09/05/2025
Papa Léon XIV yaraye atowe ni inde?
Robert Francis Prevost, yavutse kuwa 14 Nyakanga 1955, avukira Chicago, muri Reta zunze ubumwe za America ( USA) , Avukira mu muryango ufise amamuko mu Bufaransa, Mu Butaliyano no Muri Espagne.
Amaze guheza amashuri yiwe mu vyigwa vy'iBiharuro na Philosophie, kuri kaminuza ya Villanova muri Philadelphiiya, yaciye yinjira mu kinovisiya c'abapatiri b'aba Augustiniens, aho yimikwa icese mu busaserdoti mu mwaka w'1982 i Roma.
mu 1987, Robert Francis Prevost, Yararonse urupapuro rw'umutsindo rwa Doctorat mu vyigwa vy'amategeko ya Elkezia ( Droit Cononique) .
Papa Léon wa 14, abaye umupapa wa mbere ava muri Reta zunze ubumwe za America, kandi w'umu Augustinien .
Akaba abaye Umupapa, mugihe yaramaze imyaka irenga 30 ari umu Cardinal. Akaba yari umwishikira , incuti ya hafi ya Papa Francisco yasubiriye.
Robert Francis, Abamuzi neza, bemeza ko Bimwe mu bimuranga, ari umuntu w'Imana, Avuga make, agaragara nk'umwutinya cane, ariko yama aharanira guhuza , no kunywanisha abantu, nk'uko ahejeje kubishikiriza mw'ijambo ryiwe, yamenyesheje ko mu vyo azoshira imbere ari guhuza abantu, mu butandukane bwabo.
Papa Léon XIV, atowe mu gihe isi ihanzwe n'ibibazo bitari bike, bisa nk'ibiriko biratuma ukwemera mu bantu gutituka, uho twovuga nk'iterambere ry'ubuhinga bwa none bujanye bwenge mpingurano butangwa n'amarobo, intambara , ihindagurika ry'ibihe, imico n'ivyiyumviro binyuranye n'ishaka ry'Imana, n'ibindi .
Tumusabire, Imana Imushoboze .