𝗦𝗲𝗲𝗻

𝗦𝗲𝗲𝗻 Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from 𝗦𝗲𝗲𝗻, Digital creator, Avenue du large, Bujumbura.
(3)

24/03/2025

: Umunya Gitega yakoze imbabura nyabwonko

22/01/2025

​ : Ni inkuru nziza ku benegihugu basanzwe bakoresha ifaranga ritagaragara ​ canke ifaranga rishingiye k'ubuhinga bwa ​ aho ishirahamwe ​ Ecosystem Company ryuguruye ibikorwa vyaryo bijanye n'ubwo buhinga ngaha mu gisagara ca ​.

Miss Kayanza 2025 yaraye itahanywe na Iradukunda Philippinia Rya higanwa ry'umukobwa mwiza kandi aciye  ubwenge ryaraye ...
01/01/2025

Miss Kayanza 2025 yaraye itahanywe na Iradukunda Philippinia

Rya higanwa ry'umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge ryaraye rirangiye mw'ijoro ryo kuri uri uyu 31/12/2024.

Mu bigeme 14 bari basigaye lw'ihiganwa, Miss Kayanza wa 2025 yabaye Iradukunda Philippinia.

Icababa ciwe ca mbere yabaye Inarukundo Nina Kelly
Icababa ca kabiri yabaye Izere Santa Klenia nayo Miss Populaire aba Iradukunda Audrey.

đź”´Inyuma y'imyaka 17 abasirikare b'abarundi baja kugarukana amahoro muri Somaliya, birahagaze. Ico gikorwa c'ingabo z'Ubu...
29/12/2024

đź”´Inyuma y'imyaka 17 abasirikare b'abarundi baja kugarukana amahoro muri Somaliya, birahagaze. Ico gikorwa c'ingabo z'Uburundi giherana na 2024.

Kuva muri nzero 2025, ibihugu bizoba biriko bifasha kugarukana amahoro muri Somaliya, bizoba biri mu murwi AUSSOM (African Union Support and Stabilisation Mission in Somalia ) ariwe wasubiriye ATMIS yahoze ari AMISOM.

Vyoba vyavuye kukudahuriza ku bitigiri vy'abasirikare b'abarundi borungikwa murico gikorwa. Igihugu c'Uburundi kikaba cashaka kurungika benshi mu gihe muri AUSSOM ho bari bipfuza kubagabanya. Vyaheze hafashwe ingingo yo gukura Uburundi ku rutonde. AUSSOM izoba irimwo abasirikare 11 826 bavuye mu bihugu bitandukanye.

Mu 2007, niho Uburundi bwatangura kurungika abasirikare kugarukana amahoro muri Somaliya.

26/12/2024

Aho ni Mu Carama aho hateye imyuzurira yamazi iturutse kumvura yaguye kuruyu wa 26/12/2024.

IYINKURU TUYIKESHA IKINYAMAKURU LA NOVA BURUNDI : abantu batanu bapfuye bahitanywe n'isanganyaAbo bantu bari mu modokari...
22/12/2024

IYINKURU TUYIKESHA IKINYAMAKURU LA NOVA BURUNDI

: abantu batanu bapfuye bahitanywe n'isanganya

Abo bantu bari mu modokari iriko imanuka mu gisagara ca , iciye mw'ibarabara ry'igihugu inumero indwi. Amakuru atangwa n'igipolisi co ku kirindiro , mu bumanuko bw'igisagara, avuga ko nk'igihe c'isaha cumi, amafire y'iyo modokari yo mu bwoko bwa yanse gufata ica igonga imodokari yo mu bwoko bwa , ica iraka.

Abantu batanu bapfiriye aho nyene, abandi beshi bakomeretse bajanwa ku bitaro bitandukanye vyo mu gisagara ca . Iryo sanganya ryabaye ku muhingamo wo kuri uwu w'Imana.

🖊️La Nova Burundi

 : Ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 10 Kigarama 2024, niho haba ibirori vy'ukurahira icese kw’Umushin...
10/12/2024

: Ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 10 Kigarama 2024, niho haba ibirori vy'ukurahira icese kw’Umushingamateka Nestor Ntahontuye, aherutse kugenwa ngo abe Umushikiranganji w’ikigega ca Reta no gutunganya ubutunzi bw’igihugu. Mu ndahiro yiwe imuha gushikira ayo mabanga, yiyemeje ko atazotirigana ku Masezerano y’ubumwe bw’Abarundi, kw’Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi n’ayandi mabwirizwa. Mu bindi yiyemeje kandi harimwo ko azoharanira atiziganya ineza y’Uburundi n’Abarundi.

Indahiro yiwe imbere y’Umukuru w’igihugu, imbere y’Inama Nshingamateka n’imbere y’Inama Nkenguzamateka, ikaba yakiriwe na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro rya Repubkila y’Uburundi, nk’uko biri mu ngingo yaryo ya 138.

Ivyo birori vyari vyitabwe kandi n’abandi bubahwa uhereye ku Cegera c’Umukuru w’igihugu, Umushikiranganji wa mbere, Abakurubakuru mu rwego rw’ubutungane, Abakurubakuru mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi, Abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi no mu karere, Abagize Reta y’Uburundi, n’abandi.

  : Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE ahejeje guhindura Umushikiranganji w’ikigega ca Leta.Audace NIYON...
09/12/2024

: Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE ahejeje guhindura Umushikiranganji w’ikigega ca Leta.

Audace NIYONZIMA akaba asubiriwe na Hon Nestor NTAHONTUYE.


Umushiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire n'ayandi makungu Albert Shingiro, kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 03...
03/12/2024

Umushiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire n'ayandi makungu Albert Shingiro, kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 03/12/2023 niho yateye umukono ku masezerano yemeza ingabire ingana n'amafaranga imiriyoni 100 y'amafaranga y'abashinwa (100.000.000) aciye imiriyoni 14 z'amafaranga y'abanyamerika (14.000.000$) akaba yababa imiriyaridi zirenga 98 mu mafaranga y'amarundi muri kino gihe.

  : Kuri rino genekerezo rya 02 Kigarama 2024, Inama Nshingamateka yakoranye aho hari haramutse hatanguzwa icese ibikorw...
02/12/2024

: Kuri rino genekerezo rya 02 Kigarama 2024, Inama Nshingamateka yakoranye aho hari haramutse hatanguzwa icese ibikorwa vy'isasa risanzwe rya Kigarama umwaka wa 2024.

Nyeniteka Gelase Daniel Ndabirabe, Umukuru w'Inama Nshingamateka y'Uburundi, yamenyesheje ko muri buno buruhuko bw'ukwezi kwa Munyonyo 2024 Abashingamateka bahoramwo bifadikanije n'abenegihugu babatoye mu bikorwa bitandukanye vy'iterambere rusangi mu ntumbero yo kubarongora mu kubereka inzira yo gushika kuri ya mbonakazoza y'igihugu cifashe mu mwaka wa 2040 hamwe n'igihugu giteye imbere mu mwaka wa 2060.
Nyeniteka yabandanije ashikiriza ko abagize Ibiro vy'Inama Nshingamateka, bifadikanije n'abarongoye igihugu aho urumuri rw'amahoro rwatangujwe icese ku ncuro igira 18 mu ntara ya Cibitoke, ku kibuga c'i Buganda, bongera baraja mw'isozerwa ry'ibikorwa vy'urwo rumuri kw'igenekerezo rya 30 Munyonyo 2024, ku kibuga c'i Gatwaro mu ntara ya Kayanza. Abo bagize Ibiro vy'Inama Nshingamateka y'Uburundi barishikiye mu ntara batowemwo za Kayanza, Muyinga na Muramvya.

Abubahwa Abashingamateka baritabiriye amanama y'amanama mpanuzwajambo, mu ma komine yagutse baturukamwo, kugira ngo bashireho vy'imfatakibanza integuro nshasha y’imigambi y’iterambere rya komine (PCDC mu rurimi rw'igifaransa).

Abashingamateka bahurikiye mu mugwi wamaho mu Nama Nshingamateka mu vyo ujejwe harimwo ubutunzi hamwe n'abakozi bo mu Nama Nshingamateka barakurikiranye inyigisho zatanzwe n'ikigo ENA, bafashijwe n'ishirahamwe PNUD; ivyo bikorwa vyabaye kuva kw'igenekerezo rya 26 gushika ku rya 29 Munyonyo 2024.

Muri rino sasa rero risanzwe rya Kigarama, Inama Nshingamateka izokwiga integuro z'amabwirizwa atandukanye :
- integuro y'ibwirizwa inomero 1/09 ryo ku wa 13 Munyonyo 2020, rijanye n'itunganywa ry'ubuzi bwa Reta.
- integuro y'ibwirizwa rijanye n'ikurwaho ry'impapuro z'inzira z'icubahiro hagati y'ibihugu vya Zambiya n'Uburundi. Hariho n'izindi nteguro z'amabwizwa zitandatu ziri ku rutonde rw'izizokwigwa muri iryo sasa risanzwe.

Kubera ko Uburundi bwimirije amatora mu mwaka uza wa 2025, Umukuru w'Inama Nshingamateka yasavye abenegihugu, inzego z'igihugu zose kwitanga kugira ngo ayo matora azogende neza, aca aboneraho akaryo ko gusaba inzego zijejwe umutekano no kwivuna abansi kurikanura mu gucungera umutekano kugira ngo ntihagire intovyi ziwuhungabanya.

  : Prezida william Ruto niwe agiye kuyobora umuryango w'ibihugu bigize EAC akaba asubiriye prezida Salva kiir  wa sudan...
30/11/2024

: Prezida william Ruto niwe agiye kuyobora umuryango w'ibihugu bigize EAC akaba asubiriye prezida Salva kiir wa sudani y'epfo.William Ruto yatowe mu nama igira iya 24 y'umuryango wa EAC yabereye i Arusha muri Tanzaniya.

    : Amafaranga arenga imiriyaridi 110 niyo abura ku yari yitezwe kwinjira mu kigega ca reta mu mezi ane ya mbere y’uyu...
30/11/2024

: Amafaranga arenga imiriyaridi 110 niyo abura ku yari yitezwe kwinjira mu kigega ca reta mu mezi ane ya mbere y’uyu mwaka w’amafaranga (année budgétaire 2024-2025). Umushikiranganji w’ikigega ca reta yabivugiye mu nama yagiranye n’abarongoye abandi mu kigo OBR kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi, kuri uyu wa gatanu. Naho biri uko, Audace Niyonzima ntatomora igitigiri c’ayari yitezwe.

Umushikiranganji Niyonzima yasiguye ko ivyo bica bituma ibikorwa vya reta bicumbagira. Ku bwiwe, insiguro zijanye n’ubukene bw’igitoro n’amafaranga mvamakungu zatanzwe, ku catumye batayegeranya uko vyategerezwa, ntizikwiye. Yahanuye abakozi b’ico kigo kuvananura n’inyifato zimwe zimwe nko kunyuruza amakori n’amatagisi. Yabasavye kandi gukurikirana abatangakori, avuga ko basaba n’abijajaye, kugira amafaranga yose yinjire mu kigega.

Address

Avenue Du Large
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when 𝗦𝗲𝗲𝗻 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to 𝗦𝗲𝗲𝗻:

Share