Look Media

Look Media Look Media Burundi est une chaîne TV dynamique qui vous plonge au cœur du business, du tourisme, du sport et bien plus encore.
(1)

Un contenu riche et inspirant à suivre sur StarTimes (801) et STNB (130).

31/08/2026

Aya niyo majambo ya GUIBERT muri DYNAMO DAY, inyuma yo gutsindwa n'URUNANI BBC.

‎Mu gusozera Inama idasanzwe ya 21 y’umuryango wa Afrika yunze ubumwe yari igamije gukomeza uburyo bwo gukinga no gutore...
31/08/2026

‎Mu gusozera Inama idasanzwe ya 21 y’umuryango wa Afrika yunze ubumwe yari igamije gukomeza uburyo bwo gukinga no gutorera inyishu amatati muri Afrika, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba n’umuyobozi w’umuryango wa Afrika yunze ubumwe, Evariste Ndayishimiye, yavuze ko Afrika ikwiye kurushiriza kwitaho uko ibintu vya geopolitike vyifashe, no guteza imbere ubushobozi bwayo mu gukinga no gucungera amatati.

‎Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko Afrika ikwiye guteza imbere ubushobozi bwo gukinga amatati no kuyatorera inyishu mu mahoro. Yashize imbere ibiganiro, ubuhuza hamwe n’inyishu zishingiye kuri Afrika mu gutorera inyishu ibibazo vy’umugabane.

‎Yashimikiye kandi ko hakwiye gukomezwa kubazwa neza ikoreshwa ry’amahera no guteza imbere uruhara rwa Afrika mu bikorwa bijanye n’amahoro n’umutekano. Yasavye ko habaho uburyo burama bwo gutanga amafaranga yo gushigikira amahoro, cane cane biciye mu gukomeza ikigega c’umuryango wa Afrika yunze ubumwe co kugarukana amahoro.

‎Ku bijanye no gukomeza amahoro n’ubumwe mu kibano, Ndayishimiye yaravuze ku ruhara rw’abagore n’urwaruka mu bikorwa vyo gukomeza amahoro, hamwe no gukomeza gukingira abana. Yasavye kandi ko ubufatanye n’amakungu bukomezwa, mu kwubahiriza ubwigenge bw’ibihugu, ubutaka bw’ibihugu budahungabanywa, hamwe n’ingingo ngenderwako z’umuryango wa Afrika yunze ubumwe.

30/08/2026

Inzoga GANGI n'izindi zarasheshwe muma zone atandukanye y'igihugu.

29/08/2026

Ni wafata uwuriko araturira isoko ni 500.000.000 FBU y'agashimwe.

28/08/2026

Uwuzoba uwa mbere azohabwa umuduga na 25.000.000 FBU.

28/08/2026

Mbega icayi n'ikawa, vyarasubiye inyuma ku bijanye n'umwimbu?

28/08/2026

Mbega "El Niño" izotera Uburundi kandi yonone nkivyo yononye mu myaka iheze?

27/08/2026

Prezida Evariste NDAYISHIMIYE ati : "Turamaze iminsi tubona impanuka zisubiriza zivuye ku muriro , tutabona neza ico uvako n'abawutera"

Umushikiranganji w’indero, Prof François Havyarimana, yatangaje kuri uyu wa 27 Myandagaro 2026, mu kiganiro yahaye abame...
27/08/2026

Umushikiranganji w’indero, Prof François Havyarimana, yatangaje kuri uyu wa 27 Myandagaro 2026, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Gitega, amanota yafatiweko ku banyeshure bakoze ikibazo gitanga uburenganzira bw’ukwinjira mu mashure y’inyuma y’ishure nshingiro.

‎Ku banyeshure bakoze ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure y’inyuma y’ishure nshingiro atagira uburaro, amanota yafatiweko ni 74 kuri 200, ni ukuvuga 37%. Ku bazoja mu mashure y’inyuma y’ishure nshingiro afise uburaro, hasabwe 106 kuri 200, bingana na 53%.

‎Ku banyeshure bakoze ikibazo co kuja mu mashure y’akarorero mu mwaka w’indwi, umushikiranganji yavuze ko uwuronse 70% canke arenga ari we ashobora kuja muri ayo mashure. Abash*tse kuri 42% na bo bazoshobora kuja mu mashure y’indaro asanzwe, aho batazoriha amafaranga y’ishure, ariko bakazoriha amafaranga y’uburaro hamwe n’ayo gufungura.

‎Ku bijanye n’amashure y’ubuvuzi, abanyeshure bazokwiga mu mashure ya Reta basabwa kuba bafise n'imiburiburi 60%, mu gihe abaja mu mashure y’ubuvuzi yigenga basabwa 51%. Umushikiranganji kandi yamenyesheje ko abana b’abatwa bafise 37% bakoze ikibazo co mu mwaka w’9 bazoshobora kuja mu mashure y’indaro no mu mashure y’ubuvuzi.

‎Umwaka w’ishure 2026-2027 ukaba uzotangura ku wa 14 Nyakanga 2026, nk’uko vyatangajwe n’Umushikiranganji w’indero.

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Look Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share