26/06/2025
ikomeza kutwumiza...
Iy'isanamu iriko iravugwa cane: Uyu mwigeme yafotowe ariko acomoka polisi yo muri Kenya mu migumuko urwaruka rurimwo muri ico gihugu.
📰 Imyiyerekano ikomeye muri iki gihugu ca Kenya yahitanye ubuzima bw’abantu n’inkomere nyinshi kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 Ruheshi 2025, mu gisagara ca no mu yindi mihingo y’igihugu, aho abantu ibihumbi bari basohotse mu mabarabara kwibuka imyiyerekano y’umwaka uheze yaciye ivyara amarira n’amaraso.
Iyo myiyerekano yari igamije kwibuka abishwe muri 2024 igihe abanyagihugu bari bariko bariyamiriza ingingo nshasha z’amategeko y’amahera (loi de finances) hamwe no gusaba ko Perezida William Ruto yotanga imihoho. Mu mwaka uheze, abantu barenga 60 barishwe, abandi baranyuruzwa, bamwe gushika n’ubu ntibaraboneka.
Kuri uyu wa gatatu, imyiyerekano yatanguye mu mahoro, ariko haciye haduka imvururu.
Abari mu myiyerekano batanguye gutera amabuye abaporisi, nabo baca basubiza bakoresheje ivyuka bikoroza amosozi, amazi y’inkono hamwe n’amasasu. Vyavuzwe ko abantu umunani bishwe, abandi barenga 400 barakomereka, harimwo n’abapolisi batatu.
Abari mu myiyerekano bariko bararirimba amajambo nka “Ruto nagiye” kandi bariko barerekana amafoto y’abishwe, abandi bariko baratera amashurwe imbere y’inama nshingamateka. Hari n’abasaba ko “ibiro vya Perezida vyokwugarwa”.
Iyi myiyerekano yatumye amashure n’amaduka menshi yugara, uruja n’uruza mu gisagara ca Nairobi rurahungabana.
Abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’imiryango y’ababuze barasavye ko imyiyerekano yoba mu mahoro, ariko ibintu vyasubiye kuba bibi inyuma y’urupfu rw’umwigisha Albert Ojwang, yapfuye mu kwezi kwa Ruheshi inyuma yo gufatwa n’igipolisi.
🤔