Somo Online 257

Somo Online 257 Amakuru
Umwihwezo
Impanuro

📢 "Reta nimba idashoboye kwinjiza igitoro ni ireke abarundi babishoboye bakizane, hanyuma barihe amakori"---------------...
02/05/2025

📢 "Reta nimba idashoboye kwinjiza igitoro ni ireke abarundi babishoboye bakizane, hanyuma barihe amakori"
---------------------------------
🔰 Bishikirizwa n'ishirahamwe Parcem mu mwihwezo ku bijanye n'ubutunzi Reta yakoresheje muri ano mezi 4 aheze, kuri uyu wa 2 Rusama 2025, aho yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru

👤Faustin Ndikumana arirongoye yamenyesheje ko muri ano mezi 4 aheze, vyinshi mu vyari vyateguwe bitashoboye kuranguka

🎙️ Yavuze nk'ikibazo c'ibiciro vy'ibifungurwa vyagumye biduga, ikibazo c'ikawa itashoboye gushorwa hanze neza nk'uko bitegerezwa, ikena ry' amafaranga y'agaciro bivuye ku mfashanyo Reta yari yemerewe ariko itabonetse, ubutare bwabonetse gushika n'ubu butaratanga umusaruro, amadeni Reta ifise yagumye yiyongera aho yash*tse ku bice 52%, ikibazo c'igitoro cabandanije kwibonekeza ku rugero rwo hejuru, icikagurika ry'umuyagankuba ryatumye ibikorwa bimwe bimwe bihagarara kandi vyogize ico biterera mw'iterambere ry'igihugu, ibikorwa vyari vyateguwe gukorwa ariko bitakozwe ku mpamvu z'uko budget programme itubahirijwe

☝🏾Kuri izo ngorane zose zibonekeje muri ano mezi 4, Faustin Ndikumana yamenyesheje ko hoshirwaho ibitabu vyerekana ivyo Reta yipfuza gushikako, kuko ico gitabu kitabayeho ibintu vyose bikorwa mu kajagari. Yagize ati: "Ico gitabu kitabayeho, umwe wese abikora uko avyumva, ntiduheza ngo tumenye ngo naka ajejwe iki"

👉🏾 Yasavye kandi ko hobaho umwuka mwiza mu vy'ubutunzi, yatanze akarorero k'iyubakwa ry'isoko aho ibikorwa vyayo ata muco urimwo kuko ngo: "N'umushikiranganji wa mbere nta nyishu itomoye yatanze igihe aheruka mu nama nshingamateka."

🎙️ Ku cerekeye ubwigenge bw'ibimenyeshamakuru yamenyesheje ko ubu amakuru ariko arata akanovera kuko ata matohoza agikorwa bivanye n'uko abamenyeshamakuru bakubagurwa, ndetse hakaba n'abatagetsi badatanga amakuru nk'uko bitegerezwa

✍🏾 Yasozereye yerekana impungenge afise ku vyerekeye amatora, aho amenyesha ko ibiriko birayaranga imbere yayo ari:

1️⃣ Ukubura igishika cayo mu kw

💰  : "Kugura igitoke c'igisahira bisigaye bisaba kwipanga neza mu mufuko"-----------------------------------👆🏿 Ivyo bish...
18/04/2025

💰 : "Kugura igitoke c'igisahira bisigaye bisaba kwipanga neza mu mufuko"
-----------------------------------
👆🏿 Ivyo bishikirizwa n'abaguzi bo mw'isoko nkuru ya Bubanza, hariho igitoke cagurishwa amafaranga ibihumbi mirongo 70. Umudandaza yari agifise avuga ati: "Nakiranguye 60.000 Fbu, aha ntaronse 70.000 sindekura"

👉🏿 "Ibitoke vy'ibisahira bisa n'uko vyahonye kubera ingwara zabiteye nka ruhonyabitoke, ubu ntibikiboneka"

👨🏿‍🌾 Abatera ibitoke bavuga ko umwimbu mwiza bawuronka mu kiringo c'umwaka umwe gusa, hanyuma bigaca bigwara. Babona ko abashakashatsi bakwiye kurondera imbuto y'ibitoke irinda ingwara, nka kera

❓ Musomyi, mbega aho iwanyu ibitoke bigurwa gute?

🚎 [P] Ico kwiyunguruza kirakemutse: muri   batanguye guha ibitoro imiduga yose y'amashirahamwe yunguruza abantu abadugan...
15/04/2025

🚎 [P] Ico kwiyunguruza kirakemutse: muri batanguye guha ibitoro imiduga yose y'amashirahamwe yunguruza abantu abadugana mu ntara za ruguru, bakariha ku biciro vya Reta !

📍 Ni igikorwa catanguriye ku miduga y'ama agence idugana abantu mu ntara Bujumbura, Gitega, Karusi, Cankuzo na Ruyigi, aho imiduga yose iduga muri izo ntara ipakira abantu ku biciro bizwi n'amategeko, bagaca baca kuri station bategekanirijwe ikorana na bagaca bababaha ibitoro bibadugana mu ntara bagiyemwo, bash*tseyo bakabongera n'ikindi gitoro kibagarukana mu gisagara ca Bujumbura

🛣️ Ahandi ico gikorwa kigiye kubandaniriza muri ino ndwi nyene ni ku bafata ibarabara RN1, Bujumbura-Ngozi-Kirundo-Muyinga na Bujumbura-Matana-Rutana-Makamba, hamwe na Bujumbura-Rumonge-Nyanza Lac na Makamba nyene, kandi hose umunsi mukuru wa pasika uzogera abantu borohewe mu vyo kwiyunguruza

✅ Bamwe mu biyunguruza twaganiriye barashima kubona imiduga yunguruza abantu baduga mu ntara za ruguru yoroherejwe mu kuronswa ibitoro. Ngo bahora batanga amafaranga menshi mu kwiyunguruza nko mu ntara ya Cankuzo bakariha ayarenga ibihumbi 30, kandi ayazwi n'amategeko ari ibihumbi 18, bagasaba ko abajejwe intwaro n'umutekano bobafasha kugira ngo ntihagire abashoferi basubira kurenganya abantu bitwaje ngo nta bitoro bihari

🤌🏾 N'abakora akazi ko kwunguruza abantu ni ko kw'uko. Kubwabo, kubona bagiye kworoherezwa bakaronswa ibitoro minsi yose uko bafashe urugendo ngo ni akarusho kanini cane, kuko benshi muri bo bahora birirwa bicaye kubera kubura ibitoro. Ubu rero ngo bagiye kugira ahagengwe, nta n'imishwano izosubira kwaduka hagati yabo n'abiyunguruza bapfa ibiciro

🎙️ Minani Bosco arongoye ishirahamwe ryo gutwara abantu n'ibintu , ati: "Amashirahamwe menshi yunguruza abantu yari yarabitse imiduga kubera ukubura ibitoro, ubu rero abiyunguruza bagiye kuronka imiduga vyoroshe kandi ku biciro vyemewe y'amategeko"

📌 Kubw'uyo arongoye ishirahamwe ryo gutwara abantu n'ibintu rero, aratera akamo abajejwe in

🤣🤣🤣🤣🤣 n akabirya kabisa 👇👇👇👇👇
15/04/2025

🤣🤣🤣🤣🤣 n akabirya kabisa 👇👇👇👇👇

Kaze mukurikirane ibiganiro vyiza bica kuri SOMO ONLINE 257. Ni ibiganiro bishimikiye kw'iterambere ry'abenegihugu cane cane Urwaruka. Turiga ibintu bitanduk...

15/04/2025

Kaze mukurikirane ibiganiro vyiza bica kuri SOMO ONLINE 257. Ni ibiganiro bishimikiye kw'iterambere ry'abenegihugu cane cane Urwaruka. Turiga ibintu bitanduk...

🔴Kuri uyu wa 9 Ndamukiza 2025, Umukuru w'Inama Nkenguzamateka  , yafashe urugendo rumushikana i Seoul mu gihugu ca Korey...
10/04/2025

🔴Kuri uyu wa 9 Ndamukiza 2025, Umukuru w'Inama Nkenguzamateka , yafashe urugendo rumushikana i Seoul mu gihugu ca Koreya y'Epfo , akaba yitavye inama mpuzamakungu yo mu mwaka wa 2025 iraba amahoro n'iterambere rya kiremwa muntu, yatunganijwe n'Urunani ruharanira amahoro kuri bose ikazoba kuva itarike10-14 Ndamukiza 2025, ku civugo :"Ibibazo nyamukuru bihanze isi muri kino gihe: ugutanguza ikiringo gishasha c'amahoro no gutera imbere."
Bakazorabira hamwe indyane zihanze isi kuva mu mwaka w’2022.


🙆🏽‍♂️ "Aha wosanga hari bamwe mu bashingamateka bafatiwe mu rudandazwa rw’ama 'devise' n’ibitoro binyegeje"-------------...
10/04/2025

🙆🏽‍♂️ "Aha wosanga hari bamwe mu bashingamateka bafatiwe mu rudandazwa rw’ama 'devise' n’ibitoro binyegeje"
-------------------------
👆🏽Ivyo vyashikirijwe na Gélase Daniel Ndabirabe, umukuru w’Inama Nshingamateka, hari kuri uyu wa 10 Ndamukiza 2025, aho Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere, yariko ashikiriza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka ingene Reta y’Uburundi yakoresheje amafaranga mu mezi 6 agize igice ca mbere c’umwaka w’amafaranga wa 2024-2025, mu ngoro y’Inama Nshingamateka mu Kigobe

🚚 Gélase Daniel Ndabirabe ati : "Abarundi baguma barira ngo barakenye ariko baguma baduza amagorofa. Imiduga ikomakomeye baguma bagura. Bavuga ko ata ma 'devise' ahari, ariko ama camion yabo aguma asohoka igihugu kuzana imizigo.”

🤔 Yibaza ati: “None mu kugura iyo mizigo hanze, bakoresha iki? Ayo ma devise abuze muri Reta no mw’ibanki y’igihugu, ubwo ntari mu mifuko y’abenegihugu? Ko iyo miduga iguma itembera, ibitoro babikura hehe? Ubwo ntibabinyegeza mu mazu yabo?”

💰Yaciye asaba abashingamateka ati: “Umunsi umwe muzosabe uberanganzira bwo kuja gusaka abenegihugu mu makaritiye murabe ko ata bitoro n’amafaranga y’agaciro banyegeje mu mazu yabo”

😳 Yabandanije avuga ati: “Ndabona muciye mukanya, ntan’uwongeye kuvuga. Nagira ngo mwari guca mwishura muti ‘ego’?”

⛽ “Igihe umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu aheruka hano, mwaguma mumupakira ibibazo muti: ‘Zana ibitoro’. Nagira mwoja ku rubuga mukamufasha mukamwereka ingene yobizana”

🤷🏽‍♂️ “Muciye muhora, aho wosanga hari bamwe mu bashingamateka bafatiwe mu rudandazwa rw’ama devise n’ibitoro binyegeje”

🤗 Musomyi, ubivugako iki?

💰 Umukuru w’Inama Nshingamateka ati: "Kury’ideni ni vyiza ariko ukaba uriko urivyaza umusaruro"------------------👆🏽 Ivyo...
10/04/2025

💰 Umukuru w’Inama Nshingamateka ati: "Kury’ideni ni vyiza ariko ukaba uriko urivyaza umusaruro"
------------------
👆🏽 Ivyo Daniel Gélase Ndabirabe yabishikirije hari kuri uyu wa 10 Ndamukiza 2025, aho Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere, yariko ashikiriza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka ingene Reta y’Uburundi yakoresheje amafaranga mu mezi 6 agize igice ca mbere c’umwaka w’amafaranga wa 2024-2025, mu ngoro y’Inama Nshingamateka mu Kigobe

🏗️ Ndabirabe agira ati: "Iyo usavye ideni kugira ngo urishire mu vyunguka, rizana inyungu. Ariko biracagoranye mu kuko ayo madeni nitwayatora, tuzoya géra gute ? Tuzotora ideni, abagabo 4 canke abakenyezi 5 bace bayaguramwo imiduga ?"

🇺🇸 Yatanze akarorero ati: "Reta Zunze Ubumwe za Amerika ni co gihugu ca mbere gifise amadeni menshi kw’isi, ariko kiyashira mu bintu vyunguka, maze ayo madeni akakizanira inyungu"

✍🏽 Yasozereye akebura ati: "Birakenewe ko dusaba ideni kugira ngo rituzanire inyungu. Atari uko, iryo deni rizohinduka uruhombo. Nyakubahwa mushikiranganji wa mbere, muracafise igikorwa co kwigisha abo mutwara ingene bayakoresha"

❓ Musomyi, ubivuzeko iki ?

📸: ©

Tundu Lissu utavuga rumwe na leta ya Tanzania yatawe muri yombiImpirimbanyi ziharanira uburenganzira bwa muntu zagiye zi...
10/04/2025

Tundu Lissu utavuga rumwe na leta ya Tanzania yatawe muri yombi

Impirimbanyi ziharanira uburenganzira bwa muntu zagiye zishinja ubutegetsi bwa Perezida wa Tanzania Samia Suluhu Hassan kwibasira abatavuga rumwe na bwo, mbere y'amatora ateganyijwe kuba mu Kwakira (10) uyu mwaka. Leta irabihakana.

Soma inkuru irambuye ukanze hano: https://bbc.in/43HkyVz

Ifoto yatanzwe n'ishyaka CHADEMA

🔗  : kubera agashavu ko kudatunganirizwa, abakozi bahora bakorera mw'ishirahamwe rihingura ifarine   (Ngagara Grain Mill...
08/04/2025

🔗 : kubera agashavu ko kudatunganirizwa, abakozi bahora bakorera mw'ishirahamwe rihingura ifarine (Ngagara Grain Milling Company) baheruka kwugaranira mu nzu abakoresha
-----------------------
🔰 Ni abakozi barenga 36 bamwe bakora hamwe n'abahora bakorera mw'ishirahamwe rihingura ifu y'ifarine bahawe amakete yo kubirukana mu kazi kuva mu mwaka wa 2018, ico gihe barasavye ko mu kwirukanwa botekererwa nk'uko amategeko agenga abakozi n'akazi abivuga, ariko abo bakoresha babo bararahira, nikwo kurondera ababumviriza harimwo n'abari bavuye mu biro vy'umukuru w'igihugu barabumvikanisha naho ataco vyahinduye!

🎙 Nk'uko bavyigana rero, ngo bamaze kubumvikanisha basanze abo bakozi bazohabwa imiriyoni zirenga 45 baca bagiranira amasezerano n'iryo shirahamwe ko mu minsi ya vuba bazobaha amafaranga yabo, ariko amaso ahera mu nzira, abakozi bamwe batangura kwirukanwa ku buryo gushika ubu nyene muri abo 36 abasigaye mukazi ari 4 gusa

👥 Nk'uko babandanije bavyigana , ngo kw'igenekerezo rya 24 2024 umushikiranganji ajejwe abakozi n'akazi yarishikiye kuri iryo shirahamwe agiye kubumvikanisha, ico gihe ngo yari yabahaye indwi zitarenga 3 ko ico kibazo kizoba catorewe umuti, ariko ngo bararindiriye amaso ahera mu nzira, akaba ari yo mpamvu bari bahisemwo kwugaranira mu nzu abayobozi b'iryo shirahamwe bose kw'igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2025 kugira ngo bahebe batunganirizwe, bakaba barahamagaye umushikiranganji ajejwe abakozi n'akazi kugira ngo asubire arabe ko yobafasha bakaronswa udufaranga twabo, ariko ntiyashoboye kuhashika. Umwe mu bajejwe intwaro y'ahakorera iryo shirahamwe akaba ari we yabumvikanishije baca babona kubugururira, baca bumvikana ikiringo c'indwi 2 kugira ngo iryo shirahamwe rizobe ryabatunganirije ariko n'ubu bakaba batavyizeye

😢 Igitera agahinda abo bakozi bose rero, ngo ni uko ivyo bumvikanye kuva muri 2018 harimwo n'umugwi w'abavuye mu biro vy'umukuru w'igihugu ata kintu na kimwe bigeze bafashwa, gushika n'aho haza u

😱😱😱 Karabaye ibiciro bigiye kwiyongeraaa😱😱😱😎😎
07/04/2025

😱😱😱 Karabaye ibiciro bigiye kwiyongeraaa😱😱😱😎😎

Kaze mukurikirane ibiganiro vyiza bica kuri SOMO ONLINE 257. Ni ibiganiro bishimikiye kw'iterambere ry'abenegihugu cane cane Urwaruka. Turiga ibintu bitanduk...

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Somo Online 257 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category