
02/05/2025
📢 "Reta nimba idashoboye kwinjiza igitoro ni ireke abarundi babishoboye bakizane, hanyuma barihe amakori"
---------------------------------
🔰 Bishikirizwa n'ishirahamwe Parcem mu mwihwezo ku bijanye n'ubutunzi Reta yakoresheje muri ano mezi 4 aheze, kuri uyu wa 2 Rusama 2025, aho yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru
👤Faustin Ndikumana arirongoye yamenyesheje ko muri ano mezi 4 aheze, vyinshi mu vyari vyateguwe bitashoboye kuranguka
🎙️ Yavuze nk'ikibazo c'ibiciro vy'ibifungurwa vyagumye biduga, ikibazo c'ikawa itashoboye gushorwa hanze neza nk'uko bitegerezwa, ikena ry' amafaranga y'agaciro bivuye ku mfashanyo Reta yari yemerewe ariko itabonetse, ubutare bwabonetse gushika n'ubu butaratanga umusaruro, amadeni Reta ifise yagumye yiyongera aho yash*tse ku bice 52%, ikibazo c'igitoro cabandanije kwibonekeza ku rugero rwo hejuru, icikagurika ry'umuyagankuba ryatumye ibikorwa bimwe bimwe bihagarara kandi vyogize ico biterera mw'iterambere ry'igihugu, ibikorwa vyari vyateguwe gukorwa ariko bitakozwe ku mpamvu z'uko budget programme itubahirijwe
☝🏾Kuri izo ngorane zose zibonekeje muri ano mezi 4, Faustin Ndikumana yamenyesheje ko hoshirwaho ibitabu vyerekana ivyo Reta yipfuza gushikako, kuko ico gitabu kitabayeho ibintu vyose bikorwa mu kajagari. Yagize ati: "Ico gitabu kitabayeho, umwe wese abikora uko avyumva, ntiduheza ngo tumenye ngo naka ajejwe iki"
👉🏾 Yasavye kandi ko hobaho umwuka mwiza mu vy'ubutunzi, yatanze akarorero k'iyubakwa ry'isoko aho ibikorwa vyayo ata muco urimwo kuko ngo: "N'umushikiranganji wa mbere nta nyishu itomoye yatanze igihe aheruka mu nama nshingamateka."
🎙️ Ku cerekeye ubwigenge bw'ibimenyeshamakuru yamenyesheje ko ubu amakuru ariko arata akanovera kuko ata matohoza agikorwa bivanye n'uko abamenyeshamakuru bakubagurwa, ndetse hakaba n'abatagetsi badatanga amakuru nk'uko bitegerezwa
✍🏾 Yasozereye yerekana impungenge afise ku vyerekeye amatora, aho amenyesha ko ibiriko birayaranga imbere yayo ari:
1️⃣ Ukubura igishika cayo mu kw