Umwungere News

Umwungere News Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Umwungere News, Media, Rohero I, Bujumbura.

Nous sommes une agence médiatique chrétienne dédiée à la proclamation, l'explication, et l'application de la Parole de Dieu de manière engageante et fidèle à travers des contenus variés et interactifs.

📓 Murakeneye kumenya ubuzima bwa  ? Murakeneye kumenya uko yakijijwe, uko yahisemwo uwo bubakanye, n'ibindi vyinshi vyar...
08/08/2025

📓 Murakeneye kumenya ubuzima bwa ?

Murakeneye kumenya uko yakijijwe, uko yahisemwo uwo bubakanye, n'ibindi vyinshi vyaranze ubuzima bwiwe!!!

🏃‍♂️ Nyaragase mugire s'abonner canke Subscribe kuri You Tube Chanel ya TV kugira ikiganiro yagiranye n'umwungere News kivuga ubuzima bwiwe ntikigucike.

Ushobora kubikora uciye kuri ino link : https://youtube.com/?si=__OcBjD0jRcEJZHL

Global Leadership Summit 2025 Burundi
07/08/2025

Global Leadership Summit 2025 Burundi

Yesu arashobora kubohora abantu atitaye Ku bibazo n’imitwaro bafise . Inkuru yose tuyisanga aha musi kuri iyo link
06/08/2025

Yesu arashobora kubohora abantu atitaye Ku bibazo n’imitwaro bafise . Inkuru yose tuyisanga aha musi kuri iyo link

Mugihe kuri uyu Gatatu igenekerezo rya 6/8/2025, hatanguye igikorane c’ubutumwa bwiza catunganijwe na Destiny Encounters_International arico Burundi Miracle Crusade kiriko kibera muri Zone ya Kinama Commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, Umuvugabutumwa Charlie Shamp yamuka mugihugu ca Leta nz...

Gukingira  ni itegeko ry'
04/08/2025

Gukingira ni itegeko ry'

Abarongoye amashengero n’amadini bategerezwa guhimiriza abo barongoye mukugira uruhara rudasanzwe mu guhangana n’ihindagurika ry’ibihe no gukingira ibindukikije Ivyo vyavugiwe na Musenyeri Aimé Joseph Kimararungu aserukira urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe SADC mu nama yo kuri uyu wa 31 ...

31/07/2025

Opinion: How collective prayer strengthens our Baptist communities and draws us closer to God’s purpose for our lives

Abarongozi b’amashengero n’amadini bafise uruhara runini kuvyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza
31/07/2025

Abarongozi b’amashengero n’amadini bafise uruhara runini kuvyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza

Ku magenekerezo ya 29 na 30 Mukakaro 2025,Ubushikirangaji muvyo bujejwe harimwo amagara y’abantu bwaratunganije inyigisho zabereye mu Gisagara ca Bujumbura ku barongoye amadini n’amashengero atandukanye ya hano mu gihugu cacu biciye mu mugambi w’abwo w’irondoka rijanye n’amagara meza PNSR,...

Urwaruka rwahora munyigisho zatunganijwe n’ishengero Methodiste Libre mu Burundi  rwaraye ruguriye udukarata two kwivuri...
30/07/2025

Urwaruka rwahora munyigisho zatunganijwe n’ishengero Methodiste Libre mu Burundi rwaraye ruguriye udukarata two kwivurizako (Mutuelles) bantohonikora.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Mukakaro 2025 niho hasozerwa Igikorane c’ijambo ry’Imana ku rwaruka rw’ishengero Methodiste Libre mu Burundi hamwe no mu yandi mashengero cari kimaze imisi kiriko kibera mu Ntara ya Gitega ku civugo kigira giti : “IMANA IGOMBA KO MBA UMWIZIGIRWA” In...

Ishengero Methodiste Libre Paroisse Muberure riramutswa inyubakwa nshasha yatwaye hafi  Imiliyoni zirenga ijana.  Kuri u...
28/07/2025

Ishengero Methodiste Libre Paroisse Muberure riramutswa inyubakwa nshasha yatwaye hafi Imiliyoni zirenga ijana.

Kuri uyu w'Imana, igenekerezo rya 27 Mukakaro 2025, aho abakrisu b’Ishengero Methodiste Libre Paroisse Muberure bari baramutse binjira inyubakwa nsasha irimwo ibiro vy’iryo shengero, umuyobozi w’iyo Paroisse Révérend Hakizimana Salvator yashikirije ko kugira urusengero rwiza ivyo ntibihagije mu gihe urwo rusengero rudafise izindi nyubako nk’ ibiro,utuzu twa sugumwe duteye imbere n’ibindi.

Pasteur Salvator yarashimiye Imana yo,Ibicishije mu banyeshengero, yabafashije kwubaka iyo nyubako. Yanashimiye bamwe muba pasitori bagiye barongora iyo Paroisse kuva ikivuka.

Nayo Révérend NTAHONKIRIYE Martin; umurongozi wa Paroisse Ngagara, nk’umutumire, yashimiye abakrisu ba Parroise i Muberure kuko ngo gukorera Imana atari ivyubu, ahubwo bavyamanye. Yabateye intege ko bakwiye kubandanya bakora kuko mw'ijuru hariho impera kubakorera Imana.

Mwomenya ko iyo nzu nubwo yarangiye, bamenyesha ko ikibuze ibikoresho vyankenerwa nk’intebe , imashini nyabwonko (Ordinateur) hamwe n’iyosohora ivyanditswe (imprimante)

Pasteur Marcello Tunasi s'est remarié avec Esthere ce 23/7/2025 à Bruxelles en Beligique.
24/07/2025

Pasteur Marcello Tunasi s'est remarié avec Esthere ce 23/7/2025 à Bruxelles en Beligique.

Une année après la mort de son épouse, Pasteur Marcello Jérémie Tunasi s’est remarié avec la sœur Esthere Aisha ce 23 Juillet 2025 à Bruxelles en Belgique. Après la communication officielle du mariage de pasteur Marcello Jérémie Tunasi, beaucoup de chrétiens de différentes nations ont...

Woba waramenye ivyaranze igiteramo c'indirimbo za cantique gusa caberey3 kuri Hotel?
20/07/2025

Woba waramenye ivyaranze igiteramo c'indirimbo za cantique gusa caberey3 kuri Hotel?

Waramenye ivyaranze igiteramo c'indirimbo za cantique cabereye kuri Hôtel Source du Nil? Catunganijwe na Apotre Appolinaire na Fabrice

Amashengero afise uruhara runini mw’iterambere ry’Igihugu.  Ishengero Eglise du Rocher S.S.I  ryaray rifashe mu mugongo ...
19/07/2025

Amashengero afise uruhara runini mw’iterambere ry’Igihugu.

Ishengero Eglise du Rocher S.S.I ryaray rifashe mu mugongo abarwayi 6 bari barwariye mubitaro vyitiriwe umwami mukubarihira amafaranga bivujeko hamwe no kubaha imfungurwa.

Ico gikorwa kikaba cakozwe kuri uyu wa 18/7/ 2025, Aho biciye kuri Révérende Pasteur Denise Nkurunziza asanzwe arongoye iryo shengero Aho avuga ko ico gikorwa bagikoze kubera ko abo bantu batari bashoboye kwirihira amafaranga babavuyeko.
Hambavu yo kubarihira ayo mahera, barabahaye ibifungurwa bitandukanye arivyo:
♦️Ibiro 326 vy’umuceri
♦️Ibiro 200 vy’isukari
♦️Ibiro 21 ifu y’ubuyi
♦️Hamwe n’amakarato 440 y’amasabuni.

Umuyobozi w’Ibitaro Prince Regent Charles Dr Oscar NIMPAYE, akaba yarashimye kubwo ico gikorwa ciza, yongera agirako ahamagarira n’abandi bagiraneza kurabira kuri iryo Shengero Aho agira Ati : « Ibitaro vyacu vyama vyaronse abarwayi batagira uburyo. Ubu bufasha ni ngirakamaro cane».

Nayo uwusanzwe arongoye iryo shengero Révérende Pasteur Nkurunziza Denise avuga ko ico gikorwa kiri muvyo ishengero ry’Urutare ryiyemeje gukora bishingiye mugukunda bagenzacu. Akaba yaciye aboneraho n'akaryo ko kumenyesha igikorane gikomeye bariko barategura co kuvuga ubutumwa bwiza gitegekanijwe ku magenekerezo ya 31/7 gushika 03/8/2025, agahamagarira abanyagihugu kuzokwitabira ico gikorwa.

Mwomenya ko ico gikorwa ko cakozwe kugira ngo ukwizera kw’abana b’Imana kugaragarire mubikorwa biboneka na cane cane mugufasha abatishoboye.
Ico gikorwa kikaba catwaye amafaranga y’amarundi angana 11.017.720FBu.
Umwungere News
📸

Address

Rohero I
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Umwungere News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Umwungere News:

Share

Category