Radio CCIB FM+

Radio CCIB FM+ La Radio émettant depuis Bujumbura sur 99.4 Mhz.

C'est le 16 Juin 1995 que la radio CCIB FM+ a commencé ses premières émissions
La radio CCIB FM+ est la première radio éditoriale indépendante du pays à dominance Socio-économique

🛑🇧🇮   𝐀𝐛𝐚𝐭𝐞𝐠𝐞𝐭𝐬𝐢 𝐛'𝐢𝐛𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐛𝐚𝐤𝐰𝐢𝐲𝐞 𝐠𝐮𝐭𝐨𝐫𝐞𝐫𝐚 𝐢𝐧𝐲𝐢𝐬𝐡𝐮 𝐢𝐛𝐢𝐛𝐚𝐳𝐨 𝐛𝐢𝐛𝐚 𝐯𝐲𝐚𝐝𝐮𝐭𝐬𝐞 𝐚𝐛𝐚𝐧𝐲𝐚𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐞𝐤𝐚 𝐧'𝐚𝐛𝐢𝐦𝐮𝐤𝐢𝐫𝐚 𝐛𝐚𝐭𝐚𝐫𝐢𝐧𝐳𝐞 𝐠𝐮𝐤𝐨𝐫𝐞𝐫...
08/09/2026

🛑🇧🇮 𝐀𝐛𝐚𝐭𝐞𝐠𝐞𝐭𝐬𝐢 𝐛'𝐢𝐛𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐛𝐚𝐤𝐰𝐢𝐲𝐞 𝐠𝐮𝐭𝐨𝐫𝐞𝐫𝐚 𝐢𝐧𝐲𝐢𝐬𝐡𝐮 𝐢𝐛𝐢𝐛𝐚𝐳𝐨 𝐛𝐢𝐛𝐚 𝐯𝐲𝐚𝐝𝐮𝐭𝐬𝐞 𝐚𝐛𝐚𝐧𝐲𝐚𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐞𝐤𝐚 𝐧'𝐚𝐛𝐢𝐦𝐮𝐤𝐢𝐫𝐚 𝐛𝐚𝐭𝐚𝐫𝐢𝐧𝐳𝐞 𝐠𝐮𝐤𝐨𝐫𝐞𝐫𝐰𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐛𝐢.
‼️ Mugihe mugihugu ca Kenya havugwa ko Abarundi babayo bariko barakubagurwa, Edouard Bizimana Umushikiranganji ajejwe imigenderanire nogufashanya mw'iterambere avuga ko Abarundi bari muri Tanzaniya, Kenya, Ouganda, Sudani y'epfo eka n'ahandi bofatwa neza murivyo bihugu barimwo nabo bagahamagarirwa gukurikiza amategeko yo murivyo bihugu barimwo, nayo ngo mugihe habaye ikibazo abategetsi b'ivyo bihugu ngo botegerejwe kugitorera inyishu abenegihugu batarinda kumererwa nabi.

𝐔𝐦𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚𝐧𝐣𝐢 𝐄𝐝𝐨𝐮𝐚𝐫𝐝 𝐁𝐢𝐳𝐢𝐦𝐚𝐧𝐚 𝐚𝐯𝐮𝐠𝐚𝐤𝐨 𝐢𝐲𝐨 𝐚𝐭𝐚𝐫𝐢 𝐢𝐧𝐠𝐞𝐧𝐝𝐨 𝐲'𝐮𝐦𝐮𝐫𝐲𝐚𝐧𝐠𝐨 𝐰𝐚 𝐄𝐀𝐂, 𝐚𝐭𝐞𝐫𝐚 𝐚𝐤𝐚𝐦𝐨 𝐋𝐞𝐭𝐚 𝐲𝐚 𝐊𝐞𝐧𝐲𝐚 𝐠𝐮𝐤𝐢𝐧𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐀𝐛𝐚𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐞𝐤𝐚 𝐧'𝐚𝐛𝐚𝐧𝐝𝐢 𝐛𝐚𝐛𝐚 𝐦𝐮𝐫𝐢𝐜𝐨 𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐚𝐬𝐚𝐛𝐚 𝐤𝐚𝐧𝐝𝐢 𝐚𝐛𝐚𝐭𝐞𝐠𝐞𝐭𝐬𝐢 𝐛𝐨𝐦𝐮𝐫𝐢𝐜𝐨 𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐠𝐮𝐬𝐮𝐛𝐢𝐫𝐚 𝐠𝐮𝐭𝐚𝐧𝐠𝐚 𝐢𝐣𝐚𝐦𝐛𝐨 𝐫𝐲'𝐢𝐡𝐮𝐦𝐮𝐫𝐞 , 𝐧𝐚𝐲𝐨 𝐡𝐚𝐦𝐰𝐞 𝐦𝐮𝐠𝐢𝐡𝐞 𝐡𝐨𝐛𝐚 𝐡𝐚𝐫𝐢𝐡𝐨 𝐮𝐛𝐮𝐳𝐢 𝐚𝐛𝐚𝐧𝐲𝐚𝐦𝐚𝐡𝐚𝐧𝐠𝐚 𝐛𝐚𝐛𝐮𝐣𝐢𝐣𝐰𝐞, 𝐧𝐠𝐨 𝐛𝐨𝐛𝐮𝐳𝐰𝐚 𝐛𝐨𝐬𝐞 𝐧𝐭𝐢𝐡𝐚𝐛𝐮𝐳𝐰𝐞 𝐀𝐛𝐚𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐠𝐮𝐬𝐚, 𝐢𝐤𝐢𝐧𝐝𝐢 𝐧𝐠𝐨 𝐧𝐚𝐡𝐨 𝐛𝐨𝐛𝐮𝐛𝐚𝐛𝐮𝐳𝐚 𝐧𝐭𝐢𝐛𝐨𝐜𝐚 𝐛𝐚𝐡𝐨𝐡𝐨𝐭𝐞𝐫𝐰𝐚.
Edouard Bizimana yabishikirije munama yagiranye n'abaserukira ibihugu vyabo muri Africa y'Ubuseruko.

Uyu munsi igenekerezo rya 04 09 2026 mu kiganiro kuri Radio CCIB FM+ mu kiganiro   giha akaryo umuririmvyi ngo aronke ij...
07/09/2026

Uyu munsi igenekerezo rya 04 09 2026 mu kiganiro kuri Radio CCIB FM+ mu kiganiro giha akaryo umuririmvyi ngo aronke ijambo mu kumenyekanisha umwuga wiwe twakira abaririmvyi bazwi ku mazina ya hamwe na

Muhawe ikaze mwese ni kuva isaha cumi gushika isaha cumi na zibiri z'umuhingamo kuri Mhz 99.4.

🛑🇧🇮   : 𝐁𝐮𝐫𝐢 𝐮𝐰𝐚𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐮𝐫𝐚𝐧𝐠𝐢𝐳𝐚 𝐮𝐤𝐰𝐞𝐳𝐢 𝐤𝐰𝐚 𝐧𝐲𝐚𝐤𝐚𝐧𝐠𝐚, 𝐀𝐛𝐞𝐩𝐢𝐬𝐜𝐨𝐩𝐞 𝐛𝐚 𝐄𝐤𝐥𝐞𝐬𝐢𝐚 𝐤𝐚𝐭𝐨𝐫𝐢𝐤𝐚 𝐛'𝐢𝐁𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐛𝐚𝐫𝐚𝐡𝐢𝐦𝐛𝐚𝐳𝐚 𝐮𝐦𝐮𝐧𝐬𝐢 𝐰𝐚𝐡𝐚𝐫𝐢𝐰...
05/09/2026

🛑🇧🇮 : 𝐁𝐮𝐫𝐢 𝐮𝐰𝐚𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐮𝐫𝐚𝐧𝐠𝐢𝐳𝐚 𝐮𝐤𝐰𝐞𝐳𝐢 𝐤𝐰𝐚 𝐧𝐲𝐚𝐤𝐚𝐧𝐠𝐚, 𝐀𝐛𝐞𝐩𝐢𝐬𝐜𝐨𝐩𝐞 𝐛𝐚 𝐄𝐤𝐥𝐞𝐬𝐢𝐚 𝐤𝐚𝐭𝐨𝐫𝐢𝐤𝐚 𝐛'𝐢𝐁𝐮𝐫𝐮𝐧𝐝𝐢 𝐛𝐚𝐫𝐚𝐡𝐢𝐦𝐛𝐚𝐳𝐚 𝐮𝐦𝐮𝐧𝐬𝐢 𝐰𝐚𝐡𝐚𝐫𝐢𝐰𝐞 𝐠𝐮𝐤𝐢𝐧𝐠𝐢ra 𝐢𝐯𝐲𝐨 𝐈𝐦𝐚𝐧𝐚 𝐲𝐚𝐫𝐞𝐦𝐲𝐞.

📌Abbe Emile Ndayizigiye umunyamabanga nshingwabikorwa mumugwi w'Abepiscope ba Eklesia Katolika uharanira ubutungane n'amahoro yashikirije ko ari kwibutsa no kubwira abantu kugira bamenye insiguro yawo n'urugendo mubijanye no kubungabunga ibidukikije, hari mukiganiro n'abamenyeshamakuru kuruyu wa gatanu.
📌 Abbe Emile Ndayizigiye akavugako umwe wese yofata iyambere mukubungabunga ivyo Imana yaduhaye ufatiye kumpande zose zigize ubuzima bw'umuntu. Abandanya avugako isi igwaye Kandi ko ahanini igwaye kuberako abantu bayiteye indwara mukwiyumvira ko ari ikintu Imana yashizeho tugikoreshe ukwo dushaka, ko isi ni biyiriko yoduha ivyo dushaka vyose mumwanya muto tutabanje kuraba ingaruka mbi zavyo.
🤔 Abbé Emile Ndayiragije akibaza ico umuntu yokora nuko yobigenza?
Ubwa mbere ati : " Umuntu yotahura ko hariho ibintu vyahindutse kubera ko twabihinduye ukwo bitari kugenda. Ubwa kabiri kugerageza kuraba ingene ingaruka zitoba nini ni ukuvuga zogira uburemere buke..."
❗Abandanya avugako Atari irwirirana ry'abantu ryatumye ibintu biyangara ariko nuko umuntu wese yamye ashaka gukoresha isi nkuko umengo n'ikintu kidahera Kandi kizogumaho.

📢Kubwa Eklesia Katolica iratera akamo ko umuntu wese kugurura amaso abone ibintu vyifashe, tumenye ko umugambi w'Imana idufiseko aruwo kuba kw'isi nkabashinzwe gukinga no kubungabunga ivyo Imana yaremye vyose.

🛑🇧🇮 ⚠️ 𝐇𝐚𝐟𝐚𝐬𝐡𝐰𝐞 𝐢𝐧𝐠𝐢𝐧𝐠𝐨 𝐳𝐢𝐣𝐚𝐧𝐲𝐞 𝐧'𝐢𝐦𝐢𝐫𝐢𝐫𝐨 𝐢𝐡𝐞𝐫𝐮𝐭𝐬𝐞 𝐠𝐮𝐡𝐢𝐭𝐚𝐧𝐚 𝐢𝐛𝐢𝐧𝐭𝐮 𝐦𝐮𝐛𝐢𝐛𝐚𝐧𝐳𝐚 𝐯𝐲'𝐢𝐝𝐚𝐧𝐝𝐚𝐫𝐢𝐳𝐨, 𝐛𝐢𝐫𝐢𝐦𝐰𝐢𝐭𝐚𝐧𝐠𝐚𝐳𝐨 𝐫𝐲𝐚𝐬𝐨𝐡𝐨𝐰𝐞 𝐰'𝐔...
03/09/2026

🛑🇧🇮 ⚠️ 𝐇𝐚𝐟𝐚𝐬𝐡𝐰𝐞 𝐢𝐧𝐠𝐢𝐧𝐠𝐨 𝐳𝐢𝐣𝐚𝐧𝐲𝐞 𝐧'𝐢𝐦𝐢𝐫𝐢𝐫𝐨 𝐢𝐡𝐞𝐫𝐮𝐭𝐬𝐞 𝐠𝐮𝐡𝐢𝐭𝐚𝐧𝐚 𝐢𝐛𝐢𝐧𝐭𝐮 𝐦𝐮𝐛𝐢𝐛𝐚𝐧𝐳𝐚 𝐯𝐲'𝐢𝐝𝐚𝐧𝐝𝐚𝐫𝐢𝐳𝐨, 𝐛𝐢𝐫𝐢𝐦𝐰𝐢𝐭𝐚𝐧𝐠𝐚𝐳𝐨 𝐫𝐲𝐚𝐬𝐨𝐡𝐨𝐰𝐞 𝐰'𝐔𝐛𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚𝐧𝐣𝐢 𝐛𝐰'𝐈𝐧𝐭𝐰𝐚𝐫𝐨 𝐲𝐨 𝐡𝐚𝐠𝐚𝐭𝐢 𝐦𝐮 𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐢𝐭𝐞𝐫𝐚𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐫𝐮𝐬𝐚𝐧𝐠𝐢 𝐧'𝐮𝐦𝐮𝐭𝐞𝐤𝐚𝐧𝐨.

🛑🇧🇮   : 𝐈𝐛𝐢𝐤𝐨𝐫𝐰𝐚 𝐯𝐲𝐨𝐬𝐞 𝐯𝐲𝐨 𝐦𝐮𝐛𝐢𝐬𝐚𝐭𝐚 𝐛𝐢𝐭𝐚𝐧𝐝𝐮𝐤𝐚𝐧𝐲𝐞 𝐯𝐲𝐚𝐭𝐞𝐠𝐞𝐫𝐞𝐳𝐰𝐚 𝐤𝐮𝐛𝐚 𝐢𝐛𝐢𝐬𝐚𝐡𝐢𝐫𝐢𝐳𝐚 𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐠𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚 𝐢𝐦𝐛𝐨𝐧𝐚𝐤𝐚𝐳𝐨𝐳𝐚 𝐲'𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 ...
03/09/2026

🛑🇧🇮 : 𝐈𝐛𝐢𝐤𝐨𝐫𝐰𝐚 𝐯𝐲𝐨𝐬𝐞 𝐯𝐲𝐨 𝐦𝐮𝐛𝐢𝐬𝐚𝐭𝐚 𝐛𝐢𝐭𝐚𝐧𝐝𝐮𝐤𝐚𝐧𝐲𝐞 𝐯𝐲𝐚𝐭𝐞𝐠𝐞𝐫𝐞𝐳𝐰𝐚 𝐤𝐮𝐛𝐚 𝐢𝐛𝐢𝐬𝐚𝐡𝐢𝐫𝐢𝐳𝐚 𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐠𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚 𝐢𝐦𝐛𝐨𝐧𝐚𝐤𝐚𝐳𝐨𝐳𝐚 𝐲'𝐢𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐜𝐢𝐟𝐚𝐬𝐡𝐞 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝟐𝟎𝟒𝟎 𝐠𝐢𝐭𝐞𝐲𝐞 𝐢𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐦𝐮𝐫𝐢 𝟐𝟎𝟔𝟎

📌 Kuva kuruyu wakane igenekerezo rya 3 Nyakanga 2026 gushika kuruyu wagatanu igenekerezo rya 4 Nyakanga 2026, Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru n'ibimenyeshamakuru bwatunganije inama kubarongoye ibimenyeshamakuru n'abakorera mugista vyokumenyesha amakuru, Évelyne BUTOYI aramutswa ubwo bushikiranganji avuga ko igisata co kumenyesha amakuru ari igisata corohereza abantu benshi gukora akazi kabo ka minsi yose aha akavuga nk'abajejwe imirimo itandukanye mubuzima bw'igihugu, nk'abo muri Leta, abatwara Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka, aho hose rero ugasangamwo igisata co kumenyesha amakuru.
📌 Akavuga ko ubushikiranganji bwatunganije iyo nama kugira habe ukuganira mukuraba ko bose boba bariko bakora bagana imbonakazoza y'Uburundi bwifashe muri 2040, buteye imbere muri 2060, Umushikiranganji yibukijeko muri kino gihe hari ubuhinga bwa none usanga n'urwaruka rurimwo murico gisata aho usanga bamwe bakora ubuzi bazi abandi nabo bakironderera bagenda biyigisha, agashimira Inama y'Igihugu ijejwe kuraba ingene ibimenyeshamakuru bikora .

Kubera intererano ya CNC muri ico gisata mugufasha abanyamwuga bakore ivyo bakunda mugushika no kuvyo bifuza bazi igikorwa cabo uko gitunganije, Umushikiranganji aranashimira n'amashirahamwe y'abamenyesha makuru ngo kuko nayo nyene araterera muri ico gisata, Évelyne Butoyi akavuga ko muri kino gihe atanumwe yovuga ko adakurikira amakuru bivuye kubuhinga bwa none, ubuhinga butuma umuntu wese asanga yabaye umumenyesha makuru kandi atariwe, ugasanga umuntu ariko arakwiragiza amakuru atazi yuko ayo makuru atatohojwe neza ashobora kwononera igihugu.
Birakwiye rero kuja hamwe muguhanahana ivyiyumviro kugira ibikorwa vyose bibe ibisahiriza igihugu gushikira imbonakazoza y'Uburundi bwifashe muri 2040, buteye imbere muri 2060.

Ejo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 04 09 2026 mu kiganiro   kuri Radio CCIB FM+ mu kiganiro giha akaryo umuririmvyi ...
03/09/2026

Ejo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 04 09 2026 mu kiganiro kuri Radio CCIB FM+ mu kiganiro giha akaryo umuririmvyi ngo aronke ijambo mu kumenyekanisha umwuga wiwe tuzokwakira umuririmvyi azwi kw'izina rya .

Muhawe ikaze mwese ni kuva isaha cumi gushika isaha cumi na zibiri z'umuhingamo kuri Mhz 99.4.

03/09/2026

AMAKURU MU KIRUNDI YO KURUYU WA KABIRI 2/9/2026

03/09/2026

JOURNAL EN FRANÇAIS DE CE MERCREDI 2/9/2026

🛑🇧🇮      : 𝐔𝐦𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚𝐧𝐣𝐢 𝐰𝐚 𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐍𝐞𝐬𝐭𝐨𝐫 𝐍𝐓𝐀𝐇𝐎𝐍𝐓𝐔𝐘𝐄 𝐧'𝐔𝐛𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚𝐧𝐣𝐢 𝐰'𝐈𝐤𝐢𝐠𝐞𝐠𝐚 𝐜𝐚 𝐋𝐞𝐭𝐚 𝐚𝐫𝐢𝐤𝐮𝐦𝐰𝐞  𝐧'𝐮𝐰𝐮𝐫𝐨𝐧𝐠𝐨𝐲𝐞 𝐂𝐅𝐂𝐈𝐁...
02/09/2026

🛑🇧🇮 : 𝐔𝐦𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚𝐧𝐣𝐢 𝐰𝐚 𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐍𝐞𝐬𝐭𝐨𝐫 𝐍𝐓𝐀𝐇𝐎𝐍𝐓𝐔𝐘𝐄 𝐧'𝐔𝐛𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚𝐧𝐣𝐢 𝐰'𝐈𝐤𝐢𝐠𝐞𝐠𝐚 𝐜𝐚 𝐋𝐞𝐭𝐚 𝐚𝐫𝐢𝐤𝐮𝐦𝐰𝐞 𝐧'𝐮𝐰𝐮𝐫𝐨𝐧𝐠𝐨𝐲𝐞 𝐂𝐅𝐂𝐈𝐁 𝐡𝐚𝐦𝐰𝐞 𝐧'𝐢𝐳𝐢𝐧𝐝𝐢 𝐧𝐝𝐨𝐧𝐠𝐨𝐳𝐢 𝐛𝐚𝐫𝐚𝐠𝐞𝐧𝐝𝐞𝐲𝐞 𝐤𝐮𝐫𝐮𝐲𝐮 𝐰𝐚 𝐤𝐚𝐛𝐢𝐫𝐢 𝐚𝐡𝐚𝐧𝐭𝐮 𝐡𝐚𝐭𝐚𝐧𝐝𝐮𝐤𝐚𝐧𝐲𝐞 𝐡𝐚𝐭𝐞𝐰𝐞 𝐧’𝐮𝐦𝐮𝐫𝐢𝐫𝐨 𝐢 𝐁𝐮𝐣𝐮𝐦𝐛𝐮𝐫𝐚.

📌 Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi, Nestor Ntahontuye, ari kumwe n’Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta, Alain Ndikumana, hamwe n'uwurongoye Ibanki Nkuru y’Uburundi, hamwe na Olivier Suguru arongoye CFCIB baragendeye ahantu hatandukanye i Bujumbura hatewe n’umuriro mu minsi iheze.

📍 Izo ndongozi zagendeye cane cane isoko rya Kinindo, galerie Ndayizamba hamwe na “Le Parisien”, aho ibintu vyinshi vy’abadandaza n’ibikorwa vy’ubudandaji vyatokombejwe n'imiriro.

📌 𝐔𝐦𝐮𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚𝐧𝐠𝐚𝐧𝐣𝐢 𝐰𝐚 𝐦𝐛𝐞𝐫𝐞 𝐲𝐚𝐯𝐮𝐳𝐞 𝐤𝐨 𝐢𝐜𝐨 𝐠𝐢𝐤𝐨𝐫𝐰𝐚 𝐜𝐚𝐫𝐢 𝐤𝐢𝐠𝐚𝐦𝐢𝐣𝐞 𝐤𝐰𝐢𝐛𝐨𝐧𝐞𝐫𝐚 𝐢𝐧𝐠𝐚𝐫𝐮𝐤𝐚 𝐳𝐚𝐭𝐞𝐰𝐞 𝐧’𝐢𝐲𝐨 𝐦𝐢𝐫𝐢𝐫𝐨 𝐲𝐚𝐛𝐚𝐲𝐞 𝐦𝐮 𝐦𝐢𝐧𝐬𝐢 𝐢𝐡𝐞𝐳𝐞 𝐧𝐨 𝐠𝐮𝐬𝐮𝐳𝐮𝐦𝐚 𝐮𝐤𝐨 𝐢𝐛𝐢𝐧𝐭𝐮 𝐯𝐲𝐢𝐟𝐚𝐬𝐡𝐞, 𝐤𝐮𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐡𝐚𝐟𝐚𝐭𝐰𝐞 𝐢𝐧𝐠𝐢𝐧𝐠𝐨 𝐳𝐢𝐛𝐞𝐫𝐞𝐲𝐞 𝐳𝐨 𝐠𝐮𝐟𝐚𝐬𝐡𝐚 𝐚𝐛𝐚𝐝𝐚𝐧𝐝𝐚𝐳𝐚 𝐛𝐚𝐬𝐡𝐢𝐤𝐢𝐰𝐞 𝐧’𝐢𝐯𝐲𝐨 𝐯𝐲𝐚𝐠𝐨.

Umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yashimikiye ku vy’uko abo bategetsi bashoboye kwibonera uburemere bw’amatungo n’ibintu vyatakajwe n’abadandaza hamwe n’abafise inyubakwa zahishijwe n’umuriro.

‼️ Umushikiranganji wa mbere yamenyesheje ko iki kibazo casubiwemwo mu nama y’Abashikiranganji hamwe no mu nama Nkuru y’Umutekano. Ingingo zafashwe muri izo nama zitegekanijwe ubu zizoshirwa mu ngiro n’inzego zibijejwe : 𝐕𝐮𝐛𝐚 𝐛𝐢𝐬𝐡𝐨𝐛𝐨𝐤𝐚, 𝐡𝐚𝐳𝐨𝐭𝐚𝐧𝐠𝐮𝐫𝐚 𝐢𝐠𝐢𝐤𝐨𝐫𝐰𝐚 𝐜𝐨 𝐠𝐮𝐤𝐨𝐫𝐚 𝐮𝐫𝐮𝐭𝐨𝐧𝐝𝐞 𝐫𝐰’𝐚𝐛𝐚𝐡𝐮𝐲𝐞 𝐧’𝐢𝐯𝐲𝐨 𝐯𝐲𝐚𝐠𝐨 𝐡𝐚𝐦𝐰𝐞 𝐧’𝐢𝐯𝐲𝐚𝐛𝐨 𝐯𝐲𝐨𝐧𝐨𝐧𝐞𝐤𝐚𝐲𝐞. 𝐀𝐛𝐚𝐭𝐞𝐠𝐞𝐭𝐬𝐢 𝐛𝐚𝐳𝐨𝐬𝐮𝐳𝐮𝐦𝐚 𝐤𝐚𝐧𝐝𝐢 𝐢𝐯𝐲𝐞𝐫𝐞𝐤𝐞𝐲𝐞 𝐮𝐛𝐰𝐢𝐬𝐡𝐢𝐧𝐠𝐢𝐳𝐢 𝐚𝐛𝐚𝐝𝐚𝐧𝐝𝐚𝐳𝐚 𝐛𝐚𝐬𝐡𝐨𝐛𝐨𝐫𝐚 𝐤𝐮𝐛𝐚 𝐛𝐚𝐫𝐢 𝐛𝐚𝐟𝐢𝐬𝐞, 𝐤𝐮𝐠𝐢𝐫𝐚 𝐡𝐚𝐦𝐞𝐧𝐲𝐞𝐤𝐚𝐧𝐞 𝐢𝐧𝐠𝐢𝐧𝐠𝐨 𝐳𝐢𝐛𝐞𝐫𝐞𝐲𝐞 𝐳𝐨 𝐤𝐮𝐛𝐚𝐟𝐚𝐬𝐡𝐚 𝐧𝐨 𝐤𝐮𝐛𝐚𝐬𝐡𝐢𝐠𝐢𝐤𝐢𝐫𝐚.
Abo bategetsi bakaba baragendeye amazu y'ubudandarizo yaho bakunze kwita kuri ''Bata''.

🛑🇧🇮       ⚠️ Ukwutumvikana n'ukutavugana hagati y'ishirahamwe ryogufashanya ry'Ingoma yu Bubirigi  , umugambi w'Ibanki y...
02/09/2026

🛑🇧🇮 ⚠️ Ukwutumvikana n'ukutavugana hagati y'ishirahamwe ryogufashanya ry'Ingoma yu Bubirigi , umugambi w'Ibanki y'isi yose hamwe n'Ibanki ya Afrika ijijwe iterambere ndetse n'ishirahamwe mubijanye n'itunganywa ry'umwonga wa Kaburantwa vyatumye ibikorwa vyokwubaka bihagarara, bivugwa na Nestor NTAHONTUYE Umushikiranganji wa mbere w'Uburundi munama yo kuruyu wa kabiri y'abegwa bose nizo mpari, muntumbero yo guhanahana ivyiyumviro kugira hatorwe inyushu irama maze bahabwe intumbero uko bagiye kubikora.

‼️ Umushikiranganji wa mbere Nestor NTAHONTUYE akavugako uwo mwonga ufitiye akamaro kanini igihugu Kandi ko upima hectar 2400, akabasaba kuwutunganya neza kuko abarimyi bahakorera haba mugihe c'imvura canke no mugihe cici.
Akabasaba ko ico gikorwa bogikora hamwe ukwo ari bane Kandi bagireko batanga icegeranyo c'urupapuro rw'inzira ukwo bizokorwa vyose.
Mwomenya kandi ko iyo nama yahuje n'abafatanyabikorwa bose ngo ivyo bikerekana ko bikenewe gukomeza uguhuza no guhuza neza ibikorwa vyabo.

Address

Avenue Mpotsa Rohero I, Bujumbura-Burundi
Bujumbura

Telephone

+25722229292

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio CCIB FM+ posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio CCIB FM+:

Shortcuts

Share

Category