IZE MAG

IZE MAG Bienvenue!! IZE MAG diffuse des actualités liées à la musique, au divertissement et au développement
(2)

Burundi🇧🇮 kahise: ifoto yerekana Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge n'Umwamikazi Baramparaye.Mwambutsa IV Bangiricenge yar...
28/02/2026

Burundi🇧🇮 kahise: ifoto yerekana Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge n'Umwamikazi Baramparaye.

Mwambutsa IV Bangiricenge yaratandukanye n' Umwamikazi Kanyonga kubera ko yaronse ibatisimu. Hari mu mwaka wa 1944. Umwami abonye bigenze uko yarongoye Baramparaye.

Ico bapfuye ahanini n'uko Mwambutsa atari umukirisu.

==============

Umugabekazi, aba ari nyina w'Umwami.
Umwamikazi, aba ari umugore w'Umwami.
Hari abadukosoye mu butumwa bugufi. Murakoze!!!

Umuganwakazi yabaye umunyamideri wa mbere w'umwirabure burayiPrincesse kamatari n'umukenyezi adasanzwe yama aharanira ko...
27/02/2026

Umuganwakazi yabaye umunyamideri wa mbere w'umwirabure burayi

Princesse kamatari n'umukenyezi adasanzwe yama aharanira ko igihugu ciwe gishinga icumu mu mashinga.

Gira akajambo kamwe umubwiye

🤔 Nawe ubishatse woziganya.Kuziganya amahera bisaba ugutegura, kwiyubara no gukurikiza ingingo wihaye. Reka nkwereke ubu...
27/02/2026

🤔 Nawe ubishatse woziganya.

Kuziganya amahera bisaba ugutegura, kwiyubara no gukurikiza ingingo wihaye. Reka nkwereke ubuhinga wokoresha:

1️⃣ Formule de 50/30/20, iyi ni formule ikoreshwa cane kw’isi yose:
50% – Ibijanye n’ibikenewe (inzu, amazi, amatara, ibifungurwa, itike…)
30% – Ivyo wipfuza (imyidagaduro, impuzu nshasha, internet…)
20% – Kuziganya
🔹 Akarorero:
Niwaronka 200 000 FBu ku kwezi:
100 000 FBu → ibikenewe
60 000 FBu → ivyipfuzo
40 000 FBu → uziganye.

2️⃣ Formule de “Pay Yourself First” (Banza wiyishure), ukimara guhembwa uhita ubika ayo kuziganya, hanyuma ugakoresha ayasigaye.
🔹 Nk’akarorero:
Uhembwe 150 000 FBu → uhita uziganya 30 000 FBu (20%) → usigarana 120 000 FBu zo gukoresha.

3️⃣ Formule de 1% ou 5% par jour, nimba wipfuza gutangura buhoro buhoro:
Buri musi uziganye 1 000 FBu, mu kwezi woba uziganyije 30 000 FBu, mu mwaka woba ufise 360 000 FBu. Ego nivyo woba ufise 360 000fbu kumwaka👍

4️⃣ Formule de l'objectif (intumbero), ukwiye kwibaza uti: shaka kugura iki?
Mu gihe kingana gute?
🔹 Akarorero:
Ushaka 600 000 FBu mu mezi 6
→ 600 000 ÷ 6 = 100 000 FBu ku kwezi.

Impanuro z’ingenzi
✅ Rondera aho amahera yawe aja
✅ Wirinde amadeni atari ngombwa
✅ Gira konti canke akabati ko kuziganyirako gusa
✅ Gira discipline

Menya neza, ico uzokwiga cose, inscription uzoriha 200€. Vyinshi muzovyiga ikibiriraho(en ligne) kandi mutegerezwa kuzob...
24/02/2026

Menya neza, ico uzokwiga cose, inscription uzoriha 200€. Vyinshi muzovyiga ikibiriraho(en ligne) kandi mutegerezwa kuzoba mwahejeje kwiga mu kiringo c'umwaka umwe kuva umusi uhejeje kuriha. Uhejeje uzoba ushobora gusaba akazi mu Butaliyano (Italie).

UMWANDITSI W'IBITABO JEANNE D'ARC NDUWAYO YASHIZE HANZE IGITABO YISE "L'AMANT DE MAMAN" (UMUGENZI WA MAMA).Mu kigo ca Do...
03/02/2026

UMWANDITSI W'IBITABO JEANNE D'ARC NDUWAYO YASHIZE HANZE IGITABO YISE "L'AMANT DE MAMAN" (UMUGENZI WA MAMA).

Mu kigo ca Donatus Conference Center(DDC), umwanditsi w'ibitabo Jeanne D'Arc NDUWAYO, yarongeye gushira ahabona igitabo yise "L'amant de Maman". Hari kur'uyu wa kane igenekerezo rya 29.01.2026.

Ibiri mur'ico gitabo, ni ibisanzwe biba mu kibano. Aho kiguva umugore yaciye inyuma Umushingantahe wiwe, avyara umwana amwita Sarah KAVUMU(Abavumu), yibaza ko ari mu muryango w'abavumu(nk'umwe mu muryango w'umugabo). Ivyo bigatuma nuko hari abagabo badaha ikibanza gikwiriye abagore babo, nabo bigaheza bikayangarira uko kuntu badahabwa umwanya.

Abagabo baba bakwiye kumenya amagara y'uwo bubakanye. Nk'iyo yibugenze akamenya ko yibugenze. Erega uza wumva ngo 'Umwana amenywa na nyina'.

Iyo umugabo atitwararitse kumenya uko amagara y'uwo bubakanye ameze, ni hamwe uza ubona yaravyariye hanze umwana akitirirwa se atariwe.

Muri kino gitabo harimwo inyigisho ko n'umugabo ariwe akwiye kwama azirikana amagara y'umucance wiwe.

Cathédrale   mu mwaka wa 1965. Ico gihe Bujumbura yari icuzuye amashamba. :   (IG)
26/01/2026

Cathédrale mu mwaka wa 1965. Ico gihe Bujumbura yari icuzuye amashamba.
: (IG)

Wa mutama w'iBuhumuza aheruka kugira   n'umwigeme bivugwa ku amurusha imyaka yababa 70. Ubu ngo mu rugo ni umunyenga!!! ...
29/12/2025

Wa mutama w'iBuhumuza aheruka kugira n'umwigeme bivugwa ku amurusha imyaka yababa 70. Ubu ngo mu rugo ni umunyenga!!!
Abash*tsi barabagendera mu ntumbero yo kubakeza.

👴🏽Ubugeni burangiza umwaka ntakabuza n'ubu, ntabundi. Umutama w'imyaka 98 avuka muri komine   intara ya  , yubakanye n'i...
29/12/2025

👴🏽Ubugeni burangiza umwaka ntakabuza n'ubu, ntabundi.

Umutama w'imyaka 98 avuka muri komine intara ya , yubakanye n'inkumi bivurwa ko ifise imyaka 28 gusa.

Ego cane nivyo nyene ndakubwiye. Mbere ukoze igiharuro usanga uwo mutama arusha uwo mwigeme imyaka ishika 70.

Kuri uyu wa 27 Kigarama 2025, bakaba ariho baragana imbere y'abantu.

🤷‍♂️Benshi batangaye abandi bati urukundo nta myaka ruraba!!

🤔 Basomyi, mweho Mubivuzekw'iki ?

Naho icecetse, iravuga.Naho tutayibona, iriho.Naho wihebura, irakora.Naho tuyibangikanya, iratwumvira.Naho tuyigambarira...
29/12/2025

Naho icecetse, iravuga.
Naho tutayibona, iriho.
Naho wihebura, irakora.
Naho tuyibangikanya, iratwumvira.
Naho tuyigambarira, irin'imbabazi.
Naho tuyirekura, ntiturekura.
Imana irahari. Yihamagare, yimenyeshe, yisenge, yisabe,..... Ico ishaka gusa nuko uwikunda.

Uyu mwana ni ikimenyetso ko kristo/kristu ari muzima, akora.

Ibisigaye ntukabe kure ya IZE MAG

Imbere y'uko umwaka uhera, nawe bino wibimenya. Ntiwibwe!!!Leta yasohoye itegeko risaba ko ata muntu numwe azosubira kuj...
29/12/2025

Imbere y'uko umwaka uhera, nawe bino wibimenya. Ntiwibwe!!!

Leta yasohoye itegeko risaba ko ata muntu numwe azosubira kuja gukora akazi hanze adafise 'Billet de Sortie'.

Iyo nayo ikaba itangwa n'Ubushikiranganji m'ubwo bujejwe harimwo imigenderanire ya Reta n'Ibindi bihugu.

Abaja nka Dubaï, iyo 'Billet de Sortie' uyironka biciye muma 'Agences' yemewe mu Burundi.

👉🏼 Nta muntu/ishirahamwe yemerewe/ryemerewe kuzana umuntu/abantu Dubaï bidaciye muri Sociétes zifise Uruhusha muri Reta rwo kujana abantu hanze.

Abantu mugifise Visa zo kuja Dubaï, murondere urwo ruhusha rwo kuza.

😥Abamaze gukata amatike y'Indege mushobora kuyahomba mutabaye maso.

MN: Ivyo biraba abaza ku ma Freelance Visa.

29/12/2025

Kuryama biroroshe, ariko ukuvyuka n'umugisha Imana itanga.
Nimba wabonye igitondo c'uwu munsi vungira uti 'wakoze Mana'🙏

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when IZE MAG posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share