02/12/2024
: Kuri rino genekerezo rya 02 Kigarama 2024, Inama Nshingamateka yakoranye aho hari haramutse hatanguzwa icese ibikorwa vy'isasa risanzwe rya Kigarama umwaka wa 2024.
Nyeniteka Gelase Daniel Ndabirabe, Umukuru w'Inama Nshingamateka y'Uburundi, yamenyesheje ko muri buno buruhuko bw'ukwezi kwa Munyonyo 2024 Abashingamateka bahoramwo bifadikanije n'abenegihugu babatoye mu bikorwa bitandukanye vy'iterambere rusangi mu ntumbero yo kubarongora mu kubereka inzira yo gushika kuri ya mbonakazoza y'igihugu cifashe mu mwaka wa 2040 hamwe n'igihugu giteye imbere mu mwaka wa 2060.
Nyeniteka yabandanije ashikiriza ko abagize Ibiro vy'Inama Nshingamateka, bifadikanije n'abarongoye igihugu aho urumuri rw'amahoro rwatangujwe icese ku ncuro igira 18 mu ntara ya Cibitoke, ku kibuga c'i Buganda, bongera baraja mw'isozerwa ry'ibikorwa vy'urwo rumuri kw'igenekerezo rya 30 Munyonyo 2024, ku kibuga c'i Gatwaro mu ntara ya Kayanza. Abo bagize Ibiro vy'Inama Nshingamateka y'Uburundi barishikiye mu ntara batowemwo za Kayanza, Muyinga na Muramvya.
Abubahwa Abashingamateka baritabiriye amanama y'amanama mpanuzwajambo, mu ma komine yagutse baturukamwo, kugira ngo bashireho vy'imfatakibanza integuro nshasha y’imigambi y’iterambere rya komine (PCDC mu rurimi rw'igifaransa).
Abashingamateka bahurikiye mu mugwi wamaho mu Nama Nshingamateka mu vyo ujejwe harimwo ubutunzi hamwe n'abakozi bo mu Nama Nshingamateka barakurikiranye inyigisho zatanzwe n'ikigo ENA, bafashijwe n'ishirahamwe PNUD; ivyo bikorwa vyabaye kuva kw'igenekerezo rya 26 gushika ku rya 29 Munyonyo 2024.
Muri rino sasa rero risanzwe rya Kigarama, Inama Nshingamateka izokwiga integuro z'amabwirizwa atandukanye :
- integuro y'ibwirizwa inomero 1/09 ryo ku wa 13 Munyonyo 2020, rijanye n'itunganywa ry'ubuzi bwa Reta.
- integuro y'ibwirizwa rijanye n'ikurwaho ry'impapuro z'inzira z'icubahiro hagati y'ibihugu vya Zambiya n'Uburundi. Hariho n'izindi nteguro z'amabwizwa zitandatu ziri ku rutonde rw'izizokwigwa muri iryo sasa risanzwe.
Kubera ko Uburundi bwimirije amatora mu mwaka uza wa 2025, Umukuru w'Inama Nshingamateka yasavye abenegihugu, inzego z'igihugu zose kwitanga kugira ngo ayo matora azogende neza, aca aboneraho akaryo ko gusaba inzego zijejwe umutekano no kwivuna abansi kurikanura mu gucungera umutekano kugira ngo ntihagire intovyi ziwuhungabanya.