28/06/2024
"Umwana yatashe avuye kw'ishure se amubaza ati:mwananjye uretse jewe so wawe hari uwundi so yoba anduta?....
"umwana ariyumviraaa haheze akanya yishura se ati:ego hari uwukuruta"
"Se ati:uwo nawe ninde ko nzi arije mbagaburira hano nkabambika,eka burikimwe cose arije mbamenya uwo nawe ninde?"
"umwana aratwenga cane maze yishura se ati:uratugaburira,ukatwambika,ukanaturihira amafaranga y'ishure eka byose ukabikora ariko ibyo byose ubishobozwa n'"Imana" niyo mpamvu navuze ko hari uwukuruta"
"Se yibaza ubwenge nkubwo iyo yabukuye arabura ariko aranezerwa cane ku nyishu umwana wiwe amwishuye"
" umwana nawe abaza se ati:"Imana yoba ifite ubunini bungana gute papa?"...
"se ariyumviraaa abura inyishu"
"umwana yongera ati:rega papa nawe nakubajije nyishura"
atarishura babona indege mu kirere se ubwira umwana ati :urabona iriya ndege?
"Umwana ati:ego"
"Se ati:Imana ingana na yiriya ndege ubona"
"Umwana atwenga se maze avuga ati:papa naho wakabesheye kariya mbona katangana n'ikiganza canje niyo ushaka kugereranya n'Imana?"
Se ntiyasubira kuvuga nakimwe bukeye mu gitondo umwana na se bazindukira ku kibuga c'indege
Se abaza umwana ati:ino ndege ubona ingana nayayindi twabona ejo?
"Umwana ati:Oya papa ino ni nini cane kariya kari gatoyi cane"
"Se aratwenga cane umwana atangura gushavura maze amubwira ati:uku niko bapima ubunini bw'Imana mwananjye,iyo uyibaye kure uzoyibona ko ari nto ariko niwayiba hafi uzoyibona nini bivuze iki niwayigororokera, ukayubaha,ukayisenga uzoyibona nini mu buzima bwabwe ariko niwaba kure yibyo uzoguma uyibona ko ari nto mwananjye witeho cane kuyiba hafi cane cane mu gusenga uzoheza uyibone nini mu buzima bwawe
"Umwana aranezezwa n'inyishu se amwishuye yongera ati:bwabundi undenzeho papa naje napfuye kukubaza ntabyo narinzi gusa ndaharonkeye icyigwa papa urakoze
Se aratwenga cane aca afata ukuboko umwana wiwe barataha.
______
Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga. Mwiyegereze Imana, na yo izobegera. Yemwe banya