gihugu no mu mwaka w'2025. Ikindi kivugwa n'uko hoba hatabaye umwanya ukwiye wo gusigura abanyaGabon, integuro y'iryo bwirizwa rimaze ikiringo c'ukwezi ryaratangajwe. Bimwe mubizohinyanyurwa mur'iryo bwirizwa ryo mu 1991, harimwo ugukuraho ikibanza c'umushikiranganji wambere.

Tubibutse ko Brice Oligui Ngema arongoye ico gihugu vy'imfatakibanza, inyuma yaho igisirikare gitangaje ko cahiritse ubutegetsi bwa Ali Bongo, yari yatangajwe ko yatsindiye ikiringo kigira 3. Akaba yahiritswe k'ubutegetsi kuwa 30 Myandagaro umwaka w'2023. Akaba yarabumazeko imyaka 55.

 : Abarundi bahamagarirwa kumenya ibiri mu gihugu cabo babirabe bongere babihe agaciroUmuyobozi mukuru ajejwe igisata c'...
13/11/2024

: Abarundi bahamagarirwa kumenya ibiri mu gihugu cabo babirabe bongere babihe agaciro

Umuyobozi mukuru ajejwe igisata c'ingenzi, Jacques Bigirimana ahamagarira abarundi gufata iyambere barate ivyiza vy'Uburundi kuko ngo ntivyoshoboka ko bohamagara abanyamahanga kugendera Uburundi mugihe nabo atabwo bazi. Yabishikirije kuri uyu wa 13 Munyonyo 2024, mu kiganiro abakorera mu gisata c'ingenzi batandukanye bahaye abamenyeshamakuru, mu ntumbero yo guhamagarira abarundi kwitabira
indwi yo kuva yahariwe ba mukerarugendo ku ncuro yambere. Iyo ndwi ikaba itegekanijwe kuva kw'igenekerezo rya 11 gushika kurya 14 Kigarama uno mwaka w'2024.

Uwo muyobozi akamenyesha mu gihe ico gisata kiri muvyashizwe imbere, iyo ndwi izofasha kuzana amafaranga y'agaciro, asanzwe ahanze igihugu. Akabona kandi k'iyo ndwi izotuma abarwizatunga bazana imitahe mur'ico gisata na rirya mu mwaka uza kizoba kirimwo abikorera ivyabo bashika ku bice 60 kw'ijana. Kubwa Bruce Niyonzima, arongoye ikigo cishinze guteza imbere igisata c'abamukerarugendo "Visit Burundi", iyo ndwi ni akaryo ko gushira imbere imigambi y'abakorera mur'ico gisata. Ikindi ngo n'uko ije gushira ahabona ivyiza igihugu cirata kuko ata munyamahanga azoza gutemberera Uburundi mu gihe hari abarundi babuvuga nabi.

Iyo ndwi yahariwe bamukerarugendo ikazorangwa n'ibikorwa bitandukanye harimwo no kugendera ibibanza vyiratiro biri mu ntara ya mwaro. Iyo ntara ikaba ngo yatowe kuko ifise ivyo kurata vyinshi haba mubijanye n'ubugenegene, akaranga, kahise k'Uburundi, ibinyobwa n'ibifungurwa k**a n'ibindi, nk'uko vyashikirijwe na Pérpetue, umwe mubanyakaranga.

 : Igihugu ntigishobora gutera imbere kidafise abarwizatungaChantal NTIMA, atwara ihwaniro ry'amashirahamwe aherekeza ab...
12/11/2024

: Igihugu ntigishobora gutera imbere kidafise abarwizatunga

Chantal NTIMA, atwara ihwaniro ry'amashirahamwe aherekeza abanyamitahe (BIESO) avuga k'abarwizatunga ari bo bashobora gutora ibibazo bihanze igihugu iyo bagiye hamwe. Ivyo yabishikirije ejo kw'igenekerezo rya 12 Gitugutu 2024 hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe abarwizatunga.

Pierre Claver Nduwumwami, umuyobozi nshingwabikorwa mw'ishirahamwe riraba ivy'ubuziranenge BBN yamenyesheje k'intumbero yayo kwari ukwibutsa iteka ry'umurwizatunga kuko ngo ari we atanga akazi, azana ibihingurwa n'ibirimwa, ati:"Dushaka ko umurwizatunga ashigikirwa mu vyo ariko arakora".

Kubw'uwo muyobozi abarwizatunga ndetse n'abandi bose babwirizwa kwitwararika gukingira ibidukikije mugihe bariko bakora ikintu icarico cose.

Yibukije k'Uuburundi bwasinye amasezerano y'isoko rusangi ZELECAF, bisigura ko butegerezwa kwitegura gushira mu ngiro ayo masezerano, mu guhingura ibintu bashora hanze.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umurwizatunga usanzwe uhimbazwa indwi ya kabiri y'ukwezi kwa Munyonyo, uyu mwaka ikaba yugururiwe mu Nyubakwa z'ikigo Donatus conférence center ,muri komine Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Ibirozi n'amashetani ntibitera ingwara zo mu mutwe ariko kwishiramwo ko bikurimwo nivyo bihahamuraUmuhinga muvy'inyifato...
09/11/2024

Ibirozi n'amashetani ntibitera ingwara zo mu mutwe ariko kwishiramwo ko bikurimwo nivyo bihahamura

Umuhinga muvy'inyifato mu kigo A.L.U.MA- Burundi, Séraphine Niyakire amenyesha k'ibirozi n'amashetani bidatera ingwara zo mu mutwe ahubwo ukwishiramwo kurimwo uburozi canke amashetani bihahamura. Aremeza k'ibirozi n'amashetani bibaho, ariko ko hari abagira ihungabana ry'amagara yo mu mutwe hakwitura abaganga bakirukira abapfumu canke ivyumba vy'amasengesho, ibituma amagara yabo asinzikara cane, bikanafata igihe kirere kugirango bamuherekeze m'urugendo rwo gukira.

Kubwa Ihorimbere Lydie Raïssa, umuganga avura abafise ibibazo vy'amagara yo mu mutwe mur'ico kigo, ingwara zo mu mutwe si ngendanwa. Ikindi amenyesha n'uko, kugira umuntu agire ingwara yo mu mutwe ataba yagize ikibazo kimwe. Ngo haba hari ibintu bihahamura bitandukanye vyakoraniye hamwe vyabiteye.

Abandanya amenyesha k'ibibazo vyo mu kibano harimwo n'ubukene, ari bimwe mu nkabuzo zituma umuntu agira ihungabana ry'amagara yo mu mutwe. Ibindi bishobora gutuma umuntu agira ibikomere nseserezamutima, ngo n'ibikomere bitewe n'intambara, ibitewe n'ihindagurika ry'ibihe hamwe n'ibivuye kw'ikumira rifatiye ku moko.

Ivyo babishikirije mu ruganda ico kigo cishinze k***anya ingwara ya Malariya kikongera kigaherekeza abafise ibibazo vy'amagara yo m'umutwe catunganirije abamenyeshamakuru,ejo hahise kuwa 8 Munyonyo 2024. Mwomenya ko ibice 30 kw'ijana vy'abacitura bafise ihahamuka.

CVR usaba kutagura canke kutagurisha amazu canke amatongo  vyanyazwe 1972..................................................
08/11/2024

CVR usaba kutagura canke kutagurisha amazu canke amatongo vyanyazwe 1972..............................................................
Umurwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi CVR wasavye wongera uhanura abarundi ko atawohirahira ngo agure canke agurishe amatongo canke amazu azi neza ko biri mumatato y'indyane z'umwaka w'1972.

Pierre Claver Ndayicariye atwara uyu murwi yavuze ko bagiye gutangura rusasuma y'abantu bagandaguwe n'ababuriwe irengero mu mabi igihugu caciyemwo muntara za Rutana, Makamba, Ruyigi, Karusi, Muyinga na Kirundo kuva ku ntwaro z'abakoroni gushika mu 2008, ikazotangura kw'igenekerezo rya 11 Munyonyo 2024, imare indwi zibiri.
Iyi rusasuma mu gukorwa ikazoba igamije kwita izina abagandaguwe, ico bakora, aho biciwe n'umwaka bagandagurwa, ikadoma urutoki kubishe n'abicishije abandi, abubahutse gusaba ikigongwe n'abagitanze.

Mwomenya ko iyo rusasuma ije ikurikira iyabaye mu mwaka w'2023 ikaba yabereye mu ntara za :Cankuzo,Bururi na Rumonge.

Kubwa Ndayicariye ngo iki gikorwa gifasha kumenya igitigoro c'abagandaguwe, abagiye mazimayongo. Ngo n'igikorwa inzego n'imiryango yabuze bakeneye kuko gitsindagira ukuri umurwi CVR umaze gushira ahabona.
N'igikorwa kandi kizoruhura imiryango yabuze, gifasha kwinjira mu rugendo rwo kugandara no kuganduka, gusaba canke gutanga ikigongwe, kikagabanya impari ku bitigiri vy'abagandaguwe.

Address

Avenue Patriçe Rumumba
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Burunga posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Burunga:

Share


Other Media/News Companies in Bujumbura

Show All