07/08/2024
Dr Etienne Karatasi yaraye ashengeye.
Izina rya Etienne Karatasi ni izina ryari rizwi cane mu myaka ya za 90. Abari mu butegetsi barifata nk'umwe mu bansi bakomeye b'ubutegetsi, abatavuga rumwe n'ubutegetsi nabo bamwumva nk'inkingi ikomeye yabo. Ibi tubona uyu musi ubutegetsi bwanka urunuka abahunze bukabita abansi b'igihugu bagicafuza mu makungu si bishasha, no ku ntwaro z'imbere niko vyari. Uwuvuga ivyo ubutegetsi buri mu Burundi budashaka kwumva yamye yitwa umwansi w'igihugu. Muganga Etienne Karatasi nawe yabayeho gutyo imyaka myinshi. Abakiri bato bashobora kuba batigeze bumva iryo zina, reka tumubabwire.
Umuganga Uburundi bwahomvye.
Étienne Karatasi yavutse ku wa 29.6.1943 i Musema muri komine Butaganzwa mu ntara ya Kayanza. Inyuma y'amashure mato yize i Musema, yabandanije ayisumbuye kuri Ecole Moyenne Pédagogique y'i Kibimba. Mu 1965 Etienne Karatasi yagiye kubandanya amashure mu gihugu ca Danemark. Muri ico gihugu nyene yahavuye yiga muri kaminuza ya Odense aharonkera impamyabushobozi ya docteur en médecine mu 1980. Yari umuhinga muvyo gusinziriza abagwayi canke gutera ikinya nkuko abanyarwanda bavuga (anesthésiologie). Mu nyuma yarize ivyigwa bijanye n'intwaro (administration) muri kaminuza ya Aarhus muri Danemark nyene.
Dr Etienne Karatasi yarakoze amabanga menshi ajanye n'ubuvuzi muri Danemark, muri Zambia, yari umuhinga yemewe. Yarabandanije kunonosora ibijanye n'amagara y'abantu mu mahuriro mpuzamukungu akomeye y'abaganga mu bihugu nka Leta zunze Ubumwe z'Amerika, Ubudagi, Hong Kong n'ahandi henshi. Yari incabwenge ikomeye Uburundi butigeze bushobora gukoresha kubera indyane z'urutavanako zama mu Burundi.
Indongozi ya Palipehutu
Mu bijanye na politike, Etienne Karatasi ni umwe mu bashinze umuhari Palipehutu mu 1980. Mu 1984, Karatasi yabaye icegera ca Gahutu Rémy yari umukuru w'uwo muhari. Aho Gahutu Rémy yiciwe mu 1990, Etienne Karatasi niwe yamusubiriye.