19/01/2024
🔴 Akaza k'abaforoma muri Canada. Ukuri ni ukuhe ?
Inyuma y'inkuru twabahaye ijanye n'itangazo rihamagara abipfuza akazi k'ubuforoma muri Canada, twashoboye kwivuganira n'abari muri Canada kugira ngo baduhe umuco. Hano turabasangiza ivyo twaronse, turabereka aho mwoca abipfuza ako kazi. Ntibikenewe ko murondera abandi bantu bavuga ko babibafasha, ari naho hashobora kuva ubusuma. Hari abatubwiye ko bagiye barasabwa amahera n'abavuga ko bariko barabafasha. Kugeza no kubabwira ko bazobariha amadolari 2000 baronse ako kazi. Barundi benewacu nimukerebuke. Mwuguruke. Nta kintu gisanzwe canditse ku mbuga ngurukanabumenyi vyosaba ko uwundi muntu agutwara udufaranga twawe.
🔴 Nivyo muri Québec barakeneye abaforoma bavuga igifaransa.
Abo twivuganiye batumenyesheje ko vy'ukuri intara ya Québec iriko irarondera abaforoma bavuga igifaransa. Iraheza igahamagara abavyipfuza bakandika baciye ku mbuga ngurukanabumenyi. Aho haba hatanguye urugendo rurerure rumara nk'umwaka. Hari "documents" uza urasabwa ku ntambwe yose uba ugezeko. Hari inzego muri Canada zibanza kwemera diporome yawe, hari urwego rw'abaforoma rubanza gutanga uruhusha imbere y'uko uwusavye ako kazi yemererwa.
Batubwiye ko mu misi iheze hariho itangazo ryari ryerekeye abaforoma bava mu Burundi. Ariko twasanze iyo "offre" yaheze italiki 16.01.2024. Nta kundi ntitwayimenye ngo tuyibasangize. Muri kino gihe haracariho offre yerekeye abaforoma bava mu bihugu vy'Afrika yo musi ya Sahara. No ngaho abarundi baracashobora kwakirwa. Iyo "offre" izohera igenekerezo rya 26.01.2024.
🔴 Abakeneye ako kazi baca hehe ?
Ntihagire abasubira guhendwa. Ukeneye gusaba ako kazi, ja ku mashini irimwo internet wugurure uyu muhora (lien) :
https://cisssme.cvmanager.com/cvm5/displaydetail.aspx?tn=jobs&mode=view&recid=37491&lang=f®ion=qc&tp1=jobdetail
Ugiye ngaho uraza kubona insiguro zose zijanye n'ubwo bu*i, barakwereka n'aho uca kugira utange dosiye yawe.
Abafise ibibazo bakeneye gutomokerwa neza, nabo bokwandikira iyo adresse e-mail :
[email protected]
🔴 Ibi ntibikeneye uwundi abigukorera
Soma witonze, uraza gutahura uko bigenda. Ntihagire abafungakiwani baguhenda ngo bagira bagufashe. Uwugufasha ni uwukwereka runo rubuga bicako. Narwo urarumenye. Niwasoma ugasanga ico gifaransa ntucumva, nkeka n'izindi ntambwe zohava zigorana kubera uzokoreshwa ibibazo vyo kuraba ko u*i igifaransa. Ariko ubundi uwahejeje amashure mu Burundi, iki gifaransa arashobora kugitahura.
Ntihagire abatwandikira basaba ko tubafasha ibijanye n'iyi nkuru. Nta kindi tuyiziko kiretse ivyo tubahaye. Ntidukorana n'abatanga ubwo bu*i. Ntaco dufasha kijanye nabwo.
Isi y'ubu isaba ubukerebutsi, mutarataze bana b'Uburundi. Bonne chance !
🔴 N'ejo n'ejo bundi, uwuzobona ikintu gifasha abarundi arakidusangiza tucereke abana b'Uburundi. Tuvavanure n'izi ngeso z'abantu babona ivyofasha benshi bakabinyegeza. Izo ni ingendo za kera zishaje. Birababaje kwumva ko offre yerekeye abarundi gusa yaheze italiki 16.01.2024 bitagiye ahabona kandi hariho abari babizi ! Iyi isigaye, umurundi azohiganwa n'abava mu bindi bihugu vyinshi vy'Afrika.
Ndashimiye cane abadusangije uno muco.